Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo kuwa 26 Gitugutu 2024

Publié le 26 octobre 2024 par Rédaction

Mwiriwe ncuti namwe bakunzi ba radio Inzamba agateka kawe kaze mumakuru yokuruyu musi wagatandatu ignekerezo rya 26 Gitugutu umwaka wi 2024. Ayo twabateguriye tuyahera kungingo nkuru nkuru ziyagize

  • Ibara ryaguye mugaturuturu ko kuruyu wa gatandatu mugisagara ca Ngozi aho hari abantu batatu bishwe uwundi nawe arakomereka bikomeye barashwe n’umu polisi mubunywero bumwe bwo mugisagara ca Ngozi. Uyo mu polisi kuva akoze iryo bara akaba yaciye atungwa nayo yameze nubu akaba ataraboneka.
  • Mugisata c’indero, Abarimu bigisha muntara ya Makamba bari bamaze igihe barahinduriwe aho bakorera ubu basubijwe mumashure bahora baje bavako inyuma yukwezi kurenga amashure atanguye. Iyo ngingo ikaba itashimishije abo bigisha kuko babona ko ari kubasesaguza uburyo buke bafise.
  • Agahembo kabo ngo bagiye kukaronswa kuva mu ndwi itangura. Abo nabo n’abakozi bakoze muri rusansuma iheruka y’abantu , uburaro , uburimyi n’ubworozi batararonka agahembo kabo. Vyamenyeshejwe kuruyu wa gatandatu numuyobozi ajejwe ivya rusansuma mugihugu. Akavuga ko ako gahembo katebejwe n’imvo zitandukanye. Kaze mwese mw’ido n’ido mukanya

Ndasubiye kubaramutsa duhere mubijanye n’umutekano muke

Abantu batatu bari mu bunywero buri mu gisagara ca Ngozi  baraye bishwe , uwugira kane na we arakomereka cane. Ivyo vyabaye mw’ijoro ryakaye ari kuri uwu wa gatandatu. Bakaba barashwe n’umupolisi bivugwa ko yari yaborewe. Kuvubwo uwo yagirizwa ubwo bwicanyi akaba yaciye ahunga , igipolisi naco kikaba kiriko kiramurondera. ido n’ido nan Janvier Habarugira

Arakoze Janvier Habarugira

Tuje mugisata c’indero

Ubuyobozi bw’indero muntara ya Makamba bwarafashe ingingo yo gusubiza abarimu bari barahinduriwe ibibanza muntango zuno mwaka w’ishule  ko basubizwa kumashure baje bavako. Umunyamabanga w’umugambwe CNDD FDD muntara nshasha ya Burunga Sylvain Nzikoruriho ngo niwe yoba yararemereye abajejwe indero muntara mugufata iyo ngingo. N’inkuru ya Bireha jean Baptiste,

Arakenuye na Bireha jean Baptiste,

Abakozi bakoze muri rusansuma iheruka y’abantu , uburaro , uburimyi n’ubworozi batararonka agahembo kabo ngo bagiye kukaronswa kuva mu ndwi itangura. Ivyo bimenyeshwa na Nicolas Ndayishimiye arongoye ibiro bikuru vya rusansuma. Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru yatunganiye kuri uwu wa gatandatu , yasiguyeko ako gahembo katebejwe no kwiga utunenge basanze muri ico gikorwa. Bimwe muri utwo tunenge,  ngo ni nk’abakozi bamwe bamwe wasanga bafise ama konte bahembegwamwo menshi bakabura aho babahembera, abataye ibikoresho vy’akazi, n’ibindi. Dukurikire Nicolas Ndayishimiye.

Tubandanye amakuru twabateguriye

 

N’umwanya w’ikiganiro Kw’isoko. Mu kiganiro c’uno munsi tugaruka ku mvugo zirangwa muri bamwe mubategetsi b’Uburundi mugufata minenerwe ibiza vy’ingwara y’ibihere vy’inkende niya marburg zivugwa mu karere Uburundi burimwo. « Kw’isoko » mugishikirizwa na Thierry Bigirindavyi.

Arakoze Thierry Bigirindavyi,

 

Imbere yo gusozera aya amakuru tubabwire amakuru yanditswe n’ibinyamakuru bitandukanye ku Burundi. Tuyasomegwa na Audace Nimbona.

 

Arakenuye na Audace Nimbona, ni ngaha duciye dusozerera amakuru twariko turabashikiriz, mwakoze mwebwe mwese mwayakurikiye. Pierre Gahungu nayabashikirije ndabipfurije kuroranigwa mubanyu no muvyanyu. Naho ubutaha.

Ibindi bisa n'ibi