Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo kuwa 03 Rusama 2024

Publié le 3 mai 2024 par Rédaction
  1. Mu rutonde ishirahamwe Reporters sans frontières ryasohoye kuri uno wa 3 Rusama kubijanye n’iyubahirizwa ry’ubwigenge bwo kumenyesha amakuru, Uburundi buza mu kibanza c’i 108 ku bihugu 180. Uburundi bukaba bwari mu kibanza c’i 114 mu mwaka w’2023. Naho hariho intambwe yatewe, ishirahamwe RSF ribonako ibijanye n’ugukora umwuga wo kumenyesha amakuru mu Burundi bikirimwo inzitizi.
  2. Murunani rw’abanyesmamakuru mu Burundi UBJ bavuga kubahiriza agateka k’umumenyeshamakuru bikiri kure nk’ukwezi na rirya hari abamenyeshamakuru bakizira umwuga wabo. Murugo runani bakibutsa ko uyumusi ushitse hakiri abamenyeshamakuru ba biri b’abapfasoni bapfunzwe kandi ataco bazira abandi bamneyeshamakuru barenga 170 bahunze igihugu. Alexandre Niyungeko arongoye urwo runani akavuga ko gutoteza abamenyeshamakuru ata teka biha uburundi nagato.  Agasaba ubutungane bw’uburundi kwikubita agashi bakarekura abamenyeshamakuru bariko barazira ubusa.
  3. Kuruno munsi wahariwe uburenganzira bwo kumenyesha amakuru, amashirahamwe 19 adaharanira ivyicaro vya politike mu Burundi arasaba nayo nyene irekurwa ry’abamenyeshamakuru Floriane Irangabiye na Sandra Muhoza bapfunzwe kukarenganyo. Ayo mashirahamwe asaba kandi leta gutanguza vuba amatohoza yigenga kw’iburwa irengero ry’umumenyeshamakuru Jean Bigirimana hamwe n’igandagurwa ry’umuryango wa Christophe Nkezabahizi. Kurikira Marie Louise Baricako arongoye umuhari Inamahoro akaba yavuze kw’izina ryayo mashirahamwe.
  4. Ishirahamwe olucome naryo ryishinze kurwanya igiturire n,isesagurwa ry,amatungo ya leta ribona ko uyo munsi mpuzamakungu wahariwe ubwigenge bwo kumenyesha amakuru ushitse mugihe ibimenyesha makuru vyo mu burundi bifise ibibazo vyinshi cane bibihanze.Gabriel Rufyiri arongoye olucome akavuga ko ikibazo nyamukuru ari ikijanye n,uburyo.Atera akano leta n,abafasha uburundi gutanga uburyo bukwiye kubimenyesha makuru kuko bifitiye akamaro kanini igihugu n,abanyagihugu.
  5. Mugihe haramutse hahimbazwa umunsi mpuzamakungu wahariwe ubwigenge bwo kumenyesha amakuru ,ishirahamwe parcem ribonako abategetsi batandukanye mubuzima bw,igihugu batarajijuka kugira baze baritaba aho batumiwe kugira bashikirize amakuru ajanye n, ivyo berwa  m,ubuzima bw,igihugu kugira bimenyekane.Faustin Ndikumana arongoye ishirahamwe parcem abona ko abategetsi bo hejuru ubwabo aribo bakwiye kuja barasigura ibijanye n,ubuzima bw,igihugu hagutuma abavugizi babo.
  6. Abantu 12 barishwe abandi ba 5 baranyuruzwa na ba 5 bahagaritswe hatisunzwe amategeko mu kwezi kwa kane guheze. Biri mu cegeranyo c’ishirahamwe Acat Burundi gisohoka buri kwezi. Ikibabaje ngo n’uko abo bantu bicwa mu buryo bumwe kandi baboshwe. Acat Burundi rikababazwa n’uko hari abari mu ntwaro badahagarika ayo mabi.
  7. Ubukene bw’amazi bwibonekeza ku mugwa mukuru w’intara ya Muyinga no mu micungararo yawo burahagaritse umutima imiryango myinshi kuko ubuzima butoroshe biturutse ku inkurikizi mbi zibonekeza mu miryango. Iryo bura ry’amazi rituma ibikorwa bimwe bimwe mu miryango bihungabana. Bavuga kandi ko kuronka amazi yo gukoresha bibatwara amafaranga menshi kuko ibido imwe y’amalitiro 20 bayigura 1000. Basaba ishirahamwe regideso gukemura ico kibazo.

Ibindi bisa n'ibi