Turi ku munsi wa kabiri igenekerezo rya 27 Myandagaro umwaka w’2024, ncuti namwe bagenzi mwashimye gukurikira Radio inzamba agateka kawe, ndabahaye mwiriwe ndabaha n’ikaze murano makuru twabateguriye. Aya nayo akaba agizwe nizi ngingo nkuru nkuru zikurikira.
- Abanywanyi b’umugambwe CNDD FDD babandanya kuvugwa mw’itozwa ry’amafaranga yo guterera uwo mugambwe mu matora yo mu mwaka w’2025 mu ntara zitandukanye. Abandi bidoga nabo mu ntara ya Cibitoke ahariko haratozwa amafranga ari hagati y’ibihumbi 5 n’ibihumbi 10 mubikorera ivyabo hamwe n’ibihumbi 2 ku rugo. Ingendo banegura kwiriko irasongera isibe kuko bari basanzwe bari mu bukene nta ngere.
- Abakozi bakorera mu gisata c’amagara y’abantu ariko badafitaniye amasezerano y’akazi n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu barahagaritswe umutima n’ingingo yafashwe n’ubushikiranganji yo kubanganishiriza imishahara n’abahembwa n’ubushikiranganji bw’abakozi ba reta itigeze ija mu ngiro kuva ifashwe haraheze imyaka yababa 3. Murabikurikira Murano makuru.
- Mu mpunzi z’abarundi zahungiye mw’ikambi y’i Nduta muri Tanzaniya habandanya kuvugwa umutekano muke uterwa n’umurundi yigira impunzi ariko akorana n’urwego rw’iperereza rya Tanzaniya n’iry’Uburundi. Uwo muntu ngwari mubama bafatishije impunzi hadakurikijwe amategeko. Izo mpunzi zigasaba ishirahamwe HCR ko uyo muntu yokurwa muriyo kambi y’impunzi.
- Reka nsubire ndabipfurize ikaze, mukanya n’amakuru mw’ido n’ido.
Ano makuru tuyahere mu gisara ca politike.
Abanyagihugu bo mu ntara ya Cibitoki baridogera abanywanyi b’umugambwe CNDD FDD ko bariko barabaka ku nguvu amafaranga bavugako aray’intererano y’amatora yimirije yo mu 2025. Abo banyagihugu bavugako batumva ingene bategekwa gutanga ayo mafaranga kandi bose batanava muri uwo mugambwe. Bavuga kandi ko ivyo bije gusongera isibe kuko bari basanzwe bari mu bukene nta ngere, bagasaba leta ko yobihagarika. Ni inkuru tubaza Alexandrine Keza
Signoline Nijimbere tumukengurukire.
Abakozi bakorera mu gisata c’amagara y’abantu baridoga ko ingingo yafashwe n’ubushikiranganji yo kubanganishiriza imishahara n’abahembwa n’ubushikiranganji bw’abakozi ba reta itigeze ija mu ngiro kuva ifashwe haraheze imyaka irenga 2. Abarongoye ubuzi ngo banka kuyishira mu ngiro amafaranga atabuze, mu gihe bihutira kubaha amafaranga y’agashirukabute bita prime kuko arina bo biha menshi aho gutunganiriza abo barongoye. Ku bw’abo bakozi basanzwe bakora mur’ico gisata ariko badafitaniye amasezerano y’akazi n’ubushikiranganji bw’Amagara y’abantu, iryo tegeko nshikiranganji ngo ntiryigeze ryubahirizwa ahatari hake. N’inkuru tubaza Olivia Gakima.
Olivia Gakima nawe nyene tumukengurukire, mukanya amakuru twabateguriye tuyabandanyirize mu gisata c’ubutunzi.
Ibiciro vy’ibikoresho vyo kubk vyaraduze ku rugero rudasanzwe mu ntara ya Ruyigi mur’aya mezi abiri aheze. Akarorero, ni isima ihingurwa n’ishirahamwe BUSECO aho umufuko wahora ku bihumbi 38 500, ubu usigaye ugurwa ibihumbi 60. Abanyagihugu bavuga ko ivyo vyose vyatanguye kuyangara kuva aho igitoro kiburiye kuko ngo ababidandaza bavuga ko mu kuvyunguruza bariha amafaranga menshi. Basaba leta kwubahiriza amategeko kuko abadandaza basigaye baduza ibiciro uko bishakiye, iyi nkuru tuyibaze Eddy Claude Nininahazwe.
Eddy Claude Nininahazwe arakenuye. Mu gisata c’agateka k’impunzi,
Impunzi z’abarundi zahungiye mw’ikambi yi Nduta iri mu gihugu ca Tanzaniya ziratewe umutima uhagaze n’umurundi yigira impunzi ariko akorana n’urwego rw’iperereza rya Tanzaniya n’iry’Uburundi. Izo mpunzi zikavuga ko uyo murundi asanzwe yiyemerera ko akorana na leta y’uburundi kandi ko ashobora gufatisha umuntu wese mugihe abishatse. Izo mpunzi zigasaba ishirahalwe HCR ko uyo muntu yokugwa muriyo kambi y’impunzi. Ido n’ido na Joséphine Jones Nkunzimana.
Ni no kuriyo nkuru ivurwa mu gateka k’impunzi duciye dusozererako amakuru twari twabateguriye kuri uno wa kabiri, reka nshimire mwebwe mwese mwaduteze abiri, nshimire n’abagenzi banje bamfashije kuyegeranya, kuri micro mwarikumwe na Jean Marie Ndabashinze, ndabipfurize kuroraranirwa muvyo murimwo, naho ubutaha.