Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo kuwa 30 Mukakaro 2024

Publié le 30 juillet 2024 par Rédaction

Turi ku munsi wa kabiri igenekerezo rya 30 Mukakaro umwaka w’2024, ncuti namwe bagenzi mwashimye gukurikira Radio inzamba agateka kawe, ndabahaye mwiriwe canke mwaramutse, nongera ndabaha n’ikaze murano makuru twabateguriye. Akaba agizwe na zimwe mu ngingo nkuru nkuru zikurikira.

 

  • Abanyagisagara ca Bujumbura bokwizera ko bagiye gusubira kuronswa amazi ya Regideso. Iryo shirahamwe rimenyeshako riherutse kugura ibikoresho bikenewe bifise agaciro k’imiliyoni 4 z’amanyabulaya kugira batorere inyishu ico kibazo basanze kiva ku miringoti n’ama pompo vyashaje.

 

  • Ababuranira Emilienne sibomana yahoze ari umunyamabanga kw’ishuli ryisumbuye Christ Roi yo ku Mushasha mu ntara ya Gitega, baranegura ingene amategeko ariko arahonyangwa atacamira mu kumugumiza mu munyororo iminsi irenga 30 kandi yarejejwe. Basaba umushikirizamanza akukira sentare isubiramwo imanza ya Gitega gukora ibishoboka vyose kugirango Emilienne Sibomana yidegemvye.

 

  • Imbere yo kumenya ko ahantu hari ubutare bikenera vyinshi, utanguriye ku vyigwa bihanitse vy’aho hakekwa kuba hari ubwo butare, n’abajejwe ico gisata bagasabwa gukora neza kugira ubwo butare bugire ico bumarira igihugu. N’akagohe gatangwa n’ishirahamwe PARCEM rifatiye kuvyaranze ico gisata muri kahise.

 

 

  • Nsubire ndabipfurize ikaze, amakuru mw’ido n’ido ni mukanya amakuru mw’ido n’ido.

 

Amakuru twabateguriye tuyahere mu gisata c’umutekano muke,

Ibiziga bine vyaratowe kuri uyu wa mbere ku mutumba Nderama, zone Ndora, commune ya Bukinanyana, mu ntara ya Cibitoke, mw’ishamba cimeza rya Kibira. Murabo bishwe hakaba harimwo abanyagihugu batatu n’umusirikare umwe. Amakuru ava hafi y’ikibira, avugako icabishe kitaramenyekana.  Ariko bakikeka yuko boba bagandaguwe n’abacungera ico kibira. Ayo makuru nyene avugako abo banyagihugu batatu boba bari abayangayanga. Mu twaro bo bavuga ko abo bagandaguwe, baguye mu mutego w’abantu bitwaje ibirwanisho bavuga ururimi rw’ikinyarwanda bakizura muriryo shamba. Mu ntwaro bakavugako abo bayangayanga bari bagiye mu mpisho mu gihugu c’Urwanda kugura ibitungwa. Mu gipolisi aho mu Cibitoke bo bamenyeshako amatohoza yatanguye kugira bamenye icatumye bicwa n’ababishe.

 

 

Tubandanyirize ano makuru mu gisata c’ubutungane,

Emilienne sibomana yahoze ari umunyamabanga kw’ishuli ryisumbuye Christ Roi yo ku Mushasha mu ntara ya Gitega gushika nubu aracavundiye mw’ibohero rya Gitega kandi haheze ukwezi yarejejwe n’ubutungane. Umushingwamanza Edgar MUHIRWA amuburanira aranegura ingene amategeko ariko arahonyangwa atacamira. Asigurako ata mvo nimwe isigura igituma Emilienne Sibomana atararekurwa. Agasaba ashimitse umushikirizamanza akukira sentare isubiramwo imanza ya Gitega gukora ibishoboka vyose kugirango Emilienne Sibomana arekugwe, ashobore kwidegemvya. Umushingwamanza Edgar MUHIRWA akaba yabivugiye kuri radio Bonesha Fm kuri uyu wa kabiri.

 

Mwomenyako Emilienne Sibomana yari yafunzwe yagirizwa ko yadomye urutoke ku bushurashuzi bwagirizwa umuyobozi w’iryo shuli ku bana babigeme baryigako.

 

Mu makuru y’ubutunzi,

Imbere yo kumenya ko ahantu hari ubutare bikenera vyinshi, utanguriye ku vyigwa vyimbitse vy’aho hakekwa kuba hari ubwo butare. Ivyo bishikirizwa n’ishirahamwe PARCEM, inyuma y’aho umukuru w’igihugu atangarije ko hari ikinogo kiri mwo ubutare i Busoni mu Kirundo. Faustin Ndikumana arongoye iryo shirahamwe, akavuga ko kugira ubutare bugire ico bumarira igihugu, ar’uko ibisata bibujejwe bikora neza ico vyagenewe. Kurikira Faustin Ndikumana.

 

Faustin Ndikumana abandanya avuga ko mu bindi bikomeye bikenewe ari ukugira abahinga banonosoye ivy’ubutare, hama igihugu kigahingura ubutare bwaco kugira kihungukire. Ariko rero ivyo vyose kugira bishoboke, n’uko reta yobanza ikisuzuma, ikaraba ivyatumye ivyakozwe ubwa mbere bitagenda neza. N’ubu twumvirize Faustin Ndikumana.

 

Imbere yo gusozera ano makuru,

Ubukene bw’amazi bwibonekeza mu bice bitandukanye vy’igisagara ca Bujumbura buva ku miringoti n’ama pompo vyashaje. Vyamenyeshejwe n’umuyobozi mukuru wa Regideso mukiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuruyu wa mbere. Jean Albert Manigomba arongoye Regideso avuga ko iryo shirahamwe ruherutse kugura ibikoresho bikenewe bifise agaciro k’imiliyoni 4 z’amanyabulaya kugira batorere inyishu ico kibazo.  Akizeza abanyagisagara ko bagiye gutangura vuba gusubiriza ivyuma bishaje kugira ikibazo c’ubukene bw’amazi gihere. Kurikira.

 

Ni no kuriyo nkuru duciye dusozererako amakuru twari twabateguriye kuri uno wa kabiri, reka nshimire mwebwe mwese mwaduteze abiri, nshimire n’abagenzi banje bamfashije kuyegeranya, kuri micro mwarikumwe na Eddy Claude Nininahazwe, ndabipfurize kuroraranirwa muvyo murimwo, nahubutaha.

Ibindi bisa n'ibi