Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo kuwa 28 Ruheshi 2024

Publié le 28 juin 2024 par Rédaction

Mwiriwe ncuti namwe bakunzi ba radio Inzamba agateka kawe kaze mumakuru yo kuruyu musi wagatanu igenekerezo rya 28 Ruheshi umwaka wi 2024. Aya makuru twabateguriye tuyahere kungingo nkuru nkuru ziyagize

 

  • Hari umuganga wo muntara ya Ngozi abarizwa mw’iboero ryiyo ntara haraheze imisi ine. Uyo nawe ngo yagirizwa kuba yarabaze umukenyezi yari yibugenze munyuma aritaba Imana. Urwego rw’abaganga muriyo ntara bagasaba ko ubutungane bwokora budahengamye murugwo rubanza.

 

  • Imyidogo ni myinshi mubasirikare bahora mubutumwa bwo kugarukana amahoro mugihugu ca Somaliya kubera haheze igihe kinini batararonswa udufaranga twabo. Umushingaranji wo kwivuna abansi akaba yasiguye mukiganiro c’inzego za leta ko bariko baravugana n’ibanki nkuru ya leta kugira ibe irabagurana ayo guhemba abo basirikare.

 

 

  • Abantu batatu harimwo umwana bo mw’ikambi y’impunzi y’induta baraye bahagaritswe n’igipolisi ca Tanzaniya. Impunzi zo muriyo kambi zivuga ko zitaramenya aho bajanywe gupfungirwa kandi ko gushikubu baratamenya ico bazira. Basaba ishirahamwe HCR kufasha kugwanya amabi bariko barakoregwa yo kunyuruzwa. Kaze mwese

 

Hari umuganga azwi kw’izina rya Guy Iriba amaze imisi ine apfungiwe mw’ibohero rikuru ry’abagabo rya Ngozi. Akaba yagirizwa kuba yarabaze umukenyezi yari yibungenze haciye imisi bimuviramwo kwitaba Imana. Urwego rw’abaganga mu ntara ya Ngozi rugasaba ubutungane gukora hisunzwe amategeko kandi ku neza y’uwo muganga ngo na rirya bwari bubaye ubugira kane yibarutsa uwo mukenyezi yongera amuvura n’indwara zitandukanye. Ido n’ido na Janvier Habarugira.

Imyidogo ni yose mubasirikare baheruka mugikorwa co kugarukana amahoro mugihugu ca somaliya. Imvo nyamukuru ngo nuko bamaze umwaka urenga batararonswa agashahara kabo. Bavuga ko bituye umukuru w,igihugu  ariko ko atanyishu bigeze baronka.

 

Umushikiranganji wo kwivuna abansi Alain Tribert Mutabazi arahumuriza abo basirikare, Avuga ko bariko baravugana n’ubushikiranganji bw’ikigega ca leta n’ibanki nkuru y’igihugu kugirango babatize ayo mafaranga bashobore guhemba abo basirikare.  Yabivugiye kuruyu wa gatanu hariya muntara ya Makamba  mukiganiro c’abashikiranganji ba leta bahaye abamenyeshamakuru n’abanyagihugu. Agasigura ko ayo mafaranga atihuta kuboneka kubera  ngo uburyo buke bw,umuryango w,ubumwe bwa Afrika kuko nawo arubwo  asaba  ayandi mashirahamwe.

Ariko amakuru yizewe uruganda rwa radio Inzamba Agateka kawe rufise, nuko buri mezi atatu atatu, ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika ritanga amafranga yo guhemba abasirikare bari kugarukana amahoro muri Somalia.

Umukenyezi n’umwana wiwe hamwe n’umugabo umwe baraye bahagaritswe mw’ijoro ryakeye mw’ikambi y’impunzi z’abarundi y’i Nduta. Bahagaritswe n’igipolisi ca Tanzaniya ku mihana yabo. Ababanyi babo, bavugako bataramenya icatumye bahagarikwa niyo boba bapfungiwe. Impunzi z’abarundi i Nduta zisaba ishirahamwe HCR kubafasha bagakurikirana ayo mabi bariko barakorerwa.

Ishirahamwe Ligue ITEKA riharanira agateka ka zina muntu ririyamiriza ibintu vyo kunyuruza no guhagarika abantu bidaciye mu mategeko bisa nivyimonogoje mw’ikambi y’impunzi y’i Nduta mu gihugu ca Tanzaniya. Iryo shirahamwe ribivuga rifatiye cane cane ku bakenyezi babiri babarundi banyurujwe ku musi wa kabiri w’iyi ndwi bagirizwako  abagabo babo boba bari mu muhari Red Tabara. Ishirahamwe Ligue Iteka rivugako ridatahura ingene umukenyezi ashobora guhogwa ibikorwa vy’umugabo wiwe, rikibaza ahubwo ko leta y’Uburundi yoba ibifisemwo uruhara. Iryo shirahamwe risaba ishirahamwe mpuzamakungu HCR riraba ivy’impunzi gukurikiranira hafi ico kibazo

Abarundi baba mu gihugu ca Zambiya barasaba ubuserukizi bw’uBurundi mur’ico gihugu kuba hafi y’Abarundi mu gihe hadutse ingorane. Abo Barundi babivuze mu gihe Leta ya Zambiya iriko irakora imikwabu igafata abo bose baturuka mu bindi bihugu. Gushika kur’uyu wa kane igenekerezo rya 27 kuno kwezi abarundi 42 bari bamaze gufatwa. Basaba kandi Leta y’uBurundi kugiranira amasezerano na leta ya Zambiya ku bijanye n’Abarundi bakorera mur’ico gihugu, nk’uko yabikoze ku barundi bakorera mu bihugu vy’abarabu.

 

 

 

Ibindi bisa n'ibi