Turi ku munsi wa kabiri igenekerezo rya 27 Mukakaro umwaka w’2024, ncuti namwe bagenzi mwashimye gukurikira Radio inzamba agateka kawe ndabahaye mwiriwe ndabaha n’ikaze murano makuru twabateguriye. Aya nayo akaba agizwe nizi ngingo nkuru nkuru zikurikira.
- Impusha zo kwugurura amavuriro, amazu adandaza imiti hamwe n’amashure yigisha ivy’ubuvuzi zahagaritswe gusubira gutangwa kugira ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bubanze burwanye ubwinshi bwayo mazu butuma hari abikika mu kiza.
- Ishirahamwe OLUCOME naryo riranegura kubona mu bitaro vya leta mu gisagara ca Bujumbura ata na kimwe kirangwamwo icuma scanner gifasha gusuzuma ingwara. Iryo ishirahamwe OLUCOME rikaba ribivuze inyuma yaho habereye isanganya ry’imodoka yunguruza abantu ku munsi wa gatandatu uheze, abakomeretse Babura uko bavugwa mubitaro vya leta, bakaruhira kujanwa mu bitaro vyabikorera ivyabo kandi harimwo bantahonikora.
- Mu ntara ya Makamba havugwa imyidogo y’abanyagihugu bitura commune kuko basabwa amafranga ari hagati y’ibihumbi bibiri na bitanu ku rupapuro rumwe rumwe narondera mu ntwaro. Basaba abajejwe gufata ingingo mu ntara gusubiramwo iyo ngingo ibacinyiza.
- Reka nsubire ndabahe ikaze, mukanya isase amakuru twabateguriye mw’ido n’ido.
Ndasubiye kubaha ikaze,
Ubutare buvugwa ko bwabonetse mw’ishamba rya Murehe muri komine Busoni mu ntara ya Kirundo mu ndwi iheze ngo nta wokwizera ivyo umukuru w’igihugu Varisito Ndayishimiye yashikirije ku bijanye n’ubwo butare. Mu gihe avuga ko Abarundi bagiye kuhatorera akoyoko, bamwe baravyemera kubera inyungu zabo, abandi bakabona ko ari imvugo yo kuryosharyosha abanyagihugu ku mvo zokurondera amajwi mu matora yimirije. Ido n’ido na Eddy claude Nininahazwe.
Eddy claude Nininahazwe arakenuye, mu gisata c’intwaro,
Imyidogo ni myinshi mu banyagihugu batari bake bo muri komine n’intara ya Makamba. Bidoga bavugako amafaranga basabwa kugirango baronke impapuro za ngombwa muri komine ari umurengera. Bivugwako basabwa amafaranga ari hagati y’ibihumbi bibiri na bitanu ku rupapuro rumwe rumwe. Abo banyagihugu basaba abategetsi babijejwe bo hejuru gusubiramwo iyo ngingo ibacinyiza mu bukene barimwo. Ni inkuru ya Joséphine Jones Nkunzimana.
Amakuru twabateguriye tuyabandanyirize mu gisata c’amagara y’abantu,
Impusha zo kugurura amavuriro, amazu adandaza imiti ariyo bita pharmacie hamwe n’amashure yigisha ivy’ubuvuzi yigenga zahagaritswe gutangwa. Iyo n’ingingo yamenyeshejwe kuruyu wa kabiri n’umushikiranganji bw’amagara y’abantu mukiganiro n’abamenyeshamakuru. Umushikiranganji Lyduine Baradahana avuga ko iyo ngingo yafashwe kugira bagabanye ibitigiri vy’ayo mazu yiyongereye kurugero rudasanzwe. Akavuga kandi ko ayandi mazu atari bwasubire gusaba kongerwa uruhusha rwo gukora ku mugaragaro ahagaritswe kuva iyi ngingo ifashwe. Kurikira.
Ishirahamwe OLUCOME riranegura kubona mu bitaro vya leta mu gisagara ca Bujumbura ata na kimwe kirangwamwo icuma scanner gifasha gusuzuma ingwara zidashoka zigaragara. Ivyo ishirahamwe OLUCOME rikaba ribivuze inyuma yaho habereye isanganya ry’imodoka yunguruza abantu ku munsi wa gatandatu iheze rihitana abantu 7, abagera kuri 28 barakomereka. Murabo bakomeretse bamwe bavuriwe mu bitaro vy’abikorera ivyabo kugira bagirishe ibipimo vya scanner mu gihe bamwe bari ba ntaho nikora. Gabriel Rufyiri, arongoye ishirahamwe OLUCOME, akababazwa nuko bamwe mubagira neza batabaye bakajana abakomeretse bashatse gufungirwa kurivyo bitaro. Kurikira.
Gabriel Rufyiri, arongoye ishirahamwe OLUCOME, asaba leta y’Uburundi gutera ibiti ku ma barabara n’ibindi bikoresho vyo kuzibira kugira mu gihe c’imodoka zitaye ibarabara zitaruhukira mu mwonga. Asaba leta kandi ko ibitaro vya leta vyoronswa ibikoresho vya scanner kugira mu gihe c’amasanganya abakomeretse bashobore kwitabwaho neza. Tumukurikire kandi.
Ni kuri iryo jwi rya Gabriel Rufyiri, arongoye ishirahamwe OLUCOME duciye dusozererako amakuru twari twabateguriye kuri uno wa kabiri, reka nshimire mwebwe mwese mwaduteze abiri, nshimire n’abagenzi banje bamfashije kuyegeranya, kuri micro mwarikumwe na Bonfils Niyongere, ndabipfurize kuroraranirwa muvyo murimwo, n’agahwane.