Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo kuwa 29 Ntwarante 2025

Publié le 29 mars 2025 par Rédaction

Ndabahaye mwiriwe ncuti namwe bakunzi ba radio Inzamba agateka kawe kaze mumakuru yo kuruyu musi wa gatandatu igenekerezo rya 29 Ntwarante 2025. Aya nayo tuyahera kungingo nkuru nkuru ziyagize

  • Umushikirizamanza mukuru wa parquet ikukira sentare isubiramwo imanza ya Ngozi ari muniwe y’ubutungane kuva kuruyu wagatanu. Akaba yagirizwa kurekura umuntu yari yafashwe yivye ubutare. Ipfungwa ryiwe rikaba ribaye inyuma y’imyidogo yabo mugisata c’ubutare bashikirije umukuru w’igihugu.
  • Mumugambwe MSD nabo babona ko leta y’Uburundi ikwiye kumenyako kwugara imipaka Uburundi buhana n’igihugu c’Urwanda bidahana ico gihugu c’Urwanda ahubwo bishira mungorane abanyagihugu. Uyo mugambwe ukaba ubivuze inyuma y’insiguro z’umuvugizi w’umukuru w’igihugu aho bavuga ko batarota bugurura imipaka badahawe abo lerta yise inkozi zikibi.
  • Urunani rw’abaharanira agateka ka zina muntu baba mu makambi y’impunzi CDH-VICAR, ruvuga ko ruhagaritswe umutima n’umutekano muke urangwa m mpunzi z’abarundi ziri mu makambi y’iguhugu ca Congo. Izo mpunzi zikaba zagirizwa gukorana n’imirwi igwana murico gihugu. Murugwo runani basaba leta ya Congo gukingira agateka kizo mpunzi. Kaze mwese

 

Ndasubiye kubaramutsa duhere muhijanye n’ubutungane

Umushikirizamanza mukuru wa parquet ikukira sentare isubiramwo imanza ya Ngozi Prosper Yamuremye ari mu minwe y’ubutungane kuva ejo ku musi wa gatanu hahise. Akaba yagirizwa kuba yararekuye umugabo yarasanzwe apfunzwe kandi yaraciriwe igihano na sentare ku mvo z’uko yari yafashwe yivye ubutare. Inkuru ya Jean Georges Kibogora.

Arakoze Jean Georges Kibogora

Tubandanye ayo twabateguriye

 

Leta y’Uburundi ngo yari ikwiye kumenyako kwugara imipaka Uburundi buhana n’igihugu c’Urwanda bidahana ico gihugu c’Urwanda , ahubwo bihana abanyagihugu cane cane . Ivyo bivugwa n’umugambwe MSD. Ni inyuma yaho umuvugizi w’umukuru w’igihugu Rosine Gylaine Gatoni avugiye ejo mu kiganiro abavugizi b’inzego bahaye abanyagihugu, ko leta y’Uburundi itarota yugurura iyo mipaka Urwanda rutayihaye abagwanyi b’umuhari RED TABARA. Umugambwe MSD ubona leta y’Uburundi kuguma yugaye iyo mipaka , vyerekana ko idakunda abanyagihugu bayo, ukayisaba ahubwo gushira imbere inzira y’ibiganiro . Dukurikire Epitace Nshimirimana umuvugizi w’umugambwe MSD.

