Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo kuwa 25 Ruhuhuma 2025

Publié le 25 février 2025 par Rédaction

Mwiriwe ncuti namwe bakunzi ba radio Inzamba agateka kawe kaze mumakuru yo kuruyu musi wakabiri igenekerezo rya 25 Ruhuhuma umwaka wi 2025. Ayo twabateguriye kuruyu musi tuyahera kungingo nkuru nkuru ziyagize

  • Abanyagihugu bo kumutumba karurama wa commune Gihanga n’intara ya Bubanza barara ntibuca kuko urwaruka rw’imbonerakure rurara rurakizura rukaja no kwiba. Bamwe murabo banyagihugu baranegura ingingo yafashwe ibuza uruja n’uruza mwijoro imbonerakure zo zikikika mukiza zikaja guhungabanya umutekano w’abanyagihugu.
  • Umugambwe CODEBU nawo urarajwe ishinga n’indyane zifatiye kumoko ziriko zirasubira kwibonekeza mukarere k’ibiyaga binini n’Uburundi burimwo. Uyo mugambwe ugatera akamo leta yi Bujumbura gukora ibishoboka kugira impunzi z’abanyecongo ziriko zirahunga ntizizane mu Barundi ibibazo igihugu ca Congo kiriko kiracamwo. Abarundi nabo basabwa guhangane n’ibibazo vy’ubuzima bwabo gusa.
  • Baridoga ko batararonswa udufaranga twabo bakoreye mukwezi kwa gatandatu tw’umwaka uheze. Abo nabo n’ abakozi bo mu gisata c’ubuganga bo mu ntara ya Cibitoke bakoze mu gikorwa co gukingira abanyagihugu ingwara y’ibihara. Bagasaba ababijejwe kubaronsa udufarnga twabo kuko bari mubukene butagira izina. Kaze mwese

 

Imyidogo ni myinshi mu banyagihugu bo ku mutumba Karurama uri muri komine Gihanga mu natara ya Bubanza. Bagiriza imbonerakure kwikika mu kiza ku ngingo yafashwe n’abajejwe intwaro yo kubuza uruja n’uruza rw’abantu guhera isaha zitatu z’ijoro , nabo bagaca baja kwiba hirya no hino. Abo banyagihugu bavuga murubwo busuma bukogwa nizo mbonerakure bahahombera vyinshi bagasaba abategetsi babijejwe gutorera umuti ico kibazo. Ni inkuru tubaza  Jean Georges Kibogora.

Abategetsi b’uburundi bakwiye gushira inguvu ziboneka mukugwanya imvugo be n’ibikorwa vyose bishira imbere indayne z’amacakubiri. Bisabwa n’umugambwe CODEBU mw’itangazo basohoye kuruyu wa kabiri. Ni mugihe murikano karere havugwa ibabazo vy’amacakubiri bimaze igihe vyibonekeza. Keffa Nibizi arongoye uyo mugambwe asaba abarundi muri rusangi kudaha umwanya ivyo bibazo vy’amoko ahubwo bangana n’ibibazo biri mugihugu bibaraba. Kurikira

Imyidogo ni myinshi mu bakozi bo mu gisata c’ubuganga bo mu ntara ya Cibitoke bakoze mu gikorwa co gukingira abanyagihugu ingwara y’ibihara. Bavuga ko barindiriye agahembo kabo kuva mu kwezi kwa 6 kw’umwaka uheze ariko n’ubu amaso yaheze mu nzira. Basaba uwutwara ubuvuzi mu ntara hamwe n’abajejwe uburere bw’ubuvuzi kubaronsa udufranga bakoreye, vyinshi kur’ino nkuru tubibaze Audace Nimbona

Arakenuye Audace Nimbona

Imbere yo gusozera aya makuru tuje mugisata c’indero

Abana batari bake bo muri komine Muyinga bariko baraheba ishure birukira mu gihugu kibanyi ca Tanzaniya kuja guc’ amahera kandi batarakwiza imyaka yo gukora akazi nkuko vyemezwa n’abajejwe intwaro muriyo commune.  Ayo makenga akaba yagaragariye mu nama y’umutekano yo kur’uno wa mbere n’abarongoye imitumba. Inkuru ya Pacifique Nkeshimana.

Arakoze na Pacifique Nkeshimana, ni ngaha duciye dusozerera amakuru twariko turabashikiriza, mwakoze mwebwe mwese mwayakurikiye. Bakoze abafashije kuyegeranya. Nkaba ndabipfurije kuroranigwa mubanyu no muvyanyu. Naho ubutaha.

Ibindi bisa n'ibi