Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo kuwa 24 Ruhuhuma 2025

Publié le 24 février 2025 par Rédaction

Turi kuwa  mbere  n’igenekerezo  rya  24 Ruhuhuma umwaka 2025 ncuti namwe bagenzi mwashimye gukurikira Radiyo Inzamba Agateka kawe ndabahaye mwiriwe  canke mwaramutse bivanye naho muherereye .Iri ni rya sango  rya makuru mukirundi nayo  akaba agizwe n’izi ngingo nkuru  nkuru zikurikira.

  • Abanywanyi bumugambwe CNDD FDD  bo  muntara ya Makamba ahasanzwe haturuka umunyamabanga mukuru  w’uyo mugambwe Reverien Ndikuriyo yahora akitswe n’ amagara  aja kwivuza mumahanga kuruno wa gatandatu bari baramutse basidukana n’iyonka bagiye kumutegera  aho yari yitezwe muri komine kayogoro avukamwo. Batashe atanumwe amukubise ijisho.
  • Abanyagihugu bo muri karitiye ya Kinanira muri zone Musaga ishavu ni ryinshi biturutse kw’ikubitwa no gusahurwa utwabo vyakozwe n’imbonerakure n’ abamwe mu bapolisi kumunsi wa kane uheze bagarikiwe n’ uzurongoye iyo karatiye. Basaba ko abakoze ako kabi bohanwa.
  • Urunani ruhurikiyemwo abashingwamanza baburanira abashikiwe n’ ivyaha bihanwa n’itegeko mpuzamakungu CAVIB rusaba Leta Y’uburundi guhagarika inyigisho za gisirikare n’ ikwiragizwa ry’ibirwanisho murwaruka rw ‘imbonerakure rukomoka kumugambwe uri kubutegetsi cndd fdd biriko bibera muntara ya Cibitoke bishobora gutuma mugihugu haba ihonyabwoko hamwe atacokorwa .

Ndasubiye kubaha mw ‘irize nongera ndanabaha n’ikaze.

Ano makuru tuyahere muri politike.

Amakenga ni menshi kubanywanyi b’umugambwe CNDD-FDD mu ntara ya Makamba kubijanye n’amagara y’umunyamabanga mukuru Réverien Ndikuriyo. Ivyo babishikirije inyuma yaho batumiriwe kuja kumwakira, muri commune Kayogoro asanzwe avukamwo kuruyu wa gatandatu ariko ntiyigere aboneka. Abo bagumyabanga ba CNDD-FDD bakavugako biriwe kuruzi Mutsindozi rugabura intara za Makamba na Rutana, inyuma yingendo zirezire bafashe, uburuhe n’ikigoyi munda ariko bagataha batamukubise ijisho. Inkuru ya Parfait Mudasigana.

Tuve muri politike tuje mugisata c’ umutekano .Imyidogo ni myinshi mu banyagihugu baba muri quartier ya Kinanira ya mbere muri komine Musaga mu gisagara ca Bujumbura . Ni abanyagihugu bakubiswe barashaya , abandi basahugwa utwabo mu gitero cagizwe mw’ijoro ryo kuwa kane uheze n’imbonerakure zirikumwe n’abapolisi barongowe n’u,ukuru w’ iyo quartier. Bivugwako ico gitero cari kigamije gukuraho abanyezamu bishiriweho n’abanyagihugu bakabasubiriza imbonerakure, ivyo abanyagihugu biyamirije . Abo banyagihugu bagiriwe nabi basaba gutunganirizwa . Ni inkuru ya Jean Georges Kibogora.

Tukiri mugisata c’ umutekano Urunani rw ‘ abashingwamanza baburanira abakorewe ivyaha bihanwa n’ amategeko mpuzamakungu CAVIB rurababajwe rukongera rugatera ivyatsi inyigisho za gisirikare n’ibirwanisho biriko bitangwa n’ubutegetsi kurwaruka rw’imbonerakure muntara ya Cibitoke.Urunani CAVIB rutera akamo Leta guhagarika ako kabi kabishe gashobora gukwegera igihugu mubw ‘icanyi butagira izina harimwo n’ihonyabwoko.Kurikira Felix Niyonkuru ajejwe gutunganya imigambi muri CAVIB.

Hari umugabo w’imyaka 25 wo ku mutumba Mikamba, komine Matongo n’intara ya Kayanza amaze imisi ibiri mu minwe y’inyamiramabi aho nyene muri iyo komine ku mvo z’uko ku musi wa gatandatu w’indwi iheze bivugwa ko yatemaguje umupanga nyina wiwe n’abandi baryango, bagizwe n’umwe mu bo bavukana ari kumwe n’umwana wiwe mu gihe bari baje gutabara. Inkuru ziva aho muri komine Matongo, zimenyesha ko intandaro y’ubwo bugizi bwa nabi ari uko uwo mugabo yashwanye na nyina wiwe biturutse ku matati yo mu muryango, uwo mugabo aca ashaka kwica nyina wiwe mu kumutemesha umupanga. Ariko rero ababanyi ngo bahavuye bahagera baratabara, uwo mugabo arafatwa hanyuma abo bari bahejeje gutemagurwa baca banyarukanwa kuvurizwa ku bitaro vyo mu Musema biri muri komine Butaganzwa. Mu gipolisi aho i Matongo bakavuga ko amatohoza kuri uwo yagirizwa ico caha muri kino gihe ariko arakorwa.

 

Igiterwa c’ivoka kirageramiwe n’udukoko tumeze nk’ibinyabwoya ku mutumba « Kwibuye » muri komine n’intara ya Muyinga. Ubwo bukoko ngo burya amababi n’ivyamwa bikiri intorobwa nk’uko amakuru ava kur’uwo mutumba abimenyesha. Abajejwe uburimyi mur’iyo ntara barahumuriza abarimyi kuko babawira ko ubwo bukoko bworoshe kuvura, bakararikira abanyagihugu kugura mu maguru masha imiti yica ubwo bukoko, Iyi nkuru tuyibaze Audace Nimbona

Imbere yo gusozera ano makuru  dutandukire ayajanye n’ inkino aho, umurwi wa Aigle noir ariwo uri kw’isonga ku ndwi igira 21 y’ihiganwa ry’umupira w’amaguru mu Burundi. Ni inyuma yaho Itsindiye LLB Amasipiri ku munsi wa gatandatu 3 kuri 1, Vital’o nayo ikanganya na Bumamuru kimwe Ku kindi. Mu bigeme umurwi nserukiragihugu waraye utwinzwe na Burkina Faso kimwe Ku busa, ni mu nkino zo kurondera uburenganzira bwo gushika mu nkino z’igice canyuma c’igikombe ca Afrika muri 2026 kizobera muri Maroc. Inkuru ya Alexandre Niyungeko

 

Ni no ngaha duciye dusowera ano makuru nkaba nshimiye mwebwe mwese mwaduteze yompi ngashimira na bagenz’anje umwe wese kugiti ciwe  banfashuje kuyabatororokaniriza  mugire aho muba mwubahwe mubanyu no muvyanyu. N’agahwane.

 

Ibindi bisa n'ibi