Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo kuwa 23 Nyakanga 2024

Publié le 23 septembre 2024 par Rédaction

Ndabahaye mwiriwe ncuti namwe bakunzi ba radio Inzmba agateka kawe kaze mumakuru yo kuruyu musi wambere igenekerezo rya 23 Nyakanga umwaka wi 2024. Ayo twabateguriye tuyahera kungingo nkuru nkuru zikurikira

  • Kubahiriza agateka kazina muntu mu Burundi ngo biracari kure nk’ukwezi. Ivyo nivyashikirijwe n’intumwa idasanzwe ya ONU K’uburundi mugihe yashikiriza kuruyu wa mbere hariya i Geneve icegeranyo ciwe imbere y’inama ya Onu iraba ivy’agateka kazina muntu. Amashirahamwe aharanira agateka kazina muntu nayo nyene arereka ko ihonyangwa ry’agateka ka muntu ribandanya mugihugu ata camira. Abaserukiye leta y’uburundi bo babandanya kuvyiyamiriza ariko ata nsiguro zifashe batanga. Vyose muraza kubikurikira muraya adasanzwe.
  • Mumpera zaya makuru turaza naho tuza kubabwira ibijanye n’inkino aho  Umurwi w’urunani waraye utsinze Dynamo urukino rwa gatatu muri za nkino za play off ziriko ziraba i Bujumbura. Amahirwe mbere akaba ari menshi ko Urunani rutahukana igikombe ca play off kuko hasigaye intsinzi imwe kuri 4 zikenewe. Kaze mwese mw’ido n’ido mukanya.

Ndasubiye kubaramutsa

Intumwa idasanzwe ya ONU ku Burundi yatanze icegeranyo c’agateka kazina mu muntu kigira gatatu kur’uno wa mbere imbere y’Inama ijejwe agateka ka zina muntu hariya I Geneve mubuswise. Fortuné Gaëtan Zongo akaba yerekanye ko agateka ka zina muntu kacifashe nabi cane mu Burundi. Ati kur’ivyo hakaba hiyongera ko ubuzima busigaye buzimvye cane aho bibangamira bidasanzwe abanyagihugu.

Mur’ico cegeranyo, Gaëtan Zongo avuga ko uko ibintu vyifashe mu Burundi bitokunda ko haba amatora atunganye. Iyo ntumwa idasanzwe ya ONU igafatira ku bibazo abarundi bahura navyo mu buzima bwa misi yose, be n’ukutihanganirana muri politike. Dusubire tumukurikire.

Impungenge z’intumwa idasanzwe ya ONU mu Burundi ngo ntizigira ifatiro. Bivugwa na ELSA NKERABIRORI aserukira uBurundi i Génève mu Buswise. Avuga ko iyo ntumwa idasanzwe iterekanye neza icemeza ko agateka ka muntu gashobora guhungabana mu matora yimirije, umvirize

Umugwi w’igihugu w’igenga ujejwe agateka kazina muntu mu Burundi CNIDH  wo uremanga ko hakiri ihonyangwa ry’agateka kazina muntu mu burundi ariko ukavuga ko ukiriko urakora amatahoza akwiye. Chantal Mutamuriza umunyamabanga mukuru wa CNIDH muvyo yashikirije munama y’agateka kazina muntu i Genève asigura ko CNIDH yamye yerekana ugushaka gukorana n’intumwa idasanzwe ya Onu k’uburundi naho leta y’uburundi yo yanse gukorana n’intumwa idasanzwe. Tumukurikire

 

Amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu mu Burundi asaba ishirahamwe umugwi wa ONU ujejwe agateka ka zina muntu, yuko intumwa idasanzwe ya ONU mu Burundi yokongerwa ikindi kiringo.. Umushingwamanza Armel Niyongere, yavuze kw’izina ry’ayo mashirahamwe, aributsa ko urwego rw’intumwa idasanzwe ari rwo rwego rwonyene rwigenga rushobora gukurikira rugashikiriza ibijanye n’ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu mu Burundi. Tumwumvirize

Ishirahamwe mpuzamakungu ritegamiye ama leta rikingira abajejwe agateka ka zina muntu Defend Defenders  naryo risaba ko ikiringo c’intumwa idasanzwe iraba ivy’agateka ka zina muntu mu Burundi cokwongerezwa. Iryo shirahamwe ribona ko ihonyagwa ry’agateka ka zina muntu hamwe n’ukudahana ivyaha biguma vyibonekeza mu Burundi kandi ko bishobora no kwimonogoza mu matora yimirije, risaba  amakungu gukurikiranira hafi ibiriko birabera mu Burundi ibintu bitarayangara. Duregamatwi Nicolas Agostini aserukira iryo shirahamwe mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU.

Mu gihe hariko haraba inama igira 57 ya ONU kubijanye n’agateka ka zina muntu, amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu yararonse akaryo ko gusubira kubwira amakungu ’ibibera mu gihugu kugira amakungu agumize ijisho ku Burundi na cane cane muribi bihe buriko buja mu matora ategekanijwe mu mwaka w’2025 na 2027. Umushingwamanza Janvier Bigirimana yari murizo ntumwa zabonanye n’ibihugu bigize umugwi wa ONU w’agateka ka zina muntu n’amashirahamwe mpuzamakungu akorera k’Uburundi, afise icizere ko amakungu azobandanya akora ibikorwa bizotuma ihonyangwa ry’agateka ka muntu mu Burundi rihagarara, na cane cane biciye mukwongera ikiringo intumwa idasanzwe ya ONU k’Uburundi. Kurikira.

Imbere yo gusozera aya makuru abakunzi b’inkino

Tubabwire ko Umurwi w’urunani waraye utsinze urukino rwa gatatu muri za nkino za play off ziriko zibahuza na Dynamo. Amahirwe mbere akaba ari menshi ko Urunani rutahukana igikombe ca play off kuko hasigaye intsinzi imwe kuri 4 zikenewe. Dynamo nayo ikeneye 3 zose. Turarabira hamwe n’ingene inkino zagenze mu mupira w’amaguru ku ndwi igira 5. Ni mugihe umurwi wa Rukinzo waraye ukuye meza mu nkino z’igikombe ca CAF. Inkuru ya Alexandre Niyungeko.

Arakenuye Alexandre Niyungeko, aha niho duciye dusozerera amakuru twariko turabashikiriza, mwakoze mwebwe mwese mwayakurikiye. Bonfils Niyongere nayabashikirije ndabipfurije kuroranigwa mubanyu no muvyanyu. Naho ubutaha.

 

Ibindi bisa n'ibi