Amakuru

Amakuru yo kuwa 27 Nyakanga 2024

Publié le 27 septembre 2024 par Rédaction

Mwiriwe ncuti namwe bakunzi ba radio Inzmba agateka kawe kaze mumakuru yo kuruyu musi wagatani igenekerezo rya 27 Nyakanga umwaka wi 2024. Amakuru twabateguriye tuyahera kungingo nkuru nkuru zikurikira

Umukuru w’igihugu c’uburundi arabandanya kwidogera abo arongoye ko ataco bashoboye ahubwo ngo bashira inyungu zabo bwite imbere. Ivyo akaba amaze imisi agenda arivugira mumanama yise ayo gukundisha igihugu. Ariko Ferederiko Bamvunginyumvira yahoze ari mumabanga akomeye yo kuba icegera c’umukuru w’igihugu aranegura iyi nyifato kuko ngo umukuru w’igihugu afata ingingo atari kwidoga.

Mugisata c’indero naho, Abavyeyi barereye kw’ishure shingiro rya Ntunda muri commune Vyanda y’intara ya Bururi baridogera umuyobozi wiryo shure ko yanyuruje amahera batanze yaragenewe kubaka utuzu twasugumwe. Bagasba abamukurira gukurikirana ico kibazo kidasanzwe.

 

3.Abanyagihugu nabo bo kumugwa mukuru w’intara ya Muyinga bafise amikoro  make baridoga ko badashobora kugura isukari ku giciro gishahsha giherutse gushingwa na leta. Bavuga ko batakironka ico baha abana babo iyo bagiye kumashure. Basaba leta kugabanya ico giciro kuneza y’abarundi bose.

Kaze mwese mw’ido n’ido mukanya

Ndasubiye kubaramutsa mwese duhere mubijanye n’intwaro

Indongozi z’igihugu zihamagarirwa gukora ibikorwa bifitiye akamaro abanyagihugu bose muri rusangi kugira baze bashike kw’iterambere igihugu cipfuza. Ako n’akamo katewe kuruyu wakane muntra ya Makamba n’umukuru w’igihugu munama yo gukundisha igihugu yariko aragirisha indongozi zo muntara ya nshasha ya burunga ziherereye mubumanuko bw’igihugu. Evaritse Ndayishimiye akidoga avuga ko indongozi arongoye mugihugu zishira imbere inyungu zabo bwite gusa.  Tumukurikire

 

Kubona umukuru w’igihugu aguma yidoga vyerekana ko ataco ashoboye ko hariho abantu bamusumvya inguvu adashobora gukomakoma. Ivyo bivugwa na Ferederiko Bamvuginyumvira arongoye urunani CFOR ARUSHA ruhurikiyemwo imigambwe itavuga rumwe na leta y’Uburundi , asigurako umukuru w’igihugu atidoga , ahubwoko afata ingingo akabogoza abadashoboye amabanga bashinzwe. Dutegamatwi Ferederiko Bamvuginyumvira .

Ferederiko Bamvuginyumvira yibazako umukuru w’igihugu aguma yidoga ashira amakosa ku bandi kumvo z’amatora yimirije kugirango areshe abanyagihugu. Asaba abanyagihugu kuhagabira .

Radio Inzamba tubandanye mugisata c’indero

Imyidogo ni yose mubavyeyi barereye kw’ishule shingiro rya Ntunda ni muri komine Vyanda mu ntara ya Bururi. Bagiriza umuyobozi w’iryo shule Ferdinand Ndayikeza kuba yaranyuruje amafaranga yaragenewe kw’ubaka utuzu tw’ubwiherero bw’abanyeshule b’abahungu twari twarabomotse mumwaka w’ishule uheze. Basaba ubuyobozi bw’indero muntara ya Bururi gukurikirana ico kibazo,N’inkuru tubaza jean Baptiste Bireha

Arakenuye jean Baptiste Bireha

Tuje mugisata c’ubudandanji

Igiciro gishasha c’isukari c’amafaranga 8000 ku kiro ngo ni amananiza ku banyagihugu bafise amikoro abayabaye bari basanzwe basuma isukari nkuko bishikirizwa n’abavyeyi bamwe bamwe baba k’umugwa mukuru w’intara ya Muyinga. Abo bavyeyi bavuga ko isukari isigaye isumwa n’uwishoboye gusa nayo uwuyifuza agaca kure yaho idandarizwa. Abo bavyeyi ngo baratewe agahinda no kubura ico bafungurira abana mu gatondo bagiye kw’ishure canke muz’indi ngaburo zisaba isukari n’a cane cane ku bana bakiri bato. Basaba Reta kwiyumvira ku ngaruka mbi ziriko zishikira imiryango idashobora kuronka ayo mahera. Inkuru tubaza Frank Kaze

Imbere yo gusozera aya makuru tuje mugihugu ca Tanzaniya

Iterabwoba rikorerwa impunzi z’Abarundi mu gihugu ca Tanzaniya  haba mu majambo canke mu ngiro rirabandanya. Kur’uyu wa kane, uwujejwe igisata c’impunzi mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu ca Tanzaniya Sudi Mwakibasi, yavuze ko mu kwezi kwa mbere kw’umwaka uza impunzi yose izobazwa ikiyituma kudatahuka. Ivyo biriyamirizwa n’impunzi, aho zivuga ko ibibazo bazobazwa n’inyishu bazotanga, bitazohabwa agaciro na let aya Tanzaniya. Iyi nkuru tuyibaze Audace Nimbona

 

Arakoze Audace Nimbona, ni ngaha duciye dusozerera amakuru twariko turabashikiriza, mwakoze mwebwe mwese mwayakurikiye. Bonfils Niyongere nayabashikirije ndabipfurije kuroranigwa mubanyu no muvyanyu. Nahubutaha

 

Ibindi bisa n'ibi