Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo kuwa 24 Gitugutu 2024

Publié le 24 octobre 2024 par Rédaction

Ndabahaye mwiriwe ncuti namwe bakunzi ba radio Inzamba agateka kawe kaze mumakuru yo kuruyu musi wakane ignekerezo rya 24 Gitugutu umwaka wi 2024. Amakuru twabateguriye tuyahere kungingo nkuru nkuru ziyagize

  • Akamo k’umukuru w’igihugu Varisto Ndayishimiye gahamagarira abarundi kwiyandikisha kugira baronke uburenganzira bwo gutora ngo ntaco kamaze kuko abarundi bishwe n’ubukene n’inzara batewe n’umugabwe Ndayishimiye aturukamwo. Umuhari MAP Burundi ukabona ko ata kamaro ko kuguma abarundi batora ababasubiza mu bukene nkubwo barimwo.
  • Amakungu nayo arahimbaza kuriri genekerezo rya 24 Gitugutu umusi wahariwe kugwanya indwara y’ubukangwe. Uyu musi ngo ushitse mu Burundi bageze kuntambwe ishimishije mukugwanya iyo ndwara. Ariko mubushikiranganji bw’amagara y’abantu basaba abavyeyi gukurikiza ikirangamisi co gucandagisha abana babo iyo ndwara.
  • Imyidogo nayo ni myinshi mu mpunzi z’abarundi zo mw’ikambi ya Nyarugusu. Zidogera abarongozi b’ikambi ko barihisha amahera menshi impunzi zifise umugambi kwubaka urugo rwabo. Izo mpunzi zikavuga ko amahera yo kubwaka basanzwe bayatangirwa n’ishirahamwe HCR. Kaze mwese mw’ido n’ido ni mukanya

 

Ndasubiye kubaramutsa duhere mubijanye na politike

Akamo gaherutse guterwa n’umukuru w’igihugu Evaritse Ndayishimiye aho ahamagarira abarundi kwiyandikisha ngo bazitabe amatora ngo ntaco kamaze.  Uko niko bibonwa n’Umuhari MAP Burundi buhire. Uyo muhari ukavuga ko umugambwe uri k’ubutegetsi CNDD FDD ataco wamariye abarundi atari kubashira mubukene butagira izina. Emery Pacifique Igiraneza arongoye umuhari MAP Burundi asigura ko muri demokarasi abashaka kuja kubutegetsi bereka abanyagihugu imigambi itomoye. Iyo babishitseko ikiringo giheze barabongera iyo naho bababeshe bakabasezera. Tumukurikire

Umuhari MAP Burundi Buhire ubona ko amatora y’imirije ari inkinamico ugahanura nyabuna Leta kwemera kw’icarana nabo bose batavuga rumwe ariko bafise ivyiyunviro vyotuma uburundi bushayuka. n’ubu nyene dukurikire Emery Pacifique Igiraneza

Tubandanye aya makuru mugisata c’amagara y’abantu

Kuriri genekerezo rya 24 Gitugutu amakungu arahimbaza umusi wahariwe kugwanya indwara y’ubukangwe. Mu bushikiranganji bw’amagara y’abantu mu Burundi barashima aho urugamba rwo kugwanya iyo ndwara rugeze ariko bakavuga ko itaratuzwa burundu. Pascal Ndayongeje yaserukiye ubushikiranganji bw’amagara y’abantu mukiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuruyu musi asigura ko iyo ndwara yari yasubiye kwibonkeza mu Burundi mumpera zumwaka uheze ariko ko abana barenga ibice 90 kwijana bashoboye gucandagwa. Agasaba abavyeyi kwirinda iyo ndwara ibabaza cane mugucandagisha abana babo hakiri kare. Tumukurikire

Radio Inzamba turabandanya amakuru twabateguriye

Indwi yose iraheze ata n’ima ry’amazi rikorotse mu mabombo muri zone Cibitoke ya komine Ntahangwa mu buraruko bw’igisagara ca Bujumbura. Abanyagihugu bagatinya ko boshobora kwandura ingwara zifatiye kw’isuku rike nka kolera, amacinya n’izindi. Abi banyagihugu bo muriyo zone basaba ko leta yotorera ico kibazo kidasanzwe mumaguru masha. Iyi nkuru tuyibaze Audace Nimbona

Arakoze Audace Nimbona

lmbere yo gusozera aya makuru dukubitire mugihugu ca Tanzaniya

Impunzi z’abarundi ziba mw’ikambi y’i Nyarugusu mu gihugu ca Tanzaniya zipfuza kwubaka izabo ziridoga,  zibabazwa nuko, kugirango izo manza zemegwe,  abakuru biyo kambi bazaka amafaranga menshi badashobora kuronka kubera ubukene. Basabako ishirahamwe riraba ivy’impunzi HCR , kubaronsa uburyo iyo hageze izo manza  nkuko ribikora ahandi. Iyo nkuru tuyibaze Jean Georges Kibogora.

Arakenuye Jean Georges Kibogora, ni ngaha duciye dusozerera amakuru twariko turabashikiriza, mwakoze mwebwe mwese mwayakurikiye. Pierre Gahungu nayabashikirije ndabipfurije kuroranigwa mubanyu no muvyanyu. Naho ubutaha

Ibindi bisa n'ibi