- Hari ikiziga c’umuntu w’umugabo w’imyaka hafi 30 catowe mu gatondo ko kuri uwu wa kane ku musozi Mushonge , komine Nyamurenza n’intara ya Ngozi . Uwo muntu ntiyashoboye kumenyekana kubera ko ata kimuranga na kimwe bamusanganye . Abajejwe intwaro muri iyo komine bakavuga ko amatohoza yatanguye kugira umwidondoro w’uwo muntu umenyekane hongere hamenyekane n’icamwishe .
- Umumenyeshamakuru w’ikimenyeshamakuru IWACU akorera mu ntara ya Gitega Jean Noel Manirakiza yaraye aburabujwe arahohoterwa n’ibikoresho vy’akazi vyiwe birafatwa na komiseri w’igipolisi muri iyo ntara Evariste Habogorimana . Uwo mumenyeshamakuru Jean Noel Manirakiza avugako adatahura igituma yahohotewe , agasabako yosubizwa agateka n’ibikoresho vyiwe .
- Mw’itangazo ikinyamakuru IWACU casohoye kuri uno wa kane , kiriyamiriza iryo terabwoba ryakorewe umumenyeshmakuru waco , kandi rigakorwa n’uwari ajejwe gukingira umutekano w’abanyagihugu bose . Ikinyamakuru IWACU gisaba ko ibikoresho vyuwo mumenyeshamakuru vyosubizwa vuba na bwango, hanyuma hakaba amatohoza abagirizwa iryo hohoterwa ry’uwo mumenyeshamakuru bagahanwa hakurikijwe amategeko. Ikinyamakuru IWACU cibutsako umutekano w’abamenyeshamakuru ubwirizwa kwubahirizwa mu kazi kabo ka misi yose.
- Abanyeshure b’abigeme babiri bo kw’ishure ryisumbuye Lycée Kayanza baraye mu gasho ka komisariya y’igipolisi mu Kayanza. Abo banyeshure biga mu mwaka wa nyuma mu gisata c’inderabigisha, bari bahejeje kwirukanwa kur’iryo shure. Mu gihe bariko begereza mu miryango yabo, igipolisi carabafashe kibata muri yompi. Bikanavugwa ko ata kintu bari basize bononye. Abatari bake hari mwo n’abavyeyi babo bakaba banegura iyo nyifato.
- Abasirikare b’uburundi bapfunzwe bagirizwa kugumukana ababatwara banka kuja kurwanya umuhari M23 uyu munsi wabaye uwakabiri baburanishwa imbere ya sentare ya Gisirikare Auditorat militaire munyubakwa z’ibohero rya Rutana. Umushikirizamanza wa gisirikare ivyaha abagiriza barabihakana ahubwo bagasaba kurekurwa no kurenganurwa bagasubizwa mukazi.
- Turi kuwa kane igenekerezo rya 23 Rusama umwaka2024 imyaka icenda neza neza irarumanye Zedi Feruzi yararongoye umugambwe UPD Zigamibanga agandaguri we muri zone Ngagara mugisagara ca Bujumbura azize kw,iyamiriza ikiringo ca gatatu ca Presida Nkurunziza Chauvineaux Murwengezo arongoye umugambwe UPD zigamibanga akavuga ko bibaje gushika ubu ubutungane ataco bw,igeze bukora kugira abakoze ako kabi kabishe bamenyekane ari naco gituma bafisemwo gutaka sentare mpuzamakungu mpana vyaha..
- Chauvineaux Murwengezo asaba ubutungane kw,ikubita agashi bugakora amatokoza kubijanye n,abantu bose bishwe bazira ikiringo ca Gatatu ca Nkurunziza.Ngo bitebe bitebuke abakoze ivyaha nkivyo vyamaraso ubutungane buzobakubita intahe mugahanga.