Mwiriwe ncuti namwe bakunzi ba radio Inzamaba agateka kawe kaze mumakuru yo kuruyu musi wagatanu igenekerezo rya 23 Myandagaro umwaka wi 2024. Ayo twabateguriye tuyahera kungingo nkuru nkuru ziyagize.
- Ikiza ca cholera kiramaze kwibonekeza muri zone Gihosha ya commune Ntahangwa mugisagara ca Bujumbura. Abantu bashika 10 baramaze kwandura ico kiza. Abanyagihugu bo muriyo zone bavuga ko ico kiza gituruka kwisuku rike riharangwa kubera hari ikene ry’amazi ridasanzwe.
- Imyidogo ni myinshi mubanyagihugu bafise ubuzi bukenera umuyagankuba muri commune Nyanza lac y’intara ya makamba. Imvo nuko haheze indwi irenga bataronka umuyagankuba. Basaba ishirahamwe Regideso kubafasaha gutorera inyishu ico kibazo.
- Intererano iriko iratozwa n’umugambwe CNDD FDD ikwiye gutozwa abanywanyi b’umugambwe CNDD FDD bonyene gusa. Bisabwa n’umugambwe CODEBU kubera izo ntererano ziriko zitozwa agasakisaki mubantu bose. Uyo mugambwe ukabona ko ata muntu akwiye gutegwa ubwoba ngo atozwe amahera kandi atari umunywanyi wa CNDD FDD. kaze mwese
Ndasubiye kubaramutsa duhere mubijanye n’amagara y’abantu
Haravugwa ikiza ca cholera muri zone Gihosha ya komine Ntahangwa mu gisagara ca Bujumbura. Abantu bashika 10 baramaze kuyandura mu kiringo c’ukwezi kumwe. Abanyagihugu baba mur’iyo zone bavuga ko iyo ngwara yoba yadutse kubera isuku rike riturutse kw’ibura ry’amazi meza riguma ryibonekeza mur’ico gisagara. Abanyagihugu batakambira umukuru w’igihugu c’uBurundi kugira ico afashije ibintu bitarayangara. Iyi nkuru tuyibaze Evelyne Mukeshimana.
Umuhinga mu bijanye n’ingwara zandukira Come Konakuze ahamagarira abanyagihugu kurushirizaho kugira isuku no kumubiri naho baherereye , kugira bikingire iyo ngwara . Leta nayo ayisaba guhimiriza abo banyagihugu kuyikingira , gutorera inyishu ico kibazo c’amazo , no kwiyumvira ingene yogira isekeza ryo gucandaga abanyagihugu. Tumutegamatwi.
Haraheze indwi hibonekeza ubukene bw’umuyagankuba mu gisagara ca Nyanza-lac, mu ntara ya Makamba, mu bumanuko bw’Uburundi. Abanyagihugu bakora ibikorwa bisaba umuyagankuba baridoga. Bavuga ko ubuzima bwanse. Bagasaba ishirahamwe Regideso gutorera umuti ico kibazo. Inkuru ya Jean Marie Ndabashinze.
Turabandanya amakuru twabateguriye mugisata ca politike
Intererano ziriko ziratozwa n’umugambwe CNDD FDD kugira bategure amatora yo mumwaka wi 2025 ikwiye guhabwa intumbero kugira itozwe abanywanyi b’umugambwe CNDD FDD bonyene gusa. Bisabwa n’umugambwe CODEBU. Uyo mugambwe ukabivuga wisunze intererano zimaze imisi zitozwe abantu bose bo muntara za makamba na Rutana n’umugambwe CNDD FDD. Keffa Nibizi arongoye CODEBU agasaba ko ata muntu yoterwa ubwoba kugirango aterere kandi adasanzwe ari mumugambwe CNDD FDD. Kurikira
Mugusozera aya amakuru tuje mubijanye n’uburimyi
Abarimyi bo muri komine n’intara ya Muyinga baridogera ubuyobozi bw’ibidukikije uburimyi n’ubworozi ko bwabacereje kubaronsa umwavu w’’ikizungu kugirango batere mumwonga aho bari barimye. Bavuga ko baronse iyo fumbire bahejeje gutera. Basaba ubwo buyobozi kubaronsa umwavu wo mw’irima ryagatasi hakiri kare kugirango ntibazosubire gucererwa nkuko vyagenze mw’irima ryo mumwonga.Umwe mubakozi bw’ubwo buyobozi arahumuriza abo barimyi. N’inkuru tubaza Josephine Jones Nkunzimana
Arakenuye Josephine Jones Nkunzimana. Ni ngaha duciye dusozerera amakuru twariko turabashikiriza, mwakoze mwebwe mwese mwayakurikiye. Bonfils Niyongere nayabashikirije ndabipfurije kuroranigwa mubanyu no muvyanyu. Naho ubutaha.