Turi kuwa gatanu n’igenekerezo rya 28 Ruhuhuma umwaka 2025 ncuti namwe bagenzi mwashimye gukurikira Radiyo Inzamba Agateka kawe ndabahaye mwiriwe canke mwaramutse bivanye naho muherereye .Iri ni rya sango rya makuru mukirundi nayo akaba agizwe n’izi ngingo nkuru nkuru zikurikira.
- Umukuru w ‘igihugu Evaritse Ndayishimiye avuga ko imirwi y ‘ iterabwoba ikorera kubutaka bwa Congo harimwo n’ umuhari FDRL ikwiye gutuzwa kugira amahoro agaruke mubuseruko bwa Congo. IVyo umukuru w’igihugu yabishikirije kuruno wa kane imbere yabaserukira ibihugu vy’ abo mu Burundi.Urunani CEFOR ARUSHA rubona ko u,ukuru w ‘igihugu yahinduye invugo.Ngo rushobora kuba ari uruyeri be na Mugenzi we Tchisekedi bariko bakoresha kugira barabe ko bogaruza ivyo bataye muri iyo ntambara.
- Imyiteguro yo kurungika abasirikare b’ uburundi muri kongo irabandanya ni mugihe intambara zegereje urubibe uburundi buhana na KONGO.Abasirikare ngo bahaze itegeko ryo kubuza ko umuhari M23 w’igarurira ibindi bice no kubakura muvyo bamaze gufata .
- Abepiskopi bahurikiye munama z ‘ abepiskopi bo m’ubihugu vya Afrika yo hagati basaba ko ivyapfunditswe munama zabakuru bibihugu n’amareta bahurikiye mumuryango wa Afrika y’ubuseruko EAC na SADEC ko boshira mungiro amasezerano yateweko igikumu i Luanda na Nairobi kugira inryane ziri mugihugu kibanyi ca Congo zitorerwe umuti.
Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye kuri uno wa kane, imbere y’abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi, yarashikirije aho igihugu gihagaze ku vyerekeye umutekano muke urangwa mu buseruko bw’igihugu ca leta iharanira demokrasi ya Kongo. Umukuru w’igihugu Ndayishimiye muvyo yavuze bikwiye gukogwa kugira mahoro agaruke muri ico gihugu, harimwo ko imigwi y’iterabwoba ikorera muri ico gihugu yotuzwa , akavuga nk’umugwi waba FDLR uhungabanya umutekano mu karere na cane cane mu gihugu c’Urwanda. Dutegamatwi umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye.
Urunani CFOR ARUSHA ruhurikiyemwo imigambwe itavuga rumwe na leta , rubonako umukuru w’igihugu Ndayishimiye yahinduye imvugo ku kibazo c’umutekano muke mu uri buseruko bw’igihugu ca la leta iharanira demokrasi ya Kongo , no kuvyerekeye igihugu c’Urwanda. Urunani CFOR ARUSHA rwibazako iyo mvugo ari uruyeri rwa Ndayishimiye ariko agerageza kuraba ko ivyo we, na mugenziwe w’i Kongo Tchisekedi , bogaruza ivyo batakaje mu ntambara ziheruka . Urunani CFOR arusha rwibazako hari ibintu bitari bike vyinyegeje muri iyo mvugo ya Ndayishimiye. Dutegamatwi Jean Bosco Rwigemera icegera c’umukuru w’urunani CFOR ARUSHA.
Mu gihe intambara mu gihugu ca Congo iharanira intwaro Rusangi zegereje urubibe u Burundi buhana na Congo, imyiteguro no kurungika abasirikare birabandanya. Amakuru ava mu gisirikare avuga ko bahawe itegeko ryo kubuza umuhari M23 kubandanya wigarurira ibindi bice no kuwaka ivyo wamaze gufata. Inkuru ya Bonfils Niyongere.
Tukiri mumakuru ajanye n’ umutekano Abepiskopi bagize inama z’abepiskopi bo mubihugu vya Afrika yo yagati ACEAC baratewe umutima uhagaze n’inryane zimaze imyaka irenga mirongo itatu mukarere kibihugu bigize ibiyaga bini ..Abo bepiskopi baratera ivyatsi ayo mabi y’ingwano zitema zitongora. Bagasaba ko amasezerano yateweko igikumu n’abakuru bibihugu na ma Leta I Nairobi ni Luanda yoshirwa mungiro,Ivyo bikaba vyavugiwe Dar salam kuruno wa 26 munama yahuje abepiskopi naba karadinari bo mubihungu vy’uburundi ,Urwanda na Republika iharanira intwaro Rusangi ya congo bari barungitswemo na ACEAC Kugira bagire ico bapfunditse mugutorera umuti inryane zo mukarere cane cane muntambara ziriko zibera mubuseruko bwa Congo.Kurikira Musenyeri Salvator Niciteretse numwungere wa Diyoseze ya Bururi akaba n’icegera c’ ishirahamwe ry ‘ abepiskopi b ‘ iburundi coference des eglises catholique du Burundi CECAB riri muri uyo muryango.
CECAB KIR.
Ibikorwa vy’ubudandaji vyarahagaze ku kivuko c’ubudandaji ca Rumonge. Imvo, ni umutekano muke wibonekeza mu buseruko bwa Congo, mu ntara ya Sud-Kivu. Nta bidandazwa vyinjira canke bisohoke, bigatuma haba uruhombo runini ku badaza. Mu ntwaro bavuga ko bugaye ico kivuko ku kwanka ko abantu bikekwa ko ari inkozi z’ikibi bashobora kuhinjirana. Ntiharamenyekana igihe ico kivuko kizosubira gukora. Inkuru ya Parfait Mudasigana.
Komine Nyamurenza mu ntara ya Ngozi, ubu iramutswa umuyobozi agira gatatu muri iyi myaka itanu. Dieudonné Niyonzima niwe yatowe n’inama mpanuzwajambo ya komine Nyamurenza ngo ayobore iyo komine, aca agenwa n’umukuru w’igihugu kuri uyu wa 21 Ruhuhuma 2025. Akaba agarutse ku buyobozi bwa komine Nyamurenza kuko yigeze kuyitwara imbere yiki kiringo c’imyaka 5. Abaye musitanteri agira gatatu agenywe ico kiringo kitarahera. Uwo muyobozi mushasha akaba asubiriye Alexis Ntunzwenayo yaheruka gukomborwa ku wa 13 Kigarama 2024 mbere agatabwa mu mvuto yagirizwa amakosa atandukanye nk’uko vyabonetse mu nzandiko zitandukanye zamukura ku buyobozi.
Tukiri muburaruko bw’igihugu Urwaruka 38 rugizwe n’abahungu 37 n’umwigeme 1 bari bagiye mu gihugu ca Ouganda gupagasa, bari mu minwe y’igipolisi k’umugwa mukuru w’intara ya Muyinga kuva k’umugoroba wo ku musi wa 3, nkuko amakuru ava mu gipilisi avyemeza. Urwo rwaruka ruva mu mihingo itandukanye nko mu gisagara ca Bunjmbura, intara ya Bujumbura, Rumonge na Bururi. Igipilisi kivuga ko cabahagaritse mu ntumbero yo kubagirako amatohoza ngo kuko cabagizeko amakenga kubona bahurira kur’urwo rugendo kandi baja hamwe Bose. Igipolisi kirabeshuza urukurukuru ruvuga ko urwo rwaruka rwafatanywe ibigwanisho.
Ni no ngaha duciye dusozera ano makuru nkaba nshimiye mwebwe mwese mwaduteze yompi ngashimira na bagenz’anje umwe wese kugiti ciwe banfashije kuyabatororokaniriza mugire aho muba mwubahwe mubanyu no muvyanyu. N’agahwane.