Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo kuwa 30 Nyakanga 2024

Publié le 30 septembre 2024 par Rédaction

 

Mwiriwe ncuti namwe bakunzi ba radio Inzamba agateka kawe kaze mumakuru yo kuruyu musi wa mbere igenekerezo rya 30 Nyakanga umwaka wi 2024. Ayo twabateguriye tuyahera kungingo nkuru nkuru ziyagize

  • Imigambwe imwe imwe ikorera muri commune Vugizo y’intara ya Makamba iriyamiriza ingendo ya  musitanteri wa commune Vugizo aho aburagiza inama ziyo migambwe. Akarorero n’akumugamwe CDP aho uvuga ko inama wari wateguye kumusi wagatandatu yabujijwe gukorwa.
  • Abantu bane bagize uruhara rudasanzwe mw’isi mu guharanira uburenganzira bw’abanyagihugu atawukumiriwe bahawe kuruyu wambere na Kaminuza ya Namur mu Bubirigi agashimwe kitiriye Docteur honoris causa ko mu mwaka w’2024. Murabo hakaba harimwo umumenyeshamakuru w’umurundi Bob Rugurika. Muraza kubikurikira mw’ido n’ido muraya makuru.

Ndasubiye kubaramutsa duhere aya makuru kuriyi nkuru iciye kumasonga ivugwa mubijanye n’agateka kazina muntu.

Hari umuryango wo k’umutumba Kijumbura, zone Masaka muri komine Giteranyi mu ntara ya Muyinga utabariza uwabo azwi kw’izina rya Karangwa yahagaritswe ku wa 20 Nyakanga 2024 igihe c’isaha imwe yo ku mugoroba ari k’umuhana iwe n’imbonerakure zo kur’uwo mutumba zirongowe n’uwitwa Moïse. Iyi mbonerakure Moïse ngo ikaba yaciye umushikiriza uwurongoye iperereza mu ntara ya Muyinga, Wilson Nzisabira. Karangwa akaba yari yarigeze guhungira mu gihugu c’urwanda mu nyuma aratahuka mu gihugu. Umuryango wa Karangwa ukaba gushika Ubu utazi aho uwabo yajanywe. Usaba KO Karangwa atogirigwa nabi. Ngo niyaba Har’ ikimwagira ngo yoshikanwa imbere y’ubutungane bukamwumviriza. Muri Kuno kwezi kwa Nyakanga twikebanuye, Karangwa agize umuntu wa 2 anyurujwe n’iperereza mu ntara ya Muyinga. Uwitwa Gratien Macumi yaranyurujwe ku wa 1 Nyakanga 2024 isaha umunani y’ijoro n’iperereza k’umugwa mukuru w’intara ya Muyinga, ari aho yarasanzwe arara Izamu n’ubu ntarasubira kuboneka.

Turabandanya mugisata ca politike

Mutsanteri wa commune ya Vugizo mu ntara ya Makamba, aragirizwa kubangamira intwaro rusangi mukuburabuza inama ziba zateguwe n’imigambwe imwe imwe.  Umugambwe CDP uvugako hari ibikorwa vy’iterabwoba biriko birakorwa inyuma yaho inama yawo yaritegekanijwe ku munsi wa gatandatu igenekerezo rya 28 Nyakanga umwaka w’2024 yasibijwe. Ivyo bikaba vyarashikiye n’umugambwe UPRONA muriyo commune haraheze amezi make.  Inkuru ya Alexandrine Keza

Arakenuye Alexandrine Keza

Kaminuza ya Namur mu Bubirigi yatanze agashimwe yitiriye Docteur honoris causa ko mu mwaka w’2024 ku bantu bane bagize uruhara rudasanzwe mw’isi mu guharanira uburenganzira bw’abanyagihugu atawukumiriwe. Hari kuri uyu wa mbere mu birori bifise icivugo « Honneur aux Hérauts ». Murabo bane bahawe agashimwe kuko bitangiye abanyagihugu barenganywa canke bibagiwe, harimwo umumenyeshamakuru w’umurundi Bob Rugurika, kubera uruhara rwiwe muguharanira ubwigenge bwo gushikiriza ivyiyumviro. Ido n’ido na Jean Gorge Kibogora

Imbere yo gusozera aya makuru tuje mugisata c’ubudandanji

Ibiciro vy’ibinyobwa vya BRARUDI muri komine Bukeye ni mu ntara ya Muramvya biguma biduga ibiciro. Kw’icupa ngo hongerwa ko amafaranga ari hagati y’500 n’1000. Icibonekeza ngo n’uko bamwe mu badandaza batanguye gukora amanyanga bakabesha ngo bafise impapura zibemerera kuduza ibiciro. Abanyagihugu basaba musitanteri gukurikiranira hafi ivyo biciro, inkuru ya Audace Nimbona

Arakenuye na Audace Nimbona

Ni ngaha duciye dusoserera amakuru twariko turabashikiriza, mwakoze mwebwe mwese mwayakurikiye. Pierre Gahungu nayabashikirije ndabipfurije kuroranigwa mubanyu no muvyanyu. Naho ubutaha.

Ibindi bisa n'ibi