Turi kuwa kane nigenekerezo rya 25 Mukakaro umwaka 2024 ncuti namwe bagenzi mwashimye gukurikira Radiyo Inzamba Agateka kawe ndabahaye mwiriwe canke mwaramutse bivanye naho muherereye . Iri ni rya sango ryamakuru mukirundi mushikirizwa na jewe Bonfils Niyongere nayo akaba agizwe n’izi ngingo nkuru nkuru zikurikira
- Naho leta yafashe ingino yo kugabanya ibitigiri vyabanyororo bapfungiwe mubusho butandukanye ikemera kurekura abejejwe n’ubutungane canke barangije icagatatu c’ibihano, ibitigiri vy’abanyororo bapfungiwe mubusho butandukaye biracari hejuru cane.Iruhande y’ivyo agateka kabanyororo kadandanije gahonyangwa.Ivyo biri mucegeranyo ca mezi atatu c’akozwe n’ishirahamwe ACAT BURUNDI murano makuru muraza kuvyunva.
- Ikena ry’ibitoro ry’ibonekeza hirya no hino mugihugu ngo hamwe leta itokwicarira ico kibazo ibintu bizoyangara mugihugu.Ivyo n’ibishikirizwa na Faustin Ndikumana arongoye ishirahamwe parcem aho avuga ko n’amatagisi leta yahora itoza izoyabura.
- Umushikiranganji wambere Gervais Ndirakobuca asaba amashirahamwe yishinze gushumbusha abashikiwe ni’mpanuka gukora ibishoboka kugira aborohereze.Ivyo yabivuze kuruno wakane igihe yararamutse y’ugurura indwi yahariwe ayo mashirahamwe.Aya n’ayandi ni mukanya.
Ndasubiye kubaramutsa ndabaha nikaze.
Ano makuru tuyahere mugisata c’amagara y’abantu.Abantu batatu bari bakiriwe kubitaro vy’umwami Khaled, ku bitaro vy’abasirikare mukamenge be no kubitaro vyo muri commune Isare y’intara ya Bujumbura baratowe kw’igenekerezo rya 22 mukakaro indwara y’akaranda y’ibihara vy’inguge bita mugifaransa Variole de singe. Vyamenyeshejwe kuruyu wakane mw’itanganzo ryasohowe n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu. Muganga Lyduine Baradahana umushikiranganji w’amagara y’abantu avuga ko iyo gwara yandukira cane kandi yica n’ingonga iyo umuntu atayivuje kare. Uyo mushikranganji agahamagarira abarundi bose n’abanyamahanga kuhabiriza ingingo zo kwikingira ico kiza. Kurikira
Tubandanirize mubijanye n’agateka kabanyororo.Agateka ka banyororo kabandanije gahonyangwa muri aya mezi atatu aheze aho abanyororo baborejwe igufa hirya no hino munabohero atandukanye abandi babura infungurwa ,hatibagiwe ubwinshi n’isuku riko ryaho barara ,hatibagiwe nuko bigorana kugira abakitswe n,amagara bashobore kuronka impusha zo kuja kwa muganga .Ivyo biri mucegeranyo cakozwe n’ishirahamwe ACAT BURUNDI kubijanye n,ihonyangwa ry’agateka ka banyororo muri aya mezi atatu aheze. Tega amatwi jean claude Ntiburumunsi ajejwe igisata kijanye n’amategeko mw’ishirahamwe ACAT.
Jean claude Ntiburumunsi avuga ko naho leta yatanguje umugambi wo kugabanya abanyororo bapfungiwe mumabohero atandukanye n,ubu ibitigiri vyabanyororo bikiri hejuru cane uavye n,aho baba bapfungiwe. N’ubu nyene tumukurikire.
Tumire amate hama duce tubandanya n’amakuru twabateguriye.
Amashirahamwe yishinze gushumbusha ababa bashikiwe n’ivyago bitandukanye , ngo yabwirizwa kwiga ingene yokworohereza abanyagihugu bafise amikoro abayabaye , kugirango nabo bashobore kuyitura batavunitse. Ivyo ni ivyasabwe n’umushikiranganji wa mbere Gervais Ndirakobuca . Hari kuri uno wa kane igihe yariko aruguruza icese indwi yahariwe ayo mashirahamwe. Umushikiranganji Ndirakobuca yaboneyeho akaryo ko gusaba ayo mashirahamwe , kwama akora yisunze amategeko y’igihugu . Tumutegamatwi.
Ikena ry’igitoro ricibonekeza mugihugu ririko riratera ingaruka mbi nyinshi k’ubuzima bw’igihugu no k’ubuzima bw’abantu. Ivyo bishikirizwa n’ishirahamwe PARCEM m’umwihwezo ryasohoye kuruyu wakane aho ribona ko ibintu vyunyutse bivuye kwikena ry’igitoro. Faustin Ndikumana arirongoye agatera akamo leta gukora ibishoboka vyose kugira ico kibazo kive munzira vuba bwango bitagenze uko leta nayo izobura ama taxi itonze mubantu kuko ubuzima bwahagaze.Kurikira
Uyo muhinga mubijanye n’ubutunzi asaba kandi leta ko yorondera vyihutigwa ingurane kugira ishireho ibigega bibikwamwo ibitoro vyo muri kazoza. Akavuga ko leta ikwiye gushiraho uburyo bukomeye bwo kurondera amafranga ayifasha gushira mungiro imigambi nkiyo ikomeye mubuzima bw’igihugu. N’ubunyene tumukurikire
Ni no ngaha duciye dusozera ano makuru,nkaba nshimiye mwebwe mwese mwaduteze yompi n,ahubutaha.Ano makuru mukaba mwayashikirijwe na jewe Bonfils Niyongere.