Muriko mukurikira Radiyo inzamba Agateka kawe, ndabahe mwiriwe mwese muduteze abiri. Turi ku munsi wa gatatu igenekerezo rya 31 Mukakaro umwaka w’2024, n’umwanya w’amakuru mu Kirundi twabateguriye. Uno munsi tukaba twashimye kubashikiriza amakuru adasanzwe ajanye n’ibikorwa vy’intumwa idasanzwe y’ishirahamwe mpuzamakugu ONU ijejwe gukurikirana ingene agateka ka zina muntu kifashe mu Burundi. Bikaba bitegekanijwe ko muri Nyakanga uyu mwaka, inama ya ONU y’agateka ka zina muntu, izofata ingingo yukumwongera ikiringo canke kutacongera. Ivyo biruko mu gihe kuruhande rwa Leta bavuga ko iyo ntumwa idakenewe ahubwo ko ibikorwa vyiwe bituma haba icuka kibi hagati ya leta y’uburundi n’ibihugu bigize umuryango w’ubumwