Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo kuwa 26 Ruhuhuma 2025

Publié le 26 février 2025 par Rédaction

Turi kuwa  gatatu n’igenekerezo  rya  26 Ruhuhuma umwaka 2025 ncuti namwe bagenzi mwashimye gukurikira Radiyo Inzamba Agateka kawe ndabahaye mwiriwe  canke mwaramutse bivanye naho muherereye .Iri ni rya sango  rya makuru mukirundi nayo  akaba agizwe n’izi ngingo nkuru  nkuru zikurikira.

  • Ubwoba ni bw’inshi mubanyagisagara baba kumurwa mukuru w ‘ intara ya Ngozi biturutse kw’ isakwa ry ‘ imodoka zose zinjira muri ico gisagara . Ntibazi ico iryo sakwa rigamije cane cane inyuma yaho umukuru w ‘igihugu Varisito Ndayishimiye atangarije ko igihugu kibanyi c’urwanda gishobora gutera Uburundi agahamagarira  Abarundi kumera magabo.
  • Naho mumakuru ajanye n’ impunzi hari impunzi cumi na zitandatu za ba kongomani zo mw ‘ikambi ya Musenyi muri komine Giharo zipfunzwe kuva kumunsi wa gatandatu uheze :Zafashwe ziriko zinonora imitsi.
  • Nayo mukiganiro kw’isoko tugaruka kw’irwirirana ry ‘ amajambo abiba urwanko n’ amacakubiri y’ibonekeza mubategetsi ba CNDD FDD uhereye kumukuru w’igihugu Evaritse Ndayishimiye kuva hava hadutse intambara mugihugu kibanyi ca kongo iharanira intwaro rusangi.Aya n’ ayandi ni mukanya .

 

Icuka si ciza mu banyagihugu bo mu gisagara ca Ngozi. Inyuma y’aho umukuru w‘igihugu c’uBurundi Varisito Ndayishimiye igihe yari muri komine Bugabira mu ntara ya Kirundo yavuze ko abanyagihugu bokwitegurira ingwano n’igihugu c’uRwanda hari mu mpera z’ukwezi kwa mbere guheze. Abo banyagihugu cane cane abari mu migambwe itavuga rumwe na leta, bavuga ko bashobora kwambikwa inteba ishushe bakagirigwa nabi. Aho bigeze ngo ntawucisanzura ngo avuge ikiri ku mutima, bikunyurwa n’ama bariyeri yagarutse, aho imodokari yose idashobora kurengana aho bita mu Burengo idasatswe. Vyinshi kur’iyi nkuru na mugenzi wacu Audace Nimbona

Impunzi cumi na zitandatu za ba kongomani ziba mw’ikambi ya Musenyi muri komine Giharo ni muntara ya Rutana zipfungiwe kumurwa mukuru w ‘iyo ntara kuva kw’ igenekerezo rya16 za kuno kwezi. Murizo harimwo abana batandatu bagizwe n  abigeme bane n’ abahungu babiri. Bose bakaba bahagaritswe bagiye kw inonora imitsi inyuma y’ ikambi.Ido n’ido na Parfait Mudasigana .

Haribonekeza isuku rike  mu kibanza cakiriwemwo impunzi z’abanyekongo ku mutumba wa Mutambara muri komine n’intara ya Rumonge. Abo bakongomani bafise ubwoba ko bashobora guterwa n’indwara zifatira kw’isuku rike.  basaba ko boronswa ibikoresho vyo gukora isuku, bakaronswa n’amazi ku neza y’amagara yabo. Ninkururu ya Pacifique Nkeshimana

N’umwanya w’ikiganiro Kw’isoko. Mu kiganiro c’uno munsi tugaruka kw’irwirirana ry’amajambo abiba urwanko afatiye kubwoko mu Burundi, kuva inyuma y’amajambo yagiye arashikirizwa n’umukuru w’igihugu biturutse ku ntambara ziri mubuseruko bw’igihugu ca Congo. « Kw’isoko » mugishikirizwa na Eddy Claude Nininahazwe.

Imbere yo gusozera ano makuru dukurikire akamo gaterwa na SOS Torture  kajanye nihohoterwa ry’abantu bapfungwa bazira ubusa. Kurikira ;

Ni no ngaha duciye dusowera ano makuru nkaba nshimiye mwebwe mwese mwaduteze yompi ngashimira na bagenz’anje umwe wese kugiti ciwe  banfashuje kuyabatororokaniriza  mugire aho muba mwubahwe mubanyu no muvyanyu. N’agahwane.

Ibindi bisa n'ibi