Turi kuwa gatandatu n’igenekerezo rya 29 Ruheshi umwaka 2024 ncuti namwe bagenzi mwashimye gukurikira Radiyo Inzamba Agateka kawe ndabahaye mwiriwe canke mwaramutse bivanye naho muherereye. Iri ni rya sango ryamakuru mukirundi mushikirizwa na ….nayo akaba agizwe n,izi ngingo nkuru nkuru zikurikira
- Ikena ry,igitoro ry,ibonekeza mugihugu ntakindi rivako ataruko imodoka zabaye nyinshi mugihugu.Iyo n,insiguro itangwa n,umushikiranganji w,ubutare n,agataka Ibrahim Uwizeye hari mukiganiro abashikirangi ba leta batanze kuruno wa gatanu muntara ya Makamba kubamenyeshamakuru n,abanyagihugu. Mw,ishirahamwe Olucome baratera ivyatsi iyo nvugo y,umushikiranganji Uwizeye aho ngo abarundi bari biteze inyishu itomoye amaso ahera munzira.
- Umuhari inamahoro w,abakenyezi n,abigeme baharanira amahoro n,umutekano utera akamo ishirahamwe HCR kuva mugacerere rikabaza leta ya Tanzaniya iyo abakenyezi babiri bo mw,ikambi y,induta banyurujwe n,igipolisi c,ico gihugu kugira ababo bamenye iyo bajanjwe. Muri ano makuru muraza kuvyunva.
- Ishavu ni ryinshi mubigisha bakukira ubuyobozi bw,indero muma komine ya Makamba na kayogoro.Bavuga ko abayobozi bamashule bariko babatoza kunguvu amafaranga ari hagati y,ibihumbi bine n,ibihumbi cumi na bine bise ayisuzuma ry,akazi abo bigisha bakora ico bita fiches d,evaluation. Bavuga ko ari ubusuma kuko ayo mafaranga yategerezwa gutangwa na leta. Aya n’ayandi ni mukanya kwari guca kumayange.
Ano makuru tuyahere mugisata c,ubutunzi.Ikena ry’igitoro ryibonekeza mu Burundi ngo ryatumwe nuko kuva mumwaka wi 2022 gushika uyu mwaka imodoka zabaye nyinshi mugihugu. Izo nizo nsinguro zatanzwe kuruyu wagatanu muntara ya Makamba n’umushikiranganji w’ubutare n’agataka mukiganiro abashiranganji ba leta bahaye abamenyeshamakuru n’abanyagihugu. Umushikiranganji Ibrahim Uwizeye yemeza ko igitoro kiboneka ngo uretse ko abakirondera babaye benshi.
Mw’ishirahamwe OLUCOME baratera ivyatsi izo nsiguro zitangwa n’umushikiranganji w’ubutare n’agataka. Babonako ari imvugo itabereye umutegetsi mugihe abarundi baba bamwitezeko inyishu itomoye kukibazo gihanze igihugu. Jean Nduwimana avugira ishirahamwe Olucome asigura ko nyabuna ubwo bushikiranganji bwananiwe gutunganya ibijanye n’igitoro bakabamusaba guhagarika izo mvugo zo gushinyagurira abarundi.
Mumakuru ajanye n,indero imyidogo ni myinshi mubigisha bo mu ma komine ya Makamba na Kayogoro ni muntara ya Makamba mubumanuko bw,igihugu .Invo nyamukuru ngo akaba aruko abayobozi bamashule ari muri ayo makomine babatoza amafaranga bavuga ko arayo kubakorera isuzuma ry,akazi bita evaluation canke achat des performances. Abo bigisha bavuga ko batunva ingene aribo bagura ibikoresho vyategerezwa kugurwa na leta yabahaye akazi. N’inkuru ya Josephine Jones Nkunzimana……….
Ano makuru tuyabandanirize mugisata kijanye n,impunzi. Ishirahamwe HCR ritegerezwa kuva mu gacerere ikabaza reta ya Tanzaniya aho abakenyezi babiri b’Abarundikazi baheruka kunyuruzwa n’abapolisi mw’ikambi ya Nduta bajanywe. Ako kamo gaterwa n’umuhari Inamahoro, w’abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano. Marie Louise Baricako, arongoye uwo muhari, atangazwa n’ingene abo bakenyezi bafashwe bazira ivyo abagabo babo bakekwa ko boba barakoze. Akibutsa ko amategeko akurikirana uwakoze icaha we nyene. Umviriza Marie Louise Baricako.
N’umwanya w’ikiganiro Kw’isoko. Mu kiganiro c’uno munsi tugaruka ku ngingo iherutse gufata n’ubushikiranganji bw’indero yo gukura ivyigwa vy’igifaransa n’icongereza mu vyirwa bizokorwa mu kibazo ca Exetat mu mwaka w’2024 mu mashure yo mubisata vya scientifique na statistique. « Kw’isoko » mugishikirizwa na Bonfils Niyongere.
Imbere yo gusozera ano makuru dukurikire ivyanditswe n,ibinyamakuru bitandukanye ku Burundi mukaba mubishikirizwa na Eddy Claude Nininahazwe.
Ni no ngaha duciye dusozera ano makuru,nkaba nshimiye mwebwe mwese mwaduteze yompi n,ahubutaha.Ano makuru mukaba mwayashikirijwe na jewe Josine kaze.