Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo kuwa 29 Mukakaro 2024

Publié le 29 juillet 2024 par Rédaction

Mwiriwe ncuti namwe  bakunzi ba radio Inzamba agateka kawe kaze mumakuru yo kuruyu musi wa mbere igenekerezo rya 29 Mukakaro umwaka wi 2024. Ayo twatabteguriye tuyahera kungingo nkuru nkuru zikurikira

 

  • Amarira niyo yari mubanyagihugu bo mubice bitandukanye umukuru w’igihugu yagiye araca kuruyu wambere atahutse i Bujumbura asozera urugendo yaramazemwo ukwezi mu gihugu hagati. Abanyagihugu bakaba bategetswe kugara ibikorwa vyose. M’urunani CFOR Arusha baratera ivyatsi inyifato y’umukuru w’igihugu bakabona ahubwo ko yatanguye imyiyamamazo.
  • Ishirahamwe PARCEM rivuga ko rirarajwe ishinga n’ingene ikigo ANAGESSA kijejwe kugura no kwegeranya umwimbu w’abanyagihugu kiriko kirakora akazi cishinze. Parcem bakanegura cane cane ukuntu ico kigo giteba mukuriha umwimbu w’abanyagihugu. MurI Parcem batera akamo ikigo Anagessa kwikubita agashi bagakurikiza amasezerano bagiraniye n’abanyagihugu.
  • Baratakamba kuronswa agashirukabute kabo. Abo nabo n’abakozi b’ishirahamwe ryo kuziganya no kuguranana Wise aho bavuga ko haheze amezi atandatu batararonka agashirukabute bemerewe. Bagasaba ko ico kibazo cotoregwa inyishu vuba bwango. Kaze mwese mw’ido n’ido ni mukanya

Ndasubiye kubaramutsa

Amarira ni menshi mu banyagihugu b’aho umukuru w’igihugu yagiye araca kuruyu wambere atahutse i Bujumbura asozera urugendo yaramaze mwo ukwezi mu gihugu hagati. Abo banyagihugu bavuga ko badatahura igituma kuja kuraba umukuru w’Igihugu aho aca riba itegeko kuri bose, kugeza aho imirimo yose ihagarara. Akarorero nako muri komine Mukaza aho Imbonerakure, abapolisi n’abajejwe intwaro bategeka abantu guhagarika ivyo bariko barakora vyose. Ido n’ido na Josphine Jones Nkunzimana

 

Iyo myidogo y’abanyagihugu yibonekeje inyuma y’aho umugambwe CNDD-FDD usohoreye itangazo rihamagarira abanywanyi bawo kuja kwakira Evariste Ndayishimiye atahutse avuye mu rugendo yaramaze mwo imisi mu gihugu.

 

Ingendo z’umukuru w’igihugu amazemwo imisi mugihugu hagati yabandanirije mugisagara ca Bujumbura ngo biboneka ko ariko ategura imitima y’abarundi kugirango abarundi basubire bamugirire icizere mumatora yo mumwaka wi 2025. Bisigugwa na Frederico Bamvunginyumvira arongoye urunani CFOR ARUSHA.  Agasigura ko Varisto Ndayishimiye ariko ahuma amaso abanyagihugu kugira bibagire ibibazo bitari bike bibahanze kandi adafitiye inyishu. Akamuhanura guhagarika iyo nkinamico kuko abanyagihugu benshi bitaba amakoraniro yiwe kunguvu. Kurikira

 

Tubandanye ayo twabateguriye

Imyidogo ni yose mubakozi bo mw’ishirahamwe ryo kuziganya no kuguranana Wise. Abo bakozi bavuga ko haheze amezi atandatu bataronswa agashirukabute kabo bita indemnités de caisses. Basaba urwego nshingwantwaro kubatunganiriza. N’inkuru tubaza Alexandrine Keza.

 

Radio Inzamba turabandanya yo twabateguriye

Ishirahamwe PARCEM ryishinze gukangurira abarundi guhindura ingendo kugira bashike kwiterambere rirama rirarajwe ishinga n’ingene ikigo ANAGESSA kijejwe kugura no kwegeranya umwimbu w’abanyagihugu kiriko kirakora akazi kishinze. Ishirahamwe PARCEM ribonako ico kigo kiguma giteba cane mu kuriha abarimyi caguriye umwimbu,  rikibaza ko ukwo kudakora akazi ku gihe kw’ico kigo ,  biterwa nuko  kitagira ibiharuro bikwiye bimwe bita STATISTIQUES mu bijanye n’umwimbu w’iki na kiriya , hamwe rero n’ uburyo budakwiye mu vyerekeye ubuhinga n’amafaranga. Dutegamatwi Faustin Ndikumana umuyobozi w’ishirahamwe PARCEM.

Faustin Ndikumana asaba ikigo ANAGESSA gukora ibishoboka vyose kugira umwimbu w’abanyagihugu ubungabungwe neza , agatera akamo na leta kureka n’abandi badandaza babishoye , kugura umwimbu w’abanyagihugu. Faustin Ndikumana. Dusubire tumwumvirize.

 

Tubandanye mugihugu ca Tanzanie mumakuru y’impunzi

Hari uruhigi rw’impunzi z’abarundi rwatanguye haraheze iminsi mike mw’ikambi ya Nduta. Bahorwa kuba ari incuti za bamwe mu mpunzi ziherutse guhunga iyo kambi batinya kwicwa. Bamwe muribo bahorwa n’igipolisi ca Tanzaniya kuba batanga amakuru kumashirahamwe y’abaharanira agateka ka zina muntu n’amaradiyo mpuzamakungu kubuzima bubi impunzi z’abarundi babayemwo mu makambi yo muri Tanzaniya. Inkuru ya Pierre Gahungu.

Imbere yo gusozera

Mumakuru y’inkino,  inkino z’igice ca mbere ivyo bita « phase aller » mw’ihiganwa rya basket ball ku rwego rw’igihugu zarangiye ku munsi wa gatandatu. Urunani rukaba ruza kw’isonga nayo New Star ikaba iyanyuma. Mumupira w’amaguru wo ku munsenyi, Uburundi bwaraye butsinzwe na Malawi mu nkino zo kurondera imirwi izokina inkino z’igikombe ca Africa zizobera muri Egypte mu mwaka uza. Inkuru ya Alexandre Niyungeko

Arakenuye Alexandre Niyungeko, Ni ngaha duciye dusozerere amakuru twariko turabashikiriza, mwakoze mwebwe mwese mwayakurikiye. Eddy Claude Nininahazwe nayabashikirije ndabipfurije kuroranigwa mubanyu no muvyanyu. Nahubutaha.

Ibindi bisa n'ibi