Mwiriwe ncuti namwe bakunzi ba radio Inzamba agateka kawe kaze mumakuru yo kuruyu musi wagatanu igenekerezo rya 30 Myandagaro umwaka wi 2024. Kuruyu musi radio inzamba dufadikanije n’ishirahamwe Sos torture Burundi twabateguriye amakuru adasanzwe kuko agizwe n’ingingo imwe rudende rwa nege. Muraya makuru tuza kugaruka k’urubanza rwaciriwe abasirikare 274 b’abarundi bapfunzwe bagirizwa kuba banse kugwanya umuhari M23 uri mugihugu ca Congo. Abo basirikare bakaba banse gukora ibitandukanye n’amategeko kandi bitandukanye n’akarangamutima k’umwuga wabo. Baciye bafatwa bajanwa mu Burundi aho murubanza rwabo ruheruka kubera muntara ya Rutana baciriwe imyaka yo gupfungwa iva kumyaka 20 gushika kuri 30. Abatari bake bakabona ko abo basirikare bariko bararenganywa kumvo za politike hamwe no kunyungu z’umukuru w’igihugu Varisto Ndayishimiye. Muraya makuru muraza kuva ico bamwwe n’abandi babivugako. Kaze mwese
Ndasubiye kubaha ikaze muraya makuru adasanzwe
Amagorwa ntasiga ayandi! Inyuma yo kunanirwa urugamba bari barungitswemwo na Leta y’uBurundi mu buseruko bwa Kongo iharanira demokarasi kurwanya umuhari M23, bamwe mur’abo basirikare bahisemwo guta baromoka basubira mu Burundi. Bashitse bafatwa nk’abahemu, bashikira mu busho butandukanye aho mbere baborejwe igufa. Kw’itegeko ry’uwurongoye igisirikare c’uBurundi, bahava bajanwa mu mabohero atandukanye mu ntara zo hagati, ari naho bakuwe bajanwa imbere y’ubutungane bwa gisirikare. Mu ntahe y’icese yabereye mu Rutana, sentare ya gisirikare yabaciriye umunyororo uri hagati y’imyaka 22 na 30. Vyinshi mu vyabashikiye tubibaze Jean Marie Ndabashinze
Arakenuye Jean Marie Ndabashinze
Umukuru w’igihugu Evaritse Ndayishimiye aremanga ko igisirikare c’Uburundi kiriko kirafasha ingabo za republika y’intwaro rusangi ya Congo kurwanya umuhari M23. Umukuru w’igihugu Ndayishimiye akavuga ko igihugu c’Uburundi na republika y’intwaro rusangi ya Congo ko bafitaniye amasezerano yo gutabarana iyo umwansi ateye. Tumukurikire.
Haraciye ukwezi kurenga sentare ya gisirikare yari yashashe muntahe y’icese mw’ibohero ryo mu Rutana iciriye urubanza abo basirikare bagirizwa ko bagumutse. Urwo rubanza rwaburanishijwe mukiringo c’iminsi mirongo ibiri irenga aho abo basirikare basabiwe na sentare ibihano bitandukanye ariko bobo bakaba barahakanye ivyo bagirizwa. Eddy claude Nininahazwe aratubwira uko vyagenze
Ubutungane bukwiye kwikubita agashi bukareka kuba igikoresho c’ubutegetsi, maze bukarekura abo basirikare banse kugwana n’umuhari M23 muri Congo. Ako n’akamo k’umushingwamanza Janvier Bigirimana. Avuga ko urwo rubanza baciriwemwo ibihano bikomeye, ari agatotezo ku gisirikare, ivyo mbere bishobora no gukora no ku butegetsi hamwe butovyifatamwo neza. Janvier Bigirimana agasaba ko igihe abo basirikare bazokwunguruza bohabwa uburenganzira bwo kuburanirwa n’abashingwamanza bitoreye. Tumutege amatwi.
Mw’ishirahamwe Sos torture Burundi riharanira agateka kazina muntu baratangazwa n’urubanza rwaciriwe abasirikare bagirizwa kwanka kugwanya umuhari M23. Bavuga ko abasirikare bariko bazira ubusa mugihe bari barungitswe kugwana muri Congo mungwano badatahura nagato. Denis Ndayishemeze ajejwe kumenyesha amakuru muri Sos torture avuga ko n’urubanza rwaciriwe abasirikare rudakurikije amategeko. Basaba sentare ya gisirikare gucira abo basirikare urubanza ruciye mumuco kandi rwubahirije amategeko agenga imanza. Kurikira
Tubandanye amakuru adasanzwe twabateguriye
Urunani CFOR ARUSHA ruhurikiyemwo imigambwe itavuga rumwe na leta rubonako abo basirikare bariko barakoregwa akarenganyo katagira izina ku nyungu z’abategetsi b’igihugu. Urwo runani ruvuga ko rudatahura na gato ingene abo basirikare baturubikwa bahogwako banse kuja mu ntambara ata nyungu na ntoyi igihugu kiyikuramwo. Dutegamatwi Jean Bosco Rwigemera icegera c’umukuru w’urunani gwa politike CFOR ARUSHA.
Gupfunga no gucira urubanza abo basirikare, birafise ingaruka nyinshi kubuzima bw’imiryango yabo. Hampande yo kubaho mugahinda n’ingaruka zavyo, imiryango yabo basirikare izoba ifise n’ibibazo vy’ugutunga ibibondo n’ibindi vya nkenerwa. Ayo makenga nay’umuhari Inamahoro w’ abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano mu Burundi. Marie Louise Baricako, arongoye uwo muhari, asaba umukuru w’igihugu guhagarika akarenganyo kariko gakorerwa abo basirikare baciriwe urubanza rudakurikije amategeko. Kurikira.
Ni ngaha duciye dusozerera amakuru adasanzwe twari twabateguriye dufadikanije n’ishirahamwe Sos torture Burundi. Mwakoze mwebwe mwese mwayakurikiye. Bakoze bagenzanje bafashije kuyegeranya. Bonfils Niyongere nayabashikirije ndabipfurije kuroranigwa mubanyu no muvyanyu. N’agahwane.