Mwiriwe ncuti namwe bakunzi ba radio Inzamba agateka kawe kaze mumakuru yo kuruyu musi wagatanu igenekerezo rya 26 Mukakaro umwaka wi 2024. Ayo twabateguroye tuyahere kungingo nkuru nkuru zikurikira
- Bariyamiriza umugambi wo gushaka guhagarika uwuserukira umugambwe UPRONA ku rwego rwa commune Giharao y’intara ya Rutana. Abo nabo n’abanywanyi b’umugambwe UPRONA muri commune ya Giharo. Uyo arongoye uwo mugambwe muri commune Giharo akaba yagiriza kurya ibiturire muriyo commune.
- Abagendesha imiduga nabo bariyamiriza akajagari kazindutse kaba mu gatondo ko ku munsi wa kane ku mastasiyo amwe amwe yo mu gisagara ca Bujumbura. Igipolisi ngo catwaye imparati z’imodokari zari zitondeye igitoro kuma stations kandi benezo ntansiguro nimwe bahawe. Ubu bakaba batagira ayo bacira nayo bamira.
- Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu buhamagarigwa gufata ingingo zihuta kugira bukingire abanyagihugu mu bice bimaze gutorwamwo abantu barwaye indwara y’akaranda y’ibihara vy’inguge bita mugifaransa Variole de singe. mu kamo gategwa n’umuhinga mubijanye n’indwara zivyaduka agasaba ko hokoreshwa urucanco vuba bwango kugira bakingire abanyagihugu. Kaze mwese
Ndasubiye kubaramutsa duhere mubijanye n’umutekano muke
Hari umwana w’imyaka 15 wo muri zone Gatsinda na komine Mwumba yishwe ejo ku musi wa kane azize kuba yafashwe ariko aca ubwatsi bw’inka mw’itongo rya murundi. Inkuru ziva aho muri komine ya Mwumba zimenyeshako nyene itongo agifata uwo mwana, yaciye amukubita inkoni, imigere n’amakofi, maze biza kurangira uwo mwana yitavye Imana. Uwo yagirijwe kuba yarishe uwo mwana akaba yaciye afatwa n’igipolisi gikorera aho muri iyo komine aho ariko aragirwako amatohoza. Amashirahamwe aharanira agateka k’abana mu ntara ya Ngozi akamenyesha ko atera ivyatsi ubwo bugizi bwa nabi buhitana ubuzima bw’ibibondo. Ayo mashirahamwe agahamagarira ubutungane guhana vy’akarorero uwo mugabo mu gihe yokwagirwa n’ubwo bwicanyi.
Tubandanye mubijanye na politike
Abanywanyi b’umugambwe UPRONA muri commune ya Giharo intara ya Rutana bariyamiriza umugambi wo gushaka guhagarika uwuserukira uwo mugambwe ku rwego rwa commune, Usuel Ntakarutimana. Akaba yagirijwe atavyemezo kurya ibiturire ku biro vya posita n’abarongoye umugambwe CNDD FDD hamwe n’abarongoye intwaro muri commune. Kubwabo banywanyi b’umugambwe UPRONA ngo ico cuka kibi kije mu gihe hibonekeza iburabuzwa ry’abari mu migambwe yindi, ibibatera amakenga menshi. Ido n’ido na Janvier Habarugira.
Arakenuye Janvier Habarugira.
Abagendesha imiduga nabo bariyamiriza akajagari kazindutse kaba mu gatondo ko ku munsi wa kane ku mastasiyo amwe amwe yo mu gisagara ca Bujumbura. Igipolisi catwaye imparati z’imodokari zari zitondeye igitoro kandi kikaba cari kihari. Bene imodoka, babuze ayo bacira n’ayo bamira kuko batazi izo mparati iyo zatwawe n’uwo bazozibaza. Inkuru ya Pierre Gahungu.
Arakoze na Pierre Gahungu
Tubandanye kuriyi nkuru iciye kumasonga ivugwa mubijanye n’indero
Umushikiranganji w’indero, François Havyarimana, yaramenyesheje kuri uyu wa kane mu ntara ya Gitega impinduka zigiye kuba mu mashura afise uburaro. Muriyo nama yarimwo abaserukira indero mu ntara zose, yamenyeshejeko abanyeshure bazokwakirwa mu ndaro mu mwaka uza bazova ku bihumbi 29.700 bashike ku bihumbi 35. N’uburyo bwo gufungurira abanyeshure bwahora ku mafranfa 1.400 ku mwana buzoshirwa ku mafranga 2.000 vy’amarundi. Umushikiranganji François Havyarimana akaba yamenyeshejeko hagiye kwongerezwa mu mashure afise uburaro ama matélas agera ku bihumbi 9 mashasha. Ivyo bikaba vyatewe nuko amafranga agenewe ubushikiranganji bw’indero yiyongereye akaba yavuye ku miliyaridi 15 aja ku miliyaridi 20 y’amafranga y’amarundi ategekanijwe gukoreshwa mu mwaka uza.
Radio inzamba tubandanye mugisata c’amagara y’abantu
Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu busabwa gufata ingingo zihuta kugira bukingire abanyagihugu mu bice bimaze gutorwamwo abantu barwaye indwara y’akaranda y’ibihara vy’inguge bita mugifaransa Variole de singe biciye mugutanga amakuru y’ukuri kubijanye niyo ngwara. N’akamo gaterwa n’umuhinga mubijanye n’ingwara z’ivyaduka inyuma yaho umushikiranganji w’amagara y’abantu amenyeshereje kuri uyu wa 25 Mukakaro, ko iyo ngwara y’ibihara yashitse mu Burundi. Côme Konakuze asaba yuko mu bibanza bimaze gutorwamwo abarwayi hogabanywa amakoraniro ahuza abanyagihugu hakongera hagakoreshwa urucanco rwiyo ngwara kuko vyagaragaye ko rurinda gushika ku bice 90 kw’ijana. Kurikira.
Imbere yo gusozera aya mkuru
Umuhari mpuzamakungu w’urwaruka rw’abarundi MIJEB ruriyamiriza ingene abana baturubikwa bagahabwa ibikorwa vy’umurengera birenze imyaka yabo nkuko bigize imisi vyibonekeza mu gisagara ca Muyinga. Umuhari MIJEB ubonako ivyo bitegwa nuko leta atagushaka ifise kwo gushiraho politike nyayo mu vyerekeye gukingira agateka k’abana, hamwe rero n’ubukene bwugarije imiryango mu gihugu. Uwo muhari MIJEB usaba iyo leta y’Uburundi gukora ibishoboka kugirango agateka k’abana gakingigwe, ababahohotera nabo bakubitwe intahe mu gahanga. Tutegamatwi Daniel Ndikumana, umuvugizi w’umuhari MIJEB.
Ni ngaha duciye dusozerera amakuru twariko turabashikiriza, mwakoze mwebwe mwese mwayakurikiye, Bonfils Niyongere nayabashikirije ndabipfurije kuroranigwa mubanyu no muvyanyu. Nahubutaha