Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo kuwa 30 Ndamukiza 2024

Publié le 30 avril 2024 par Rédaction
  1. Mu gihe kuri uno wa 30 Ndamukiza hibukwa imyaka 27 iheze hagandaguwe abanyeshure b’i Buta, hamwe n’imyaka 52 iheze habaye intango y’ubwicanyi bwahitanye abo mubwoko bw’abatutsi mu mwaka w’1972, ico AC Génocide Cirimoso yita ihonyabwoko, amashirahamwe ya A C Génocide mu bihugu vya CANADA na SUÈDE aributsako abakoze ayo mabi nubu atarahanwa, ari abagize umugambwe CNDD-FDD uno munsi uri kubutegetsi n’umugambwe w’Abakozi b’Uburundi UBU mumpfunyapfunyo. Mw’itangazo ayo mashirahamwe abiri yasohoye kuri uno wa kabiri, Emmanuel Nkurunziza, umunyamabanga wa AC Génocide muri Canada uriyamiriza ibikorwa vy’umugwi CVR avugako bifise intumbero yo kuburizamwo ihonyabwoko ry’aabatutsi mu Burundi mu ntumbero yugushaka kweza abakoze ayo mabi uno munsi bari ku butegetsi.

 

  1. Kunyonora amatungo ya leta, ni yo ngendo nyamukuru iranga abatwara igihugu c’Uburundi. Ivyo binegurwa na musenyeri Simoni Ntamwana, yahoze arongoye diyoseze ya Gitega. Simoni Ntamwana yemeza ko iyo ngendo iri muri benshi mu barongoye igihugu. Mu kiganiro yagiranye na bagenzi bacu ba Radiyo Ijwi ry’Amerika, avuga ko ukwo kwigungira ko gutujijwe, igihugu cotwarwa neza.

 

  1. Mur’ico kiganiro nyene yagiranye n’iradiyo Ijwi ry’Amerika, musenyeri Simoni Ntamwana ararahira akarengwa ko aho yari ahagaze ku kiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza atazokwigera ahava. Avuga ko ubuzima bwiwe bwose azokwama yemeza ko ico kiringo kitari gikurikije amategeko. Agahamagarira Abarundi kutemera kuba abaja b’uw’ari we wese. Simon Ntamwana akibutsa ko ari na co gituma Inama y’abepiskopi yidohoye mu matora yakurikiye, kugira ntije gufasha kwemeza ubusuma.

 

  1. Mu gihe buca hahimbazwa umunsi mpuzamakungu w’abakozi n’akazi, abakozi ba leta bavuganye na Radiyo Inzamba bemezako batabona ingene bazohimbaza uwo musi mukuru w’abakozi n’akazi kuko atamishahara iraboneka muri kino gihe basanzwe bugarijwe n’ubukene. Eka mu vyo babuze ngo si umushahara gusa, ngo ibinyobwa vya Brarudi n’ibindi vya nkenerwa ntabihari ari na vyo vyotumye uwo musi witwa umunsi mukuru. Umvirize bamwe mur’abo bakozi ba leta.

 

  1. Haraheze indwi zirenga zibiri ata binyobwa vya Brarudi biboneka mu ntara ya Kayanza. Baba abaguzi bavyifuza, baba ababidandaza, bose baridoga, bagasaba abajejwe intwaro n’abarongoye ishirahamwe rya Brarudi gukora ibishoboka vyose ngo batorere umuti ico kibazo.

 

  1. Ishirahamwe PARCEM rihamagarira abarongoye leta y’uburundi ngo bafate ingingo zikomeye kugira zigarukire amashirahamwe na cane cane ishirahamwe Brarudi risa nirigeze ahatemba. Mumwihwezo wakozwe niryo shirahamwe, bavuga iryo shirahamwe Brarudi rikeneye gukingirwa kuko risanzwe rifise akamaro kanini cane mubuzima bw’igihugu. Faustin Ndikumana arongoye PARCEM asigura ko amafranga y’agaciro akenegwa n’ishirahamwe Brarudi akwiye kuboneka kuko risanzwe ritanga n’amakori menshi. Akabona ko n’amahera y’agaciro make abonetse akoreshwa nabi kunyungu z’akagwi k’abantu bake.

 

Ibindi bisa n'ibi