Abantu 2 baraye bitavye Imana bagonzwe n’imodokari yo mubwoko bwa kwasiteri kw’ibarabara ry’igihugu numéro 7 . Iryo sanganya ryabereye kumutumba wa kivoga muri commune n’intara ya Rutana. Amakuru dukura ngaho avuga ko abo bagonzwe bose ari abagabo 2 bavukana bari kw’ipikipiki bahekanye. Umwe akaba yaciye yitaba Imana ubwonyene uwundi aja gucikana ageze kwa muganga. Intandaro ya vyose ngo ikaba yaturutse kumuvuduko muremure nk’uko bivugwa n’igipolisi.
Kumugwa mukuru w,ubutunzi aho kuruno wakane imbere y,umutaga hari grenade yatewe munyubakwa ikoreramwo ishirahamwe BICOR rijejwe gukinga impanuka. Amakuru ava muri bamwe mubakozi biryo shirahamwe akaba amenyesha ko iyo grenade yatewe n,uwunguruza umyobozi ajejwe itunganywa ry,akazi n,ubutunzi Hakizimana Ndayegamiye Andre ariko imana ikaba yakinze kuko iyo grende yamuhushije kandi atanico yononye.Ayo makuru abanganya avuga ko invo nyamukuru zoba zatumye uyo mushoferi ashaka kwaka ubuzima umuyobozi w,iwe ngo vyoba vyaturutse kw,ikete ry,akazi yaheruka kumwandikira bijanye n,inyifato yiwe mukazi. Mwomenya ko Hakizimana Ndayegamiye Andre ari nawe asanzwe arongoye ihoteri Hastotel iri hafi y,ibitaro vyabasirikare vyo mukamenge ku mutanga nord.
Muntara ya Rutana igitoro caraye gihatswe gukora ibara kur’uyu wa gatatu hagati ya Bulamatari w’intara ya Rutana n’uwahoze ari mushikirizamanza wa repubulika mur’iyo ntara Eliphaz Ndayishimiye. Mu gihe uwo mushikirizamanza yariko yihutira misiyo y’akazi, yasavye bulamatari ko yomucishiriza mwo akaronka igitoro vyihuta, Bulamatari wa Rutana Olivier Nibitanga yaciye amusimbira ko amukubita ikofe agwa mu kaburimbo.
Tukiri mugisata c,ibitoro kuva kur’uno wa kane mu gisagara ca Bujumbura birabujijwe kugumiza imodoka n’amapikipiki ku ma stasiyo zirindiriye igitoro. Ivyo bihejeje gutangazwa n’igipolisi. Colonel Nduwimana Désiré, umuvugizi w’igipolisi asigura ko ari ku mpamvu zo gucungera umutekano. Akanagabisha uwo wese azotwara imodoka idafise igitoro gikwiye, ngo kuko iyo izimiye mw’ibarabara bitera uruhagarara. Avuga ko ivyo bicafuza ishusho ry’igihugu.
Mugisata kijanye n,ubutungane abantu 4 harimwo umugabo n’umukenyezi wiwe n’abandi Bagabo 2 bavuka k’umutumba Tangara, commune Butihinda mu ntara ya Muyinga nibo baraye baciriwe kuruyu wagatatu igihano co gupfungwa ubuzima bwabo bwose na sentare nkuru ya Muyinga. Abo bose bagiriwe nicaha co kwica umuntu.
Dutandukire igisata kijanye n,intwaro ibereye.Amafaranga arenga imiliyaridi zitatu z’amarundi yarazimanganye ava mu kigega ca leta kubera imishshara y’abakozi ba leta batazwi yagiye arasohoka. Ivyo bivugwa na Venuste Muyabaga umushikiranganji ajejwe abakozi ba leta. Mu nama yagiranye kuri uwu wa gatatu n’abajejwe abakozi mu bushikiranganji butandukanye , abo bakozi batazwi yabahaye imisi 30 kugirango babe basubije amafaranga batwaye bidaciye mu bategeko , ataruko ngo bazofatwa nkabasuma bivye igihugu, hanyuma bahanwe hakurikijwe amategeko.