Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo kuwa 24 Ntwarante 2025

Publié le 24 mars 2025 par Rédaction

Turi kuwa mbere n’igenekerezo  rya   24  Ntwarante umwaka 2025 ncuti namwe bagenzi mwashimye gukurikira Radiyo Inzamba Agateka kawe ndabahaye mwiriwe  canke mwaramutse bivanye naho muherereye .Iri ni rya sango  rya makuru mukirundi nayo  akaba agizwe n’izi ngingo nkuru  nkuru zikurikira.

  • Abanyagihugu bo muntara ya Bubanza cane cane abari mumigambwe itavuga rumwe n’uwuri kubutegetsi baratewe umutima uhagaze n ‘amanama y’ ijoro amaze iminsi agirwa n’ abari mumugambwe CNDD FDD. Bavuga ko batazi ico izo nama zigamije
  • Inama Y ‘ umugambwe w ‘ abadasigana Uprona kuruno wa gatandatu uheze yarasibijwe n’ umukuru w ‘umutumba muri zone mparamirundi muri komine Kayanza kandi musitanteri wiyo komine yari yatanze uruhusha.Bariyamiriza uko kutihanganirana muri poltike yabatavuga rumwe n’ umugambwe uri kubutegetsi kwuwo mutware wo munzego zo hasi.
  • Muri komine Makamba naho bamwe mubayobozi bamashule bidogera musitanteri arongoye iyo komine co kimwe n’ uwurongoye indero muri komine Makamba kuba barafashe ingingo yogutoza amafaranga ijana kumunyeshule wese ngo yokuriha amazi akoreshwa mur’ ayo mashule.Bavuga ko iyo ngingo yafashwe atanama n’ ingingo bibaye.

 

Ndasubiye kubaramutsa nongera ndabaha n’ ikaze.Ano makuru tuyahere kunkuru iciye kumasonga.

Umugabo azwi kw’izina rya Emmanuel Mfitiye yanyurujwe mu gatondo ko kuri uyu mbere ku murwa mukuru w’intara ya Gitega. Amakuru ava ngaho I Gitega, amenyeshako yanyurujwe n’abakozi b’iperereza bari mu modoka yo mu bwoko bwa Hilux nk’igihe c’isaha zitanu, bamukuye imbere hafi yo mu rugo iwe, hafi yahari icibutso ca Rwagasore. Ayo makuru nyene, amenyeshako Emmanuel Mfitiye yarasanzwe ari muzabukuru. Ngo yoba yanyurujwe kubera imvo za politike kuko yarasanzwe ari umunywanyi w’umugambwe MSD. Abo mu muryango wiwe bamenyeshako bataramenya iyo yajanywe n’ico ahorwa. Bagasabako boronswa umuco. Uruganda rwa radio Inzamba tukaba tutararonka kuri telephone uwurongoye iperereza mu ntara ya Gitega kugira atange umuco kuriryo nyuruzwa.

Mugisata Ca politike Abanyagihugu bo mu ntara ya Bubanza na cane cane abari mu migambwe itandukanye nuwuri kubutegetsi, barahagaritswe umutima n’inama zikorwa mu masaha y’ijoro, n’abari mu mugambwe CNDD FDD atawuzi ico zigamije. Ayo makenga akunyurwa n’ingene mu ntwaro baguma mu gacerere kandi babibona. Inkuru ya Bonfils Niyongere.

Tukiri muri politike .Inama y’umugambwe w’abadasigana UPRONA yarabujijwe kugira inam n’umukuru w’umutumba ku wagatandatu uheze muri zone Mparamirundi iri muri komine n’intara ya Kayanza. Abo banywanyi b’umugambwe UPRONA bavugako batumva ingene inama yemewe na musitanteri wa komine ibuzwa n’umukuru w’umutumba, biyamiriza ingendo ibandanya yo gutoteza iyindi migambwe itari CNDD FDD. Ni inkuru ya Jean Georges Kibogora.

Sentare nkuru y’intara ya Muyinga yarahanishije ejo k’umusi w’Imana mu ntahe yayo y’ikibiriho umunyororo wo guherayo no gutanga indishi y’akababaro y’imiliyoni 20 umupolisikazi Adija yagiriwe n’icaha co kugandagura mw’ijoro ryo kuwa 5 umubanyi wiwe Eugénie Kawera kandi abishaka amurashe n’inkoho y’akazi. Iyo Sentare yategetse kandi Adija kuzoriha ayandi mahera angana n’imiliyoni 5 azoja mu ikigega ca Reta. Ni urubanza ababanyi n’umuryango wa Nyakwigendera bari barindiranye igishika. Bamwe bakaba batishimiye impoza marira y’imiliyoni 20 ku muvyeyi asize umucance, abana 3 b’amaraso hamwe n’uwo yaratunze.

Imyidogo ni myinshi mubayobozi bamwe bamwe bo mumashule mato n’ ayisumbuye yo muri komine Makamba.Invo akaba aruko musitanteri wa komine Makamba Zuena Irakiza afadikanije na Evariste Nzobonimpa arongoye igisata c’ indero muri komine Makamba baherutse gusohora urwandiko rutegeka abo bayobozi kuriha amafaranga ijana kumunyeshule ngo yo kwishura amazi.Bariyamiriza iyo ngingo bavuga ko yafashwe gihuti huti.N ‘inkuru ya Pacifique Nkeshimana.

Dutandukire igisata c’uburimyi.Abanyagihugu bo muri zone Kiryama ya commune songa n’intara ya Bururi baridoga ko batariko bararonswa ifumbire kubera ko bagirizwa kwerekana ama bons yahinduwe. Abo barimyi bo bemeza ko izo bons bazihawe nama postes hamwe nama coopecs. Bababazwa nuko bariko bazira ubusa mukutaronswa ifumbire mugihe berekana ibisabwa kugira bayironswe. Ido n’ido na Parfait Mudasigana

Nk’uko vyama buri wa mbere, turangirize ku makuru y’inkino yaranze iyi ndwi twaraye dusozereye. I Bujmbura uno munsi hatanguye ihiganwa rya tennis rihuza ibihugu 32. Muri basket naho ihiganwa ku rwego rw’igihugu ryarabandanije: muri ano makuru turabwira uko inkino zagenze.  Mu mupira w’amaguru naho umurwi nserukiragihugu Intamba mu rugamba ku munsi wa gatanu hariya muri Maroc zatsinzwe n’Inzovu za côte d’ivoire igitsindo kimwe Ku busa. Inkuru ya Alexandre Niyungeko

Ni no ngaha kuraya makuru y ‘inkino y ‘abaye mur’iyindwi twaraye dusozereye nkaba nshimiye

mwebwe mwese mwaduteze yompi ngashimira na bagenz’anje umwe wese kugiti ciwe  banfashije kuyabatororokaniriza mugire aho muba mwubahwe mubanyu no muvyanyu. N’agahwane.

Merci de prendre connaissances de nos règles d'usage avant de publier un commentaire.

Le contenu des commentaires ne doit pas contrevenir aux lois et réglementations en vigueur. Sont notamment illicites les propos racistes, antisémites, diffamatoires ou injurieux ; les propos incitant à la haine ou à la violence ; les propos divulguant des informations relatives à la vie privée d’une personne ou utilisant des œuvres protégées par les droits d’auteur (textes, photos, vidéos…) sans autorisation et mention de la source. Les commentaires sont modérés a posteriori par un administrateur du site. Nous vous remercions pour votre compréhension.

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ibindi bisa n'ibi