Ndabahaye mwiriwe ncuti namwe bakunzi ba radio Inzamba agateka kawe kaze mumakuru adasanzwe twabateguriye kuruyu musi wakane igenekerezo rya 27 Ruhuhuma umwaka wi 2025. Aya makuru adasanzwe mukaba mwayateguriwe na Radio inzamba ifadikanije n’ishirahamwe Sos torture.
Aya nayo akaba agizwe n’ingingo imwe rudende rwa nege, haraheze hafi amezi ane Umukuru w’igihugu Varisto Ndayishimiye asohoye itegeko ryo guha ikigongwe co kurekura abanyorororo barenga gato ibihumbi 5000. Kw’igenekerezo rya 14 Munyonyo umwaka wi 2024 Varisto Ndayishimiye yatangaje ko iyo ngingo ija mungiro mukiringo kitarenga indwi 2 gusa. Ariko kuva ico gihe hari abanyororo bakivundiye mumunyororo. Muraya makuru adasanzwe muraza kumva bamwe n’abandi ico bavugako kuriyo ngingo itigeze ija mungiro hamwe nico bahanura kugira ingingo yo kugabanya ibitigiri vy’abanyororo mumabohero ishigwe mungiro vyukuri. Kaze mwese mw’ido n’ido ni mukanya gato.
Ndasubiye kubaramutsa
Umukuru w ‘igihugu Evaritse Ndayishimiye yaratanze ikigongwe co kurekura abanyororo berwa n’ivyaha bito bito Kubanyororo 5442 bari mumabohero yo mugihugu cose. Iyo ngingo yayifashe igenekerezo rya 14 Munyonyo umwka wi 2024. Naho biruko benshi mubanyororo baracavundiye mumunyororo. Jean Baptise Bireha aratwibutsa ibijanye niyo ngingo,
Ishirahamwe APRODH riharanira agateka k’abanyororo ryari ryashimye iyo ngongo y’umukuru w’igihugu yo gutezurira abanyororo, ariko rikababazwa nuko ishigwa mu ngiro ryayo ryamye rirangwamwo utunenge tutari duke. Ishirahamwe APRODH ritanga akarorero nk’abanyororo benshi bahejeje umunyororo wabo n’abandi bejejwe n’ubutungane ariko bakivundiye mu munyororo. Iryo shirahamwe ryiyamiriza kandi ingene iyo ngingo yavanguye abanyororo bategerezwa kurekugwa, ko abagirizwa ivyaha vya politike bobo atigera barekugwa. Dutegamatwi Petero Karaveri Mbonimpa arongoye ishirahamwe APRODH.
Petero Karaveri Mbonimpa asabako abanyororo bose bakwije ibikenewe vyose ko borekugwa ukuri kwamye , ngo niho na politike yo kugabanya ibitigiri vyabo mu mabohero yoba iriko irakurikizwa neza . Dusubire tumnwumvirize.
Iyo ngingo y’umukuru w’igihugu yo gutanga ikigongwe ntiyagiye mungiro nkuko vyategerezwa kugenda kuko yari uruyeri gwo guhenda ibihugu vyahora bifasha uburundi. Insiguro zitangwa n’umushingwamanza Francois Nyamoya yanonoye ibijanye n’amategeko akaba n’umunyamabanga w’umugambwe MSD. Kubwiwe uko vyakozwe biciye kubiri n’amategeko kuko ingingo y’umukuru w’igihugu iba yanditse kandi igashigwa ahabona. Akabona ko ata gushaka naguto kwa leta y’uburundi yigeze igira yo kurekura impfungwa na cane cane iza politike. Kurikira
Ukudashira mu ngiro ingengo y’umukuru w’igihugu irakora ku bakenyezi no ku miryango kuko bishobora guhahamura abakenyezi n’abana. Bishikirizwa na Marie Louise Baricako arongoye umuhari Inamahoro, w’abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano mu Burundi, aho amenyesha ko ipfungwa ry’umugabo bituma ubukene bwugariza umuryango, tumwumvirize
Eka no mu kibano ngo si yororo kuko imiryango iraba nabi abana b’uwupfunzwe bikabaviramwo kwikumira amashure nayo akabananira kubera umutima uba uri ahandi. Ikindi ngo n’uko abantu bashobora kwibaza igituma ingingo y’umukuru w’igihugu ishobora kuvuguruzwa, n’ubu tumwumvirize
Imbere yo gusozera amakuru adasanzwe mukurikire akamo k’ishirahamwe Sos Torture.
Ni ngaha duciye dusozerera amakuru adasanzwe twariko turabashikiriza. Mukaba mwayateguriwe na radio Inzamba agateka kawe ifadikanije n’ishirahamwe SOS torture. Nshimire mwebwe mwese mwayakurikiye. Nkaba ndabipfurije kuroranigwa mubanyu no muvyanyu. Naho ubutaha.