Turi kuwa kane igenekerezo rya 27 Ruheshi umwaka 2024 ncuti namwe bagenzi mwashimye gukurikira Radiyo Inzamba Agateka kawe ndabahaye mwiriwe canke mwaramutse bivanye naho muherereye . iri ni rya sango ryamakuru mukirundi, nayo akaba agizwe n,izi ngingo nkuru nkuru zikurikira
- Ivuriro rikuru rya komine Nyanza lac muntara ya Makamba mw,ijoro ryo kuruno wa kabiri ushira uwagatatu ryarahiye riratokombera bivuye k,umuriro w,umuyagankuba.Abakozi bo kuri ivyo bitaro basaba abagiraneza kugira ico baterereye.
- Hari abakenyezi babiri babarundi bo mw,ikambi y,induta mugihugu ca Tanzaniya kuva kuruno wa kabiri atawuzi irengero ryabo.Amakuru ava ngaho mw,ikambi amenyesha ko batwawe n,abantu biyita abapolisi..Ngo boba bahorwa yuko abo bubakanye boba ari abarwanyi bumuhari Red Tabara.
- Nayo muntara ya Ngozi havurwa ikena ry,ibinyobwa bihingurwa n,ishirahamwe Brarudi cane cane ikinyobwa co mubwoko bwa Amstel aho indwi yose ishobora kurenga kitabonetse muri iyo ntara yose. Invo ngo akaba aruko iryo shirahamwe ryoba ryararonse isoko hanze. Saya gusa kwari guca kumasonga. Mukanya isase n,ido n,ido.
Ano makuru tuyahere mugisata c,ubutungane.Sentare Ntahinyuzwa yemeje kuruyu wakane igihano co gupfungwa ubuzima bwose kuri Général Alain Guillaume Bunyoni yahoze ari umushiranganji wa mbere. Ivyo biri mu ngingo Sentare Ntahinyuzwa, mu gice cayo c’iyungururizo, ihejeje gusomera Général Alain Guillaume Bunyoni hamwe na bagenziwe. Iruhande y’ico gihano, Général Bunyoni yafatiwe amatungo yose atari yarandikishije, yongera aratangishwa ihadabu ry’imiliyaridi zirenga 22. Ivyaha indwi yaburanishijweko yavyagiriye vyose. Bagenziwe bapfunganywe Colonel Désiré Uwamahoro, Colonel Destino Bapfumukeko na Côme Niyonsaba yahoze ari umwubatsi wa Bunyoni, nabo nyene bagumijweko ibihano vya mbere, birimwo ico gupfungwa imyaka 15. Tubibutse ko General Alain Guillaume Bunyoni yagirijwe ivyaha indwi harimwo ico gushaka kwica umukuru w’igihugu Evaritse Ndayishimiye akoresheje uburozi.
Mugisata kijanye n,umwuga wo kumenyesha amakuru ngo amabuye aherutse guterwa kucicaro c’ikinyamakuru Iwacu ngo n’ikimenyetso gikomeye co gutera ubwoba abamenyeshakuru bakorera mugihugu kandi vyerekana ko abamenyeshamakuru badakingiwe na gato. Biri mw’itangazo ryasohowe kuruyu wakane n’umuhari Iteka uharanira agateka kazina muntu mu Burundi. Ukabivuga inyuma yaho ikinyamakuru iwacu giterewe amabuye menshi n’abantu bataramenyekana. Anschaire Nikoyagize arongoye umuhari Iteka akabona ko ibimaze igihe bikoregwa ikinyamakuru Iwacu ari iterabwoba agasaba leta gukingira abamenyeshaamkuru kugira bashobore kurangura umwuga wabo neza mugihugu.
Ano makuru tuyabandanirize mw,ikambi y,impunzi z,abarundi y,induta mugihugu ca Tanzaniya aho hari abakenyezi babiri babarundi baba muri iyo kambi ku mugoroba wo ku musi wa kabiri wiyi ndwi barafashwe baranyuruzwa n’abantu biyita ko ari abapolisi , mu nyuma batwagwa ahantu gushika nubu hataramenyekana. Bivugwako abo bakenyezi boba bahogwako abagabo babo boba bari mu muhari RED TABARA. Ivyo abagereye imiryango yabo bamirira kure, ahubwo bagasaba ababijejwe gukora ibishoboka vyose kugirango abo bakenyezi ntibagirigwe nabi . Ni inkuru ya Olivia Gakima..
Ishirahamwe HCR ritegerezwa kuva mu gacerere rikabwiriza Tanzaniya kureka guhohotera impunzi z’Abarundi ziri ku butaka bw’ico gihugu. Ako n’akamo k’Urunani rw’Abarundi baharanira agateka k’impunzi ziba mu nkambi. Jean Bosco Vyizigiro, umuvugizi wa CBDH-VICAR akaba atera ivyatsi inyuruzwa ry’impunzi ryakozwe mu kiringo c’indwi zitatu ziheze. Akagabisha reta ya Tazaniya ku ruhara rya yo mur’ayo mabi yisunze amasezerano akingira impunzi. Kurikira Jean Bosco Vyizigiro.
Mumakuru ajanye n,ibidukikije inyubakwa z, ivuriro rikuru ry,inyanza lac ni muntara ya makamba kw,ijoro ryo kuwakabiri rishira kuwagatatu ry,arahiye riratokombera biturutse kumuriro w,umuyagankuba. Ibikoresho biri muri ivyo bitaro vyarahiye biratokombera.Abakozi bo kuri iryo vuriro basaba abagiraneza kugira ico baterereye kugira imirimo isubire gukora.N,inkuru ya Josephine jones Nkunzimana
Imbere yo gusozera ano makuru dukubitire muntara ya Ngozi aho havurwa ibura ry’ibinyobwa vya BRARUDI. Iyo bibonetse bimara umwanya urume rumara. Ikinyobwa ca Amstel gisanzwe gikundwa n’abatari bake, indwi canke irenga irashobora guhera kitabonetse. Bimwe mu bituma ivyo binyobwa bitaboneka, bivugwa ko BRARUDI yoba yararonse ayandi masoko muri kongo iharanira demokarasi no mu Buganda aho bishura ama dolari, ibura ry’igitoro hamwe n’uko ata mafaranga mvamakungu akwiye iryo shirahamwe rifise yo kugura vya nkenerwa bikoreshwa mur’iryo hinguriro. Aho bigeze abanyagihugu ngo basigaye bikorera utuyoga dukaze cane bagatinya ko tuzohava tubangamira amagara y’abanyagihugu. Iyi nkuru tuyibaze Alexandrine Keza.
Ni no ngaha duciye dusozera ano makuru,nkaba nshimiye mwebwe mwese mwaduteze yompi n,ahubutaha.Ano makuru mukaba mwayashikirijwe na jewe Bonfils Niyongere .