Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo kuwa 27 Mukakaro 2024

Publié le 27 juillet 2024 par Rédaction

Turi kuwa   gatandatu n,igenekerezo  rya    27 Mukakaro  umwaka 2024 ncuti namwe bagenzi mwashimye gukurikira Radiyo Inzamba Agateka kawe ndabahaye mwiriwe  canke mwaramutse bivanye naho muherereye . iri ni rya sango ryamakuru mukirundi mushikirizwa na  Pierre Gahungu  nayo  akaba agizwe n,izi ngingo nkuru  nkuru zikurikira .

  • Imyidogo ni yose murwaruka ruturuka mu migambwe itandukanye.Bavuga ko mumigambwe baturukamwo bataronswa ijambo kuko babafata nkabana.Ivyo vyashikirijwe n’abanyeshule biga muri kaminuza y,itiriwe ikiyaga Tanganyika mukiganiro bagiranye n’umuhinga muvya politike umwigisha muri za kaminuza Denis Banshimiyubusa hari kuruno wa gatanu.
  • Nayo mukiganiro kw’isoko cuno munsi tuza kugaruka k’ukibazo c’abaganga bashima kuja gukorera hanze canke kuguma iyo baba baragiye kw’iga kuko iyo batashe mu gihugu bahembwa intica ntikize.Aya n’ayandi ni mukanya kwari guca ku masonga.

Ndasubiye kubaramutsa ndabaha n’ikaze muri ano makuru. Tuyahere mugisata ca politike.

Urwaruka ruri mumigambwe itandukanye rufise intambamyi zo kutizegwa n’ababakurira mumigambwe kuko babafata nk’abakiri bato batagira ico bashikiriza. Vyashikirijwe kuruyu wagatanu n’umuhinga muri politike Denis Banshimiyubusa mukiganiro yagiranye n’urwaruka rwiga  n’abIgisha bo kuri kaminuza yitiriwe ikiyaga Tanganyika. Uyo muhinga akavuga ko iyindi ntambamyi aruko urwo rwaruka rutemerana bigatuma bataronka inguvu ngo bagire ico bashikiriza. Kurikira akaba yabivugiye kuri radio Isanganiro

Kur’uno wagatandatu niho hatangura amahiganwa y’isi yose  yo kwinonora imitsi  i Paris mugihugu c’ubufaransa.Uburundi bukaba bwaserukiwe n’abanonotsi indwi. Mur’abo hakaba harimwo abahungu batanu aribo , Rodrigue kwizera na Celestin Ndikumana bazohiganwa mukwiruka imetero 10000, Egide Ntakarutimana  azohiganwa mukwiruka imetero 5000.  Kuruhande rw’abigeme Francine Niyomukunzi azohiganwa mukwiruka imetero 5000 ni 10000. Naho mugisata co guhiganwa mugusiganwa kwoga  kuruhande rw’abagabo, uburundi bwaserukiwe na Belly cresus Ganira na  Lios Eliona ishura. Mur’ayo mahiganwa nyene ariko abera mugihugu c’ubufaransa mugisata ca judo Ange ciella Niragira niwe azoserukira uburundi mumahiganwa yabafise ibiro 78 bita poid lourd. Mwomenya ko ayo mahiganwa azorangira kw’igenekerezo rya 11 Myandagaro uburundi bukaba bugize incuro y,umunani bwitavye ayo mahiganwa.  Idarapo y’igihugu ikaba yafashwe na Ange Ciella Niragira na Belly Cresus Ganira.

Mu kiganiro « Kw’īsôko » c’uno musi, dushimikira ku ngorane y’abaganga b’Abarundi bashima kuja gukorera hanze y’igihugu.

« Kw’īsôko » mugishikirizwa na Emile Nibasumba

Imbere yo gusozera ano makuru dukurikire ivyanditswe n’ibinyamakururu bitandukanye ku Burundi mushikirizwa na Josephine jones Nkunzimana

Ni no  ngaha duciye dusozera ano makuru,nkaba nshimiye mwebwe mwese mwaduteze yompi n’ahubutaha.Ano makuru mukaba mwayashikirijwe na jewe  Pierre Gahungu

 

Ibindi bisa n'ibi