- Mwiriwe ncutinamwe bakunzi ba radio inzamba agateka kawe kaze mumakuru yo kutuyu mus iwa mbere igenekerezo rya 24 Ruheshi umwaka wi 2024. Ayo twabateguriye tuyahere kungingo nkuru nkuru ziyagize
- Har’umusore w’umurundi yaraye agandaguwe n’abantu bataramenyekana mugihugu ca Zambiya aho yaransanzwe akorera akazi kiwe ka misi yose. Abarundi baba murico gihugu bakaba abafise ubwoba n’amakenga kurubwo bwicanyi bukoregwa abanyamahanga.
- Igihano co gupfungwa umunyororo uri hagati y’imyaka 20 na 30 ni co caririwe kuruyu wamungu abasirikare b’abarundi bapfungiwe muntara ya Rutana bagirizwa kuba baranse kugwanya umuhari M23 ubarizwa muntara ya Kivu y’uburaruko mugihugu ca Congo. Abo basirikare baka biyamiriza urubanza baciriwe aho babona ko ari hagiyemwo akarenganyo kadasanzwe.
- Leta y’uburundi irasabwa gushira mungiro amasezerano yateyeko igikumu y’umuryango w’ubumwe bwa Afrika ajanye no gutsimbataza intwaro rusangi. Bisabwa n’ishirahamwe OLUCOME mukiganiro ryahaye abamenyeshamakuru kuruyu wambere. Iryo shirahamwe rikabona ko hamwe ayo masezerano yoshigwa mungiro yogirira akamaro kanini igihihu n’abanyagihugu murirusangi. Kaze mwese
- Ndasubiye kubaramutsa duhere mubijanye n’umutekano muke. Ikiziga c’umupolisi w’ipete rya premier sergent-major azwi kw’izina rya Lionel Bizoza, caratowe mu gatondo wo kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 23 Ruheshi mu mwonga wahitwa Karonga, ku mutumba Rukoba, muri commune n’intara ya Gitega. Ikiziga cuyo mu polisi kikaba cari kirikumwe n’ipikipiki, aho bamwe bibazako yagize isanganya risanzwe, abandi nabo ko bwoba ari uburyo bwoguhuvya amatohoza kuvyabaye. Urwo rupfu ruremezwa n’abajejwe intwaro ngaho, ariko nabo nyene bakaba badatomora neza icoba caramwishe. Mu gipolisi bamenyeshako amatohoza yatanguye kugira hamenyekane ivyurwo rupfu rw’umupolisi.
- Hari umurundi akiri muto yaba mu gihugu ca Zambia yagandaguwe acumiswe mw’ijoro ryakeye ry’uwa mungu rishira uwa mbere n’abantu bataramenyekana bamusanze aho yakorera urudandazwa. Abarundi baba murico gihugu, basaba amatohoza yigenga kurubwo bwicanyi. Ido n’ido na Evlyne Mukeshimana.
- Tubandanye mugisata c’ubutungane. Urubanza rw’abasirikare 274 bagirijwe bagirijwe kugumuka kuko banse kuja kugwanya umuhari M23 rwarasomwe kur’uyu w’Imana igenekerezo rya 23 ruheshi uno mwaka. Igihano co gupfungwa umunyororo uri hagati y’imyaka 20 na 30 ni co caririwe abasirikare barenga 200 na sentare y’intango ya gisirikare yashashe mw’ibohero rikuru ry’intara ya Rutana. Abo basirikare bakabona ko iyo ngingo yafashwe biturutse ku gitsure c’abarongoye inzego zikuru za gisirikare kandi ko bazunguruza urubanza, iyi nkuru tuyibaze Josephine Jones Nkunzimana
- Leta y’uburundi isabwa gushira mungiro amasezerano y’umuryango w’ubumwe bwa Afrika ajanye no gutsimbataza intwaro rusangi, vyateyeko igikumu kw’igenekerezo rya 30 nzero umwaka w,i 2007 i addis Abeba muri Ethiyopiya. Vyashikirijwe n’ishirahamwe Olucome mukiganiro iryo ryatanze kuruyu wambere. Jean Ndumwimana umuvugizi waryo asigura ko ayo masezerano afise akamaro kanini cane ku gihugu. Muri bimwe muvyo ashingiyeko harimwo kwubahiriza agateka ka zina muntu n’intwaro ibereye. Kubona Leta y,uburundi itarashira mungiro ayo masezerano nuko hariho ivyo ishaka kunyegeza. Tega amatwi jean Nduwimana umuvugizi wa OLucome.
- Jean Nduwimana avuga kandi ko hamwe leta yoshira mungiro ayo masezerano abanyagihugu bohatorera akoyoko kuko bogira uburenganzira budasanzwe bwo gukurikirana ibikorwa vya leta mubisata vyose. Nubu nyene tumwunvirize.
- Mugusozera aya makuru mugisata ca politike. Ivyimburwa bitari bike hamwe n’ibitungwa bitandukanye vyarahawe kuruyu wa gatandatu umuryango w’umukuru w’igihugu inyuma y’igikorane cari catunganijwe muri commune Nyabihanga y’intara ya Mwaro. M’urunani CFOR Arusha rw’abanyapolitike batavuga rumwe na leta baratera ivyatsi iyo ngendo igayitse. Bakabona ko umukuru w’igihugu Varisto Ndayishimiye yigenza nk’umwami ashikanirwa. Frederic Bamvunginyumvira arongoye urwo runani asigura ko iyo ari ingendo y’abantu bikundwakaza k’umukuru w’igihugu kugira baze bashigwe mubibanza vya leta. Bamvunginyumvira akavuga ko ivyo ari ibintu binyuranye n’amategeko vyari bikwiye guhagarikwa n’uwurongoye igihugu naburya abarundi bari munzara izura inzara. Kurikira
- Ni ngaha duciye dusozerera amakuru twariko turabashikiriza mwakoze mwebwe mwese mwayakurikiye, Bonfils Niyongere nayabashikirije ndabipfurije kuroranigwa mubanyu no muvyanyu. Nahubutaha