Turi kuwa kuwa gatatu n,igenekerezo rya 25 Nyakanga umwaka 2024 ncuti namwe bagenzi mwashimye gukurikira Radiyo Inzamba Agateka kawe ndabahaye mwiriwe canke mwaramutse bivanye naho muherereye . iri ni rya sango ryamakuru mukirundi mushikirizwa na jewe jean Baptiste Bireha nayo akaba agizwe n,izi ngingo nkuru nkuru zikurikira
- Ishirahamwe ACAT BURUNDI riratewe impungenge n’umutima uhagaze K’ubwinshi bwabanyoro bo mw’ibohero rikuru rya Muranvya aho iryo bohero ricubakwa ryari ryagenewe abanyororo ijana ubu rikaba ririmwo abarenga igihumbi n’ijana. Ivyo ngo bituma babaho nabi cane na cane cane muri kino gihe c’invura aho ibanyagirira hanze. Iryo shirahamwe risaba ubushikiranganji bw’ubutungane gutorera umuti ico kibazo mukugabanya ibitigiri vy’abanyororo bapfungiwe muri iryo bohero.
- Urunani rw’amashirahamwe adaharanira ivy’icaro vya politike aranegura ingingo iherutse gufatwa n’umukuru wa sentare Ntahiyuzwa aho aheruka kwandikira abarongoye amasentare atandukanye mugihugu abasaba kudashira mungiro imanza zijanye no kuganisha abahungu n’abakobwa mukugabura amatongo y’umuryango. Urunani FORSC rubona ko iyo ngingo ari iyagahotoro.
- Hari icuka kibi hagati y’ubuyobozi bw’indero muntara ya Rutana n’abajejwe intwaro. Intandaro ya vyose akaba ari ingingo yafashwe yo kungururiza abarimu muyandi mashule no kugena abayobozi b’amashule bashasha.iyo ngingo ikaba yahavuye ifutwa bivuye kubajejwe intwaro babisavye.Aya n’ayandi ni mukanya.
Ndasubiye kubaramutsa ndanabaha ikaze.
Ano makuru tuyahere mugisata kijanye n’agateka ka zina muntu.
Ishirahamwe ACAT Burundi riratewe umutima uhagaze n’agateka kabanyororo bo kw’ibohero rikuru rya Muranvya kabandanya gatituka biturutse kubw’inshi bwabo.IVyo biri mw’itangazo ry’asohowe n’iryo shirahamwe aho rivuga ko iryo bohero ricubakwa ryari ryagenewe kwakira abanyoro 100 none ubu ririmwo abarenga 1100.Jean claude Ntiburumunsi ajejwe igisata c’amategeko muri ACAT avuga ko ivyo muri iki gihe c’invura n’ivyahuha bizohuhuka kuko baca banyagirwa kukubura aho bugama.Kurikira,
Jean Claude Ntiburumunsi asaba ubushikiranganji bw’ubutungane gufata ingingo z’ihuta kugirango hagabanywe abanyororo bari muri iryo bohero rya Muranvya.Asaba kandi abo mubushikiranganji bw’ubutungane kutama bashira imbere gupfunga ahubwo bobanza bakaraba neza uburemere bw’icaha.Nubu nyene tumukurikire.
Itegeko riheruka gufatwa n’umukuru wa Sentare ntahinyuzwa ngo ifatiye abakenyezi amaboko imugongo. Ivyo biri mw’itangazo urunani rw’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike FORSC. Urwo runani runegura ingingo y’uwo arongoye iyo sentare yandikiye abarongoye amasentare atandukanye mu Burundi abasaba kudashira mu ngiro imanza zinganisha abahungu n’abakobwa mu kugabura amatongo y’umuryango. FORSC ikabona ko iyo ngendo ituma Uburundi busubira inyuma nk’ibirenge mu nzira yo kunganisha ibitsina imbere y’amategeko. Ido n’ido ry’ibiri mur’iryo tangazo na Franck Kaze.
Mugisata kijanye n’indero Icuka si ciza hagati y’ubuyozi bw’indero n’abajejwe intwaro mu ntara ya Rutana. Ivyo vyatumwe n’ingingo yo kwunguririza abarimu ku yandi mashule no kugena abayobozi b’amashuli bashasha, ingingo yahavuye ifutwa bisabwe n’abajejwe intwaro muri iyo ntara. Ivyo bikaba vyarababaje abatari bake mu bakora mu gisata c’indero. Ni inkuru tubaza jean Marie Ndabashinze,
Imbere yo gusozera ano makuru dukubitire mw’ikambi y’Impunzi z’Abarundi ziri i Nduta mu gihugu ca Tanzaniya aho zivuga ko zitewe umutima uhagaze na bamwe mu mpunzi bakorana n’iperereza ry’uBurundi bahagarika abantu bidakurikije amategeko. Ivyo ngo bakaba babikora bashigikiwe n’igipolisi c’igihugu ca Tanzaniya. Abo Barundi basaba leta ya Tanzaniya kubaha amahoro, iyi nkuru tuyibaze Audace Nimbona.
Ni no ngaha duciye dusozera ano makuru,nkaba nshimiye mwebwe mwese mwaduteze yompi ano makuru mw’ayashikirijwe na jewe jean Baptiste Bireha Mugire aho muba mwubahwe muvyanyu no mubanyu n’agahwane.