Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo kuwa 26 Myandagaro 2024

Publié le 26 août 2024 par Rédaction

Mwiriwe ncuti namwe bakunzi ba radio Inzamba Agateka kawe kaze mumakuru yo kuruyu musi wa mbere igenekerezo rya 26 Myandagaro umwaka wi 2024. Ayo twabateguriye tuyahere kungingo nkuru nkuru zikurikira

  • Abantu babiri bo muntara ya Kayanza na Ngozi baraye bapfuye bahitanywe n’amasanganya atandukanye. Umwe murabo bapfuye akaba ar’umwana yaguweko n’abavyeyi biwe mugihe bariko baragwana.
  • Mugisata ca politike naho, Umugambwe CODEBU uvuga ko udashimishwa n’ibijanye n’abashizwe mu migwi y’amatora yigenga mu ma communes ariyo CECI. Uyo mugambwe ubabazwa nuko mu migwi 42 ihari mu ma communes, umugambwe CODEBU waserukiwe muri commune imwe gusa.
  • Kutaronka imfashanyo mu gisata c’amagara y’abantu n’ubukene bw’imiti, biri mu ntambamyi nyamukuru zituma ico gisata kizingama mu Burundi. Umunyamabanga mw’ishirahamwe mpuzamakungu UNICEF muri Africa y’ubuseruko akabona ko biri no mu bituma indwara y’ibihara vy’inguge yabaye ndanse mu Burundi aruko hari ubukene mugisata c’amagara y’abantu. Kaze mwese

 

Ndasubiye kubaramutsa duhere mubijanye n’umutekano muke

Abantu babiri bo mu ntara za Kayanza na Ngozi baritavye Imana kuri uwu w’Imana biturutse ku masanganya atandukanye aho hari umugabo yapfiriye mu kazu ka sugumwe mu gihe yaragiye gutora amafaranga yakorokeyeyo, hakaba n’umwana yapfuye abavyeyi bamuguyeko mu gihe bariko bararwana. Inkuru tubaza Evelyne Mukeshimana.

Arakenuye Evelyne Mukeshimana.

Tubandanye mugisata ca politike

Umugambwe CODEBU ntushimishwa kubijanye n’abashizwe mu migwi y’amatora yigenga mu ma communes (CECI). Keffa Nibizi, arongoye uwo mugambwe, yemezako atabudasa bwahabaye umuntu yihweje abagize imigwi y’amatora yigenga mu ntara (CEPI). Anegura ko mu migwi 42 ihari mu ma communes, umugambwe CODEBU waserukiwe muri commune imwe gusa. Ngo naho bataserukiwe bihagije, Kefa Nibizi asaba abagize iyo migwi y’amatora gukora akazi bashinzwe mubwigenge ntangere. Kurikira.

Ikibazo kiri mu Burundi ngo gifatiye kukungene igihugu gitunganijwe. Ivyo bivurwa na Frederic Bamvuginyunvira arongoye urunani rwa politike CFOR Arusha n’inyuma yaho umukuru w’inama nshingamateka amenyeshereje ko Leta idafise uburyo  bwo kuronsa uburaro abanyeshule bose bo muri kaminuza y’uburundi no kubagaburira. Frederic Banvuginyunvira avuga ko umuti urama aruko abategetsi bari bakwiye kugirisha ibiganiro bagahanahana ivyiyunviro vyo gufatirako vyogirira akamaro abarundi bose. Bitabayuko ngo bizoba vyabananiye gutunganya ibijanye n’igihugu. Tumukurikire

Radio Inzamba dutandukire igisata c’amagara y’abantu

kubura imfashanyo mu gisata c’amagara y’abantu n’ubukene bw’imiti, biri mu ntambamyi nyamukuru zituma ico gisata kizingama mu Burundi. Ivyo bigaca bituma n’ikiza c’ibihara vy’inguge gitsimbatara. Uwo n’umwihwezo wa Paul Ngwakum, umuhanuzi w’ishirahamwe mpuzamakungu UNICEF mu gisata c’amagara y’abantu muri Africa y’ubuseruko. Akamenyesha ko ku bantu 171 bamaze gufatwa n’iyo ngwara mu Burundi, abarenga ibice 60% bafise musi y’imyaka 20. Maze bigashobora gutuma haba n’izindi ngaruka mbi muri kazoza. Paul Ngwakum akaba yabivugiye kuri radio y’Abafaransa RFI.

Tubandanye ayo twabateguriye

Rusansuma y’abanyagihugu , y’uburaro , y’uburimyi n’ubworozi yatanguye neza na neza kuri uwu w’imana mu gihugu cose. Nicolas Ndayishimiye asanzwe arongoye ibikorwa vy’iyo rusansuma ku rwego rw’igihugu , asanzwe mbere ariwe  umuyobozi mukuru w’ikigo ISTEEBU kijejwe kwegeranya ibiharuro bakorerako mu vyerekeye iterambere, yasavye abo bose bazokora iyo rusansuma , kwubaha abanyagihugu bazosanga mu ngo , kandi bakabikora bisunze ubuhinga n’ubukerebutsi bigishijwe. Dutegamatwi Nicolas Ndayishimiye.

Tuje ubu naho mugisata c’inkino

Kuruyu wa mungu, abanonotsi babiri babarundi baruriye indege ibajana i Paris, mubufaransa mu mahiganwa ahuza abanonotsi bagendana ubumuga Jeux paralympiques 2024. Rémy Nikobimeze akazosiganwa ku metero 1500, mu gihe Adeline Mushiranzigo azohiganwa ku metero 200 n’400. Cassien Bizabigomba, arongoye akanaserukira imbere y’amategeko ishirahamwe ry’abasirikare bagendana ubumuga, afise icizere kurabo banonotsi ko bazovyifatamwo neza kuko baronse umwanya uhagije wo kwitegura. Kurikira.

Tukiri mumakuru y’inkino, Ihiganwa rya basket ku rwego rw’igihugu mu mpera z’iyi ndwi ryari rigeze ku rukino rugira 6 New Star ikaba itaratsinda na rimwe. Nayo umurwi wa Vital’o waraye ukuye akarenge mu nkino zo guhiganirwa igikombe c’imirwi yabaye iyambere iwabo ku mugabane wa Africa itsinzwe na Young africains ibitsindo 6 ku busa mu Rukino rwo gusubiza, ni mu gihe Rukinzo yo yatsinze Horseed FC yo muri Somalie ibitsindo 2 ku busa. Inkuru ya Alexandre Niyungeko.

Arakenuye Alexandre Niyungeko, ni ngaha duciye dusozerera amakuru twariko turabashikiriza, mwakoze mwebwe mwese mwayakurikiye. Bonfils Niyongere nayabashikirije ndabipfurije kuroranigwa mubanyu no muvyanyu. Naho ubutaha

Ibindi bisa n'ibi