Amakuru

Amakuru yo kuwa 26 Nyakanga 2024

Publié le 26 septembre 2024 par Rédaction

Turi kuwa  kane n’igenekerezo  rya    26 Nyakanga umwaka 2024 ncuti namwe bagenzi mwashimye gukurikira Radiyo Inzamba Agateka kawe ndabahaye mwiriwe  canke mwaramutse bivanye naho muherereye . iri ni rya sango  ryamakuru mukirundi mushikirizwa na jewe jean  Baptiste Bireha nayo  akaba agizwe n,izi ngingo nkuru  nkuru zikurikira

  • Haribonekeza inyifato itabereye kubantu bafise imodoka zinywa igitoro ca Essance muntara ya Muyinga.Ngo baranywesha igitoro bagaca baja kukigurisha mugihugu ca Tanzaniya.Buramatari w’intara ya Muyinga aranegura iyo nyifato.
  • Mugisata kijanye n’indero abanyeshule barenga ibihumbi 16 n’ibo bahevye kw’iga muri uno mwaka w’ishure muntara ya Kayanza.Komine Muruta ikaba ariyo iza kw’isonga mubitigiri vy’inshi vy’abana bahevye ishule.
  • Mugisata kijanye n’impunzi naho impunzi z’abarundi zahungiye mugihugu ca Tanzaniya zisaba ko ikiringo zahawe co gushika kw’igenekerezo rya31 Kigarama ko gishitse zizoca zirukanwa kitokwubahirizwa.zabisavye kuruno wa kabiri igihe zari zagendewe mw’ikambi y ;inyarugusu  n’intumwa z’umuryango w’ubumwe bwa Bulaya,Amerika na Aziya bakaba babemereye kuzosaba Leta ya Tanzaniya kuba irabangiriye.Aya n’ayandi ni mukanya.

Sangwa ikaze.Ndasubiye kubaramutsa.

Umudereva  w’ubwato avuka mugihugu ca Congo yaratowe ikiziga mubwato atwara mugatondo ko kuruyu wagatatu mukiyaga Tanganyika. Icamwishe kikaba kitigeze kimenyekana. Amakuru atangwa n’igipolisi muntara ya Rumonge yemeza ko uwo mudereva w’umu congomani yapfiriye mubwato atwara kandi atawuzi ico urwo urupfu gwaturutseko. Ayo makuru nyene ava murumonge yemeza ko ubwato bwiwe bwari bwashitse mwijoro rikuze kandi bwagumye mumazi ya Tanganyika kugira bupakurugwe mugatondo. Amakuru ava mugipolisi akavuga ko abantu batatu barikumwe murubwo bwato bafashwe kugira hakorwe amatahoza kucamwishe.

Ano makuru tuyabandanirize  mugisata c’ubutungane.

Abacamanza batatu bo muri Sentare y’intara Bururi baracari mw’ibohero kandi bari barejejwe na Sentare ntahinyuzwa.  Léonard Nizigiyimana, Irène Mukeshimana na Antoine Ngendakumana bariko barakurikiranwa ku caha co gushaka guhungabanya umutekano wo hagati mugihugu. Nkuko amakuru dukura muntara ya Bururi abivuga abo bacamanza bari barunguruje urubanza rwabo umushikirizamanza wa Sentare yiyungururizo akaba yari yarabejeje mukwezi kwa ntwarante k’uyu mwaka. Kw’igenekenekerezo rya 24 Nyakanga bakaba bamenyeshejwe na Sentare ntahinyuzwa ko urubanza rwabo rwaheze kandi ko n’indishi yabo izotangwa na leta. Igumizwa ryabo mumunyororo rikaba ribabaza bagenzi babo bo muriyo ntara. Bakavuga ko abo bacamanza bakoze akazi kabo neza arico gituma basaba irekugwa ryabo kandi ata gisabwe. Iyo ngingo yo kugumiza mwibohero abantu baba bejejwe na Sentare ikaba yibutsa n’umwigisha Emilienne Sibomana wo kw’ishure Christ Roi i Gitega agipfunzwe kandi yarejejwe na Sentare kuva mukwezi kw’indwi kuyu mwaka.

Tuje mugisata c’indwro.Abanyeshure barenga ibihumbi 16 ni bo bahevye ishure mu mwaka w’ishure uheze w’2023-2024 mu ntara ya Kayanza. Ku ma komine 9 agize iyo ntara, Muruta ikaba iza kw’isonga mu kugira ibiharuro vyinshi mu gihe Muhanga na yo, iharurwa ubwa nyuma. Imvo nyamukuru zituma abo bana baheba ishure ngo bikaba ari ubukene mu miryango n’ukudebukirwa kw’abanyeshure, na bamwe mu bavyeyi bavuga ko ata kamaro bakibona mu bijanye n’ishure. Ido n’ido na Eddy Claude Nininahazwe.

 

Dutandukire igisata kijanye n’ubutunzi. Haribonekeza mu ntara ya Muyinga inyifato itabereye ku abantu bamwe bamwe banyweha igitoro co mu bwoko bwa essence bagaca bagikura mu modoka hanyuma bakakigurisha mu gihugu kibanyi ça Tanzaniya baciye mu nzira zo mu kinywabi. Nkuko amakuru yo kwizera radio Inzamba yaronse avyemeza Abashora ico gitoro ngo bakigurisha amafaranga ari hagati  y’i 5000 n’ayarenga gato y’amarundi. Buramatari w’intara ya Muyinga ,J Claude Barutwanayo, aranegura iyo nyifato, agasaba inzego zitandukanye bé n’abanyagihugu kugwanya izo nkozi z’ikibi . Ido n’ido na Frank Kaze

Imbere yo gusozera ano makuru dukubitire mu mugihugu ca Tanzaniya ahari impunzi z’abarundi aho basaba ko isango rya 31 kigarama uno mwaka ryahawe impunzi z’Abarundi bahungiye mur’ ico  gihugu ko giheze bazoca birukanwa ku nguvu kitokwubahirizwa. Abo ni impunzi z’Abarundi bo mw’ikambi ya Nyarugusu mu gihugu ca Tanzaniya, babisavye kur’uyu wa kabiri igenekerezo rya 24 ukwezi kw’9 uno mwaka, mu gihe zari zagendewe n’intumwa z’ibihugu vya Bulaya, amerika na Asiya. Ivyo ngo bakaba barabibemereye ko bazosaba leta ya Tanzaniya kubangira, iyi nkuru tuyibaze mugenzi wacu Audace Nimbona

Ni no  ngaha duciye dusozera ano makuru,nkaba nshimiye mwebwe mwese mwaduteze yompi  ano makuru mw’ayashikirijwe na jewe  jean Baptiste Bireha Mugire aho muba mwubahwe muvyanyu no mubanyu n’agahwane.

 

Ibindi bisa n'ibi