Tubandanye kuriyi nkuru iciye kumasonga

Ubukene bw’umuyagankuba bwibonekeza mu ntara ya Muyinga haraciye ikiringo kirenga ukwezi ngo bwarahuhuye amikiro y’abanyagihugu yarasanzwe atako yifashe nkuko bivugwa n’abamwe mu abasanzwe bakora imirimo ikenera umuyangankuba buri musi :  nk’amazu y’uburiro, abafatanya ivyuma canke abakora ivyo gushariza imishatsi y’abakenyezi n’abandi banyamyuga batandukanye bavugako akazi kabo gasa n’akahagaze. Eka no mu mabanki canke mu amashirahamwe yo kuziganya no kuguranana akazi karazingamye kubera ubukene bw’umuyagankuba. Abitura ayo mazu adandaza amafaranga bakaba barindira umwanya munini kugira umuyagankuba uboneke hanyuma  bakigwe . N’abari baraguze imoteri zitanga umuyagankuba bakaba barazibitse kubera Ibura ry’igitoro ça Mazout. Abo banyamyuga bamenyesha Ko umuyagankuba ucika guhera mu agatondo ugasubira kuboneka  amasaha abiri canke 3 inyuma y’umutaga igihe c’isaha 12 Amatara agasubira Kubura kandi. Abo bakenera umugankuba mu akazi Kabo ka buri musi  babandanya bavuga ko amikoro yabo yagabanutse cane mu igihe yarasanzwe adashemeye.  Mw’ishirahamwe REGIDESO ntaco bashima kuvuga kur’ico kibazo c’ibura ry’umuyagankuba gishegeshe abanyagihugu.

Imyidogo nayo ni yose mubanyagihugu bo k’umutumba Gipfurwe zone Musenyi muri komine Mpanda mu ntara ya Bubanza.Bavuga ko bafise ikibazo co kwiyunguruza biturutse kw ‘ ibarabara rija Inyarurambi ryacitse haciye umwaka ridahita. Basaba leta gusanura iryo barabara.N ‘inkuru ya Jean Baptitse Bireha.

Radio Inzamba tubandanye ayo twabateguriye

Urunani rw’abaharanira agateka ka zina muntu baba mu makambi y’impunzi CDH/VICAR, rurahagaritswe umutima n’umutekano muke urangwa m mpunzi z’abarundi ziri mu makambi ya Lusenda, Mulongwe n’ahandi mumicungararo mu gihugu ca Congo. Izo mpunzi zikaba zagirizwa kukarenganyo gukorana n’imigwi irwana iri murico gihugu. Kubwa Léopold Sharangabo, arongoye CDH/VICAR, ukwo kubikeka bituma bakorerwa amabi ajanye nugukubagurwa, guhagarikwa bidakurikijwe amategeko, n’ugushobora kwirukanwa murico gihugu. Asaba abategetsi ba Congo, guhagarika ako karenganyo kariko kagirirwa impunzi z’abarundi, nokubakingira hisunzwe amasezerano mpuzamakungu ajanye n’ubuhungiro igihugu ca Congo cemeje. Kurikira.

Abamenyeshamakuru batanu b’abarundi barahawe agashimwe kuruyu wa gatanu na kaminuza yo muri Texas muri leta z’unzuzubwumwe za America. Ako gashimwe katanzwe kakaba gahabwa abamenyeshamakuru bitanze cane m’umwuga wabo. Alaxandre Niyungeko umwe mu bamenyeshamakuru bahawe ako gashimwe asigura ko ari ikimenyetso gikomeye mubijanye no kumenyeshamlakuru kandi ko ari agashimwe k’abamenyeshamakuru bose bitanga batiziganya kugira abarundi bamenye ibiriko biraba. Akavuga ko ako gashimwe kerekana neza ko amakungu asanzwe akurikirana akazi k’abamenyeshamakuru b’abarundi hamwe nibiba mu gihugu. Tumukurikire

Mugusozera aya makuru

Tubabwire ayanditswe n’ibinyamakuru bitandukanye k’Uburundi. Tuyasomegwa na Audace Nimbona

Arakenuye Audace Nimbona, ni ngaha duciye dusozerera amakuru twabateguriye. Mwakoze mwebwe mwese mwayakurikiye. Muroranigwe mubanyu no muvyanyu. Naho ubutaha

Merci de prendre connaissances de nos règles d'usage avant de publier un commentaire.

Le contenu des commentaires ne doit pas contrevenir aux lois et réglementations en vigueur. Sont notamment illicites les propos racistes, antisémites, diffamatoires ou injurieux ; les propos incitant à la haine ou à la violence ; les propos divulguant des informations relatives à la vie privée d’une personne ou utilisant des œuvres protégées par les droits d’auteur (textes, photos, vidéos…) sans autorisation et mention de la source. Les commentaires sont modérés a posteriori par un administrateur du site. Nous vous remercions pour votre compréhension.

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ibindi bisa n'ibi