Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo kuwa 25 Ruheshi 2024

Publié le 25 juin 2024 par Rédaction

Ndabaramukije mwese mukurikira radio Inzamba agateka kawe nongera ndabaha n’ikaze muri rya sango ry’amakuru mu Kirundi twabateguriye. Turi ku munsi wa kabiri igenekerezo rya 25 Ruheshi umwaka w’2023, ayo twabatororokanirije nayo tuyahere ku ngingo nkuru nkuru ziyagize.

 

  • Inzu zikoreramwo ikinyamakuru Iwacu, muri quartier INSS muri zone Rohero ya Commune Mukaza, zaraye zitewe amabuye muriri joro ryakeye n’abantu bataramenyekana. Ubuyobozi bw’ikinyamakuru Iwacu, bukabibonamwo iterabwoba ribandanya rikorerwa ico kinyamakuru, ariko ngo ntibarota bacika intege.

 

  • Ubutungane bw’Uburundi busabwa kwikubita agashi bukareka kuba igikoresho c’ubutegetsi muguca imanza za ngondagonde mu rubanza rw’abasirikare banse kugwana n’umuhari M23 muri Congo, uno munsi bapfungiwe mw’ibohero rya Rutana. Murano makuru murakurikira umushingwamanza Janvier Bigirimana ahanegura n’ingene basambishijwe badafise ababunganira mu mategeko.

 

  • Ubukene bw’igitoro buriko butuma ibidandazwa bitari bike bibandanya kuduga. Igiciro c’indagara ziva mu kiyaga Tanganyika caraduze ku ncuro zirenga zibiri mur’aya mezi atanu aheze mu gisagara ca Bujumbura biturutse ku mato yahora akoreshwa mu kuziroba atakironka igitoro akoresha.

 

 

  • Amakuru twabateguriye saya gusa, mukanya n’ido n’ido, sangw’ikaze.

 

………………………………………………………………………………………………….

 

  1. Amakuru twabateguriye tuyahere kuri ino nkuru ivunaguye ivugwa mumutekeno wo mw’ibarabara. Abasirikare barenga 15 nibo bapfuye kuri uyu wa mbere abarenga 10 nabo barakomereka mw’isanganya rikomeye vyabereye muri komine Mabayi mu ntara ya Cibitoke. Abo basirikare ni Abo muri bataillon ya 71 ya Atmis baheruka kugomborwa bava mu gihugu ca Somaliya. Bakaba Abo basirikare bo muri bataillon ya 70 niya 71 bariko bajanwa mu Kibira kugomborana n’abasirikare bo mw’ikambi y’221 hamwe nabo mw’ikambi y’422 bahora mu Kibira kugira biteguririre kuja mu gihugu ca Congo nkuko amakuru ava mu gisirikare abandanya avyemeza. Igisirikare c’u Burundi akaba ataco kirashikiriza kuri iryo sanganya.
  2. Tubandanye ano makuru mu gisata c’Ubutungane. Ubutungane bwokwikubita agashi bukareka kuba igikoresho c’ubutegetsi, maze bugasoma amategeko ku basirikare banse kugwana n’umuhari M23 muri Congo. Ako n’akamo k’umushingwamanza Janvier Bigirimana. Avuga ko urwo rubanza baciriwe rurimwo ibihano bikomeye, ari agatotezo ku gisirikare, ivyo mbere bishobora no gukora no ku butegetsi hamwe butovyifata mwo neza. Me Janvier Bigirimana agasaba ko igihe abo basirikare bazokwunguruza bohabwa uburenganzira bwo kuburanirwa n’abashingwamanza bitoreye. Tumutege amatwi.
  3. Ariko ku muhinga mu bijanye n’igisirikare, ngo abo basoda bahaye umugongo umwansi nta kindi bakwiye atari uguhanwa. Ku bwa Gratien Rukindikiza, ngi ico bashobora gukora conyene n’ugusaba ko ibihano vya bo bigabanurwa. Gratien Rukindikiza agashimangira avuga ko ni baba banegura abababatwara nibabikure. N’aho bir’uko, abona ko mu bihano bahawe batari gusabwa gusubiza amafaranga yakoreshejwe mu kubunguruza. Tumukurikire.
  4. Amakuru arabandanya twabateguriye. Mwijoro ryakeye ibiro vy’ikinyamakuru IWACU biri muri quartier muri zone Rohero komine Mukaza mu gisagara ca Bujumbura, vyaratewe abambuye n’abagizi ba nabi bataramenyekana. Ubuyobozi bw’ico kinyamakuru buriyamiriza iterabwoba ribandanya rikorerwa ico kinyamakuru, ariko bukavugako ivyo bitagica intege mu kazi kaco ko kumenyesha amakuru. Dukurikire Abas Mbazumutima umuyobozi mfatakibanza w’ico kinyamakuru yabivugiye kuri radio Bonesha Fm.
  5. Ivyo vyabaye kuri ico kinyamakuru bikurikiranye n’iburabuzwa riherutse gukorerwa bamenyeshamakuru baco. Akaba ari umumenyeshamakuru Pascal Ntakarutimana arongoye igisata ca politike yahatswe kunyuruzwa n’abantu bambaye umwambaro w’igipolisi, hamwe na Jean Noel Manirakiza aserukira ico kinyamakuru mu ntara ya Gitega, yakubaguwe n’uwurongoye igipolisi muri iyo ntara.
  6. Amakuru twabateguriye arabandanya mu gisata c’ubutunzi. Igiciro c’indagara caraduze ku ncuro zirenga zibiri mur’aya mezi atanu aheze mu gisagara ca Bujumbura. Cavuye ku mafaranga 50 000 aja ku bihumbi 120 vy’amarundi. Imvo ngo n’uko utwo dufi duto duto tutakiboneka kuko amato yahora akoreshwa mu kuziroba atakironka igitoro akoresha. Akababaro ni kenshi mu banyagihugu babayabaye kandi bafise amikoro make kuko utwo dufi twahora tubafasha mu kugaburira imiryango, abana babo bakabona kutagwara ingwara zifatira ku gufungura nabi. Iyi nkuru tuyibaze Olivia Gakima.
  7. Olivia Gakima arakenuye, Agakuru keza ku rukino rw’umupira w’amaboko basket-ball, ishirahamwe mpuzamakungu ry’urukino rwa Basket-ball ryaremereye ko Uburundi buriha mu ncuro zine amande bwasabwe angana n’ibihumbi 50 vy’amafranga y’ama suisse gushika kw’igenekerezo rya 31 Kigarama umwaka w’2026. Ayo mande akaba angana n’imilioni 160 zirenga gato z’amafranga y’amarundi. Iyo ngingo ikaba yari yafashwe inyuma y’ihonyangwa ry’amategeko agenga ishirahamwe mpuzamakungu FIBA igihe umugwi wa Dynamo wari witavye ihiganwa BAL ryariko ribera muri Afrika y’epfo. Comité nshingwabikorwa ikaba mu rwandiko yasohoye kuri uyu wa mbere yarashimye utwigoro n’urukundo rw’urukino rwa basket Ball ishirahamwe mpuzamakungu FIBA ryeretse ishirahamwe ry’umupira w’amaboko Baskett ball mu Burundi.
  8. Ni kuri ino nkuru ivugwa mu gisata c’inkino duciye dusozererako amakuru twabateguriye kuri uno wa kabiri, reka nshimire mwebwe mwese mwari muduteze abiri, nshimire na bagenzi banje bamfashije kuyegeranya, Bonfils Niyongere nariko ndayabashikiriza, ndabipfurije kuroranirwa aho muri hose, nagahwane.

 

Ibindi bisa n'ibi