- Abantu 6 nibo bahagaritswe kuva mwijoro ryo kumusi wa gatatu rishira kuwa kane ku mitumba ya Giharo na Mura muri commune Giharo y’intara ya Rutana. Bamwe muribo bakaba bafatiwe mw’itongo ry’abapfuye rya Giharo bariko bazura ikiziga c’umwana w’umunyamwema cari cahahambwe. Amafaranga agera kuri millioni 150 ngo niryo soko bari bemerewe mugihugu kibanyi ca Tanzanie bashikanye ibihimba vya nyamwema.
- Umunywanyi w’umugambwe CNL muri commune Giharo y’intara ya Rutana arakwije imisi 5 apfunzwe atagira dossier. Amakuru ava mu gipolisi muriyo commune avuga ko inyuma yugushirwa imbere y’inyamiramabi kuruyu wa Kane, ikigongwe ciwe ngo kirashoboka ariko abanje gupfumbatisha Alexis Baraguma arongoye umugambwe CNDD FDD muri Giharo amafranga angana n’ibihumbi 350 vy’amarundi. Abanywanyi ba CNL aho igiharo, basaba kuwabo yorekurwa atagisabwe kuko apfunzwe kukarenganyo azira imvo za politike.
- Urubanza rw’abasirikare bagirizwa kugumuka ku rugamba bariko rwo kurwanya umuhari M23 mu mpera z’umwaka uheze 2023, kuri uyu wa gatanu rwabandanije kuburanishwa mu ntara ya Rutana. Abo basirikare baguma bisigura bahakana icaha bagirizwa. Umwe mu ntwazangabo yazanywe n’ubushikirizamanza bwa gisirikare kubagiriza akaba imvugo yiwe imbere ya sentare yaranzwemwo ugukekeranya n’ibihushane. Abo basirikare nubu basaba sentare kurekurwa bagasubira ku mirimo, kuko ivyaha bagirizwa kubwabo bidafashe.
- Urunani rw’abamenyeshamakuru mu Burundi UBJ ruriyamiriza rwivuyinyuma ingendo y’uwurongoye igipolisi mu ntara ya Gitega yaburabuje umumenyeshamakuru w’ikimenyeshamakuru IWACU mu ntara ya Gitega Jean Noel Manirakiza na bagenzi biwe ku mugoroba wo kuri uno wa gatatu. Urwo runani rusaba amatohoza akomeye kugirango uwo yagirizwa ayo makosa akubitwe intahe mu gahanga, yongere ahanwe hakurikijwe amategeko . Twumvirize Alexandre Niyungeko arongoye urunani UBJ.
- Abategetse umwigeme Joy Akimana, umukobwa wa general Alain Guillaume Bunyoni, kwambura impuzu zose kugira bamusake, bategerezwa gukurikiranwa n’ubutungane. Ivyo bisabwa n’umuhari Inamahoro w’abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano. Uwo muhari utera ivyatsi ingendo y’abapolisi bacungereye ibohero rya Gitega aho uwo yahoze ari umushikiranganji wa Mbere apfungiwe. Umukobwa wi we yari yagiye kumuramutsa ku musi wa gatatu uheruka aho yasabwe n’abo bapolisi gukura impuzu agasigara ari gusa. Ku bwa Marie Louise Baricako, abategetsi basigaye bahonyanga amategeko mu gutitura akaranga k’Abarundi.
- Amatagisi yahora atozwa kumamesa agiye kuduzwa kuko atakijanye n’igihe c’ihindagurika ry’igiciro c’amamesa kw’isoko kuva mumwaka w,i 2000. Ivyo n’ivyapfundistwe n’inama nshikiranganji yo kuruno wa kabiri igenekerezo rya 21 Rusama. Imvo nyamukuru ngo akaba ari ugushaka guteza imbere amahinguriro yenga amamesa. Jerome Niyonzima umunyamabanga mukuru wa leta akongera akaba n’umuvugizi wa leta.
- Imyiteguro yo gukora ikibazo ca Leta ku banyeshure bahejeje umwaka w’9 igenda neza mu ntara ya Ruyigi. Mu gihe hasigaye iminsi 10 ngo ico kibazo gikorwe ku gwego gw’igihugu, abigisha bavuga ko urutonde rw’ivyigwa rwakurikijwe kandi rurarangira henshi mu mashure. Ariko rero bafise impungenge ko bashobora kuronka umwimbu muke biturutse kw’ibura ry’ibikoresho mfashanyigisho nk’ibitabu n’ibindi, bagasaba leta kuvyitwararika no mu myaka iza.