Mwiriwe ncuti namwe bakunzi ba radio inzamba agateka kawe kaze muraya makuru makuru yaranze ino ndwi turiko turasozera turi ku musi wamungu igenekerezo rya 30 Ruheshi umwaka wi 2024. Bonfils Niyongere nije ngiye kuyabashikiriza, kaze mwese
Urubanza rw’abasirikare 274 bagirijwe kugumuka kuko banse kuja kugwanya umuhari M23, rwarasomwe kumusi w’Imana uheze igenekerezo rya 23 ruheshi uno mwaka. Igihano co gupfungwa umunyororo uri hagati y’imyaka 20 na 30 ni co caririwe abasirikare barenga 200 na sentare y’intango ya gisirikare yashashe mw’ibohero rikuru ry’intara ya Rutana. Abo basirikare bakabona ko iyo n gingo yafashwe biturutse ku gitsure c’abarongoye inzego zikuru za gisirikare kandi ko bazunguruza urubanza, iyi nkuru tuyibaze Josephine Jones Nkunzimana
Ubutungane bukwiye kwikubita agashi bukareka kuba igikoresho c’ubutegetsi, maze bukubahiriza amategeko murubanza rw’abasirikare banse kugwana n’umuhari M23 muri Congo. Ako n’akamo k’umushingwamanza Janvier Bigirimana. Avuga ko urwo rubanza baciriwemwo ibihano bikomeye ari agatotezo ku gisirikare, ivyo mbere bishobora no gukora no ku butegetsi hamwe butovyifatamwo neza. Janvier Bigirimana agasaba ko igihe abo basirikare bazokwunguruza bohabwa uburenganzira bwo kuburanirwa n’abashingwamanza bitoreye. Tumutege amatwi.
Ibiro vy’ikinyamakuru IWACU biri muri quartier muri zone Rohero komine Mukaza mu gisagara ca Bujumbura , vyaratewe abambuye n’abagizi ba nabi bataramenyekana mw’ijoro ryo kuwa 24 Ruheshi . Ubuyobozi bw’ico kinyamakuru buriyamiriza iterabwoba ribandanya rikorerwa ico kinyamakuru , ariko bukavugako ivyo bitagica intege mu kazi kaco ko kumenyesha amakuru. Dukurikire Abas Mbazumutima umuyobozi mfatakibanza w’ico kinyamakuru yabivugiye kuri radio Bonesha Fm.
Mw’ishirahamwe ligue Iteka riharanira agateka kazina muntu ribona ivyo vyabaye ari ikimenyetso gikomeye co gutera ubwoba abamenyeshamakuru bakorera mugihugu kandi vyerekana ko abamenyeshamakuru badakingiwe na gato. Biri mw’itangazo ryasohowe kuruyu wakane uheze n’umuhari Iteka uharanira agateka kazina muntu mu Burundi. Anschaire Nikoyagize arongoye umuhari Iteka akabona ko ibimaze igihe bikoregwa ikinyamakuru Iwacu ari iterabwoba agasaba leta gukingira abamenyeshaamkuru kugira bashobore kurangura umwuga wabo neza mugihugu. Kurikira
Ikena ry’igitoro ryibonekeza mu Burundi ngo ryatumwe nuko kuva mumwaka wi 2022 gushika uyu mwaka imodoka zabaye nyinshi mugihugu. Izo nizo nsinguro zatanzwe kuruyu wagatanu muntara ya Makamba n’umushikiranganji w’ubutare n’agataka mukiganiro abashiranganji ba leta bahaye abamenyeshamakuru n’abanyagihugu. Umushikiranganji Ibrahim Uwizeye yemeza ko igitoro kiboneka ngo uretse ko abakirondera babaye benshi. Kurikira
Mw’ishirahamwe OLUCOME baratera ivyatsi insiguro zitangwa n’umushikiranganji w’ubutare n’agataka kukibazo c’ikena ry’igitoro mu Burundi. Bakabonako ari imvugo itabereye umutegetsi mugihe abarundi baba bamwitezeko inyishu itomoye kukibazo gihanze igihugu. Jean Nduwimana avugira ishirahamwe Olucome asigura ko nyabuna ubwo bushikiranganji bwananiwe gutunganya ibijanye n’igitoro bakabamusaba guhagarika izo mvugo zo gushinyagurira abarundi. Kurikira
Iyi ndwi turiko turasozera yaranzwe kandi n’ifatwa ry’agasakisaki ry’impunzi z’abarundi ziri mu Tanzaniya. Abakenyezi babiri b’abarundi baba mw’ikambi y’impunzi y’i Nduta mu gihugu ca Tanzaniya ku mugoroba wo ku musi wa kabiri wiyi ndwi barafashwe baranyuruzwa n’abantu biyita ko ari abapolisi , mu nyuma batwagwa ahantu gushika nubu hataramenyekana. Bivugwako abo bakenyezi boba bahogwako abagabo babo boba bari mu muhari RED TABARA. Ivyo abagereye imiryango yabo bamirira kure, ahubwo bagasaba ababijejwe gukora ibishoboka vyose kugirango abo bakenyezi ntibagirigwe nabi. Ni inkuru ya Olivia Gakima
Mugusozera tubamenyesheko hari n’umukenyezi n’umwana wiwe hamwe n’umugabo umwe baraye bahagaritswe mw’ijoro ryo kumusi wakane mw’ikambi y’impunzi z’abarundi y’i Nduta. Bahagaritswe n’igipolisi ca Tanzaniya ku mihana yabo. Ababanyi babo, bavugako bataramenya icatumye bahagarikwa niyo boba bapfungiwe. Mw’ishirahamwe CBDH VICAR bakaba basaba let aya Tanzaniya guhagarika ayo mabi akoregwa impunzi
Ni ngaha rero duciye dusozerera amakuru makuru makuru twariko turabashikiriza, mwakoze mwebwe mwese mwayakurikiye. Muroranigwe mubanyu no muvyanyu. Nahubutaha.