Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo kuwa 29 Gitugutu 2024

Publié le 29 octobre 2024 par Rédaction

Turi kuwa   kabiri  n’igenekerezo  rya    29 Gitugutu umwaka 2024 ncuti namwe bagenzi mwashimye gukurikira Radiyo Inzamba Agateka kawe ndabahaye mwiriwe  canke mwaramutse bivanye naho muherereye . iri ni rya sango ry’amakuru mukirundi nayo  akaba agizwe n’izi ngingo nkuru  nkuru zikurikira

  • Ubutugetsi buhari uno munsi bwatumye Abarundi bagira ishavu kuko ataco bwabashikanyeko mubijanye n’iterambere ari naco gituma batariko bariyandikisha k’ubwinshi ngo baze bitabe amatora yo 2025. Ivyo bivurwa na Anicet Niyonkuru arongoye umugambwe CDP inserukarukanvye. Kubwiwe ngo abarundi ntakamaro babona ko kuja muri ayo matora.
  • Muntara ya Rumonge naho harafashwe ingingo ruhasha kurabo bose batariyandikisha mumatora.Kuva kuruno wambere ntamunyagihugu arekuriwe kw’injira mw’isoko nkuru ya Rumonge atabanje kwerekana ko y’iyandikishije.Aba babara cane akaba ari abanyagihugu baba baje bava kure bagataha uko.
  • Ingingo zagatotezo n’iterabwoba ziriko zifatwa n’abarongoye amakomine yirya no hino mugihugu kubatariyandikisha ngo bazitabe amatora bigaragaza ko atacizere kihari ko ayo matora azogenda neza.Ivyo bivurwa na Marie Louise Baricako arongoye umuhari inamahoro w’abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano.Aya n’ayandi ni mukanya.

Ndasubiye kubaramutsa.Ano makuru tuyahere muri politike.

Kubona abanyagihugu badahurumbira igikorwa co kuja kw’iyandikisha ngo bazitabe amatora yo mumwaka 2025 n’uko batanezerejwe n’ibikorwa  vyaranguwe n’abategetsi batwara igihugu. Abanyagihugu  bakabona ko nubu n’aho bokwitaba ayo matora atakizohinduka.ivyo vyashikirijwe na Anicet Niyonkuru arongoye umugambwe CDP inserukarukavye mu  kiganiro  yashirije abamenyesha makuru kuruno wakabiri aho avuga ko ari co gituma abarongoye intwaro bariko bakoresha inguvu n’iterabwoba kugira abanyagihugu baje kw’iyandikisha kubwinshi. Kurikira Anicet Niyonkuru,

Anicet Niyonkuru abona ko Uburundi buriko bufata inzira yo kuja mumugambwe umwe. ivyo n’avyo ngo umurwi w’igihugu ujejwe gutegura amatora  CENI ubifisemwo uruhara uravye ingene ikirangaminsi c’amatora uyo murwi w’agitunganije,Anicet Niyonkuru agafatira kumwanya muto uyo murwi wategekanije kugira imigambwe yifuza kugira inani ngo yitunganye.N’ubu nyene tumwunvirize,

Tukiri muri politike imyidogo ni yose mu banyagihugu batari bake basanzwe baja kwikenura mw’isoko nkuru yo mu ntara ya Rumonge. Kuva kuri uno wa mbere nta munyagihugu yemerewe kwinjira muri iryo soko aterekanye icemezako yiyandikishije kuja mu matora yimirije. Abashavuye gusumba abandi ni abanyagihugu baza bavuye mu mihingo ya nkure y’intara baza bagataha zirayoye. Ni inkuru ya Jean Georges Kibogora.

 

 

Ibiriko biraba mu gihugu c’uBurundi kubijanye no kwandika  abazoja mu matora yimirije vyerekana ko ayo amatora ata cizere umuntu yogira ko azogenda neza. Bishikirizwa na Marie Louise Baricako arongoye  umuhari Inamahoro. Avuga ko ingingo z’abarongoye amakomine ziguma zifatwa mu gutoteza abatariyandikisha bidahumuriza na gatoya, umvirize Marie Louise Baricako

Avuga kandi ko agahato katerekana amahoro n’umutekano vyategerezwa kuranga amatora yo kwizerwa vy’ukuri, n’ubu tumukurirkire

IImbere yo gusozera ano makuru dutandukire igisata kijanye n’amagara y’abantu.Igenekerezo rya 29 Gitugutu rihurirana n’umunsi mpuzamakungu wahariwe gukinga uburwayi bw’ubumuga bufatiye mu mutwe buje giturumbuka buzwi kw’izina rya AVC. Iyo ngwara ikaba no mu Burundi ihitana abantu abandi bakamugara naho ibitigiri bitaraba vyinshi. Bimwe mubiyitera, dusangamwo ingwara y’umuvuduko w’amaraso hypertension, ingwara y’igisukari diabète, itabi n’ukunywa inzoga ku rugero runini. Kubwa muganga Benjamin Ndihokubwayo, yanonosoye ingwara zifatira mu mitsi, ngo AVC irashobora kuvugwa igakira mu gihe umuntu ayivuje hakiri kare. Kurikira.

Muganga Benjamin Ndihokubwayo, akaba yabivugiye kuri radio Bonesha FM.

Ni no  ngaha duciye dusozera ano makuru,nkaba nshimiye mwebwe mwese mwaduteze yompi mugire aho muba mwubahwe mubanyu no muvyanyu n’agahwane.

Ibindi bisa n'ibi