Ubwinshi bw’abanyororo, isuku rike rirangwa mu mabohero, ni bimwe mu bibangamiye amagara y’abanyororo. Biri mu cegeranyo ishirahamwe rukristu rigwanya ihohoterwa rikorerwa kiremwa muntu ACAT BURUNDI ryasohoye kw’igenekerezo rya 30 rusama uno mwaka. Anita Gateretse ajejwe gutunganya ibikorwa mur’iryo shirahamwe, avuga ko isuko ryo mu bwiherero no mu bwogero mu mabohero rikenewe cane mu kurinda ingwara zifatira kw’isuku rike kandi zandukira ningoga. Akarorero ngo n’ibohero rya Mpimba rirangwamwo isuku rike.
Abanyagihugu bakoze rusansuma y’inyubakwa z’amazi ziri mu gisagara ca Muyinga be no mu mitumba igize iyo Komine, baridoga ko batararonswa agahembo kabo kajanye n’igikorwa bakoze kuva mu mpera z’ukwezi kwa Ruhuhuma uno mwaka. Abo banyagihugu bakiyamiriza ibiriko biravugwa ko ico gikogwa cakozwe nabi ahubwo kigiye gusubigwamwo.
Ingingo yaraye ishikirijwe n’umuvugizi w’igipolisi colonel Désiré Nduwimana ko bibujijwe ko haba imirongo y’imodoka n,amapikipiki zitondera ibitoro kuma stasiyo ngo siwo muti nagato. Ivyo n’ibishikirizwa na Jean Nduwimana umuvugizi w’ishirahamwe olucome aho asaba leta nyabuna gutunganya neza ibijanye n’igitoro mukukigwiza kugira ngo iyo mirongo ntisubire kuboneka ku ma stasiyo atandukanye. Jean Nduwimana asigura ko kugira ivyo bishoboke aruko leta ironka amafaranga y’agaciro akwiye kugira igitoro kirangurwe.
Ntivyumvikana ingene amafaranga arenga imiliyaridi zizatu agenda amazimayongo kubera imishahara yagumye ihabwa abakozi ba leta batari ku kivi nkuko biherutse gushikirizwa na Venuste Muyabaga arongoye ubushikiranganji bujejwe abakozi n’akazi. Ivyo bivugwa na Eulalie Nibizi yahoze ari icegera c’uwurongoye urunani rw’amashirahamwe y’abakozi COSYBU. Eulalie Nibizi akabonako kubona amafaranga angana uko azimanagana , ngo vyerekanako abarongoye ubwo bushikiranganji basamaye canke ata nguvu bafise zo gukurikirana ubunyonyezi nkubwo.
Eulalie Nibizi ahanura umushikiranganji ajejwe akazi n’abakozi gukorana n’inzego zose zijejwe gukurikirana abanyonora amatungo ya leta, ahandiho ayo mafaranga ngo ntazoshobora kugarukanwa mu kigega ca leta.