Turi kuwa gatandatu n,igenekerezo rya 24 Myandagaro umwaka 2024 ncuti namwe bagenzi mwashimye gukurikira Radiyo Inzamba Agateka kawe ndabahaye mwiriwe canke mwaramutse bivanye naho muherereye . iri ni rya sango ryamakuru mukirundi mushikirizwa na Pierre Gahungu nayo akaba agizwe n,izi ngingo nkuru nkuru zikurikira
- Umukuru w’umugambwe CODEBU muri komine Ntahangwa akaba anajejwe kw.igisha no gukundisha umugambwe muntara nshasha ya Bujumbura Eric Nduwimana kuva kuruno wagatatu apfungiwe mugasho ka komine Kiganda.Yagirizwa kuba yagiye kw’igisha akarangamutima kumugambwe wiwe aho adasanzwe arangurira ibikorwa vyuwo mugambwe.Kefa Nibizi arongoye umugambwe CODEBU asaba ko yorekurwa kuko ataco ariko arazira.
- Umukuru w’inama nshingamateka Gelase Ndabirabe ahamagarira abanyagihugu gufasha mukwubaka uburaro bw’abanyeshule bo muri kaminuza no kw’ubaka za kaminuza mugihe c’ibikorwa rusangi muntumbero yo gutorera umuti ibibibazo biri muri kaminuza y’uburundi .Gelase ndabirabe avuga ko Leta ataburyo ifise bwo kuronsa uburaro abanyeshule no kubagaburira. Kubwa Dieudonne Bashirahishize yigeze kurongora ishirahamwe rihurikiyemwo abanyeshule ASER ngo kunva umukuru w’inama nshingamateka avuga ibintu nkivyo bisigura ko Leta itagishoboye gutwara igihugu.Muraza kuvyunva muri ano makuru.
- Irwirirana ry’imgwara zandukira z’iri mugihugu nka kolera n’ingwara y’ibihara vy’inguge muri kino gihe ngo ntakindi zivako atari ubukene butagira izina buri mu gihugu.Ivyo bivurwa na Come Konakuze umuhinga muvy’ingwara zandukira kumugabane uri munsi y’ubugararwa bwa sahara..Aya nayandi ni mukanya isase
Ndasubiye kubaramutsa nongera ndabaha n’ikaze.
Ano makuru tuyahere mugisata c’ubutungane.
Eric Nduwimana arongoye umugambwe COBEBU muri komine Ntahangwa akaba kandi ajejwe kw’igisha akarangamutima no gukundisha umugambwe CODEBU mu ntara nshasha ya Bujumbura kuva kuruno wagatatu igenekerezo rya 21 gitugutu apfungiwe mugasho ka komine kiganda.Eric Nduwimana akaba yafatiwe mugatabo n’umwe mubarongoye urwaruka rw’imbonerakure muri komine kiganda avuye mugisagara ca Bujumbura aho asanzwe aba agiye muri komine Kiganda aho asanzwe avuka. Yagirizwa kuba ngo yariko y’igisha akaranga mutima kumugambwe CODEBU mugisata adakoreramwo. Kurikira Kefa Nibizi arongoye Umugambwe CODEBU
Dutandukire igisata c’indero.Leta ngo ntaburyo yoronka bwo guha uburaro no gufungurira abanyeshule bose bo muri kaminuza y’uburundi. Abanyagihugu ngo barakwiye gufata ico kibazo muminwe bakubaka uburaro na za kaminuza aho baherereye mubikorwa rusangi.Leta ngo yoza isahiriza kutuntu dutoya.Ivyo vyashikirijwe na Gelase Ndabirabe umukuru w’inama nshingamateka kuruno wa gatatu igihe umushikiranganji w’indero yariko y’ishura kubibazo vyabashingamateka.Kurikira,
Kuvuga ko leta idashobora kubesha ho abanyeshuri ba kaminuza, iba yiyemereye ko yananiwe gutwara igihugu. iyo n’insiguro ya Dieudonné Bashirahishize, yigeze kurongora ishurahamwe ry’abanyeshuri ba kaminuza y’Uburundi ASER. Ku bw’iwe, igisata c’indero gisigaye ata gaciro gifise, kandi ari co soko ry’iterambere. Dieudonné Bashirahishize akanababazwa n’ingene n’amafaranga agenewe ico gisata yagumye agabanwa.
Dieudonné Bashirahishize abandanya avuga ko ivyo bintu ari ikimenyetso c’uko leta yatitutse. Kandi ko ivyo biytazohinduka abarongoye abanyeshuri badahinduye ingendo, ngo kuko batacubahuka kuvugira hejuru ibibazo nya vyo biraje ishinga abanyeshuri, eka n’Abarundi muri rusangi. Subira mutege amatwe Dieudonné Bashirahishize.
Naho mugisata c’amagara y’abantu,Ubukene butagira izina buri mu barundi muri kino gihe niyo ntandaro nyamakuru y’igwirirana ry’indwara zandukira ziri mugihugu muri kino gihe nka cholera n’indwara y’ibihara vy’inguge. Bisigugwa na Come Konakuze umuhinga mubijanye n’indwara zandukira musi y’ubugaragwa bwa Sahara. Kubwiwe leta yarikwiye gukora isuzuma ryihuta ikaraba ibituma izo ngwara kandi ikarondera inyishu yihuta na cane cane gutanga amazi akwiye mubanyagihugu. Kurikira
N’umwanya w’ikiganiro Kw’isoko. Mu kiganiro c’uno munsi tugaruka ku ntererano ziriko zitozwa ku nguvu n’umugambwe uri ku butegetsi CNDD FDD mu ntara zitandukanye z’igihugu, amafranga agenewe gutegura matora yimirije yo mu mwaka w’2025. « Kw’isoko » mugishikirizwa na Bonfils Niyongere.
Imbere yo gusozera ano makuru tubashikirize amakuru makuru makuru y’anditswe n’ibinyamakuru bitandukanye ku Burundi mukaba mubishikirizwa na Eddy Claude Nininahazwe.
Ni no kuri aya makuru y’anditswe n’ibinyamakuru bitandukanye ku Burundi duciye dusozera ano makuru,nkaba nshimiye bagenzanje banfashije kuyatororokanya.Ano makuru mukaba mwayashikirijwe na jewe Pierre Gahungu……. Mugire aho muba mwubahwe muvyanyu no mubanyu.N’agahwane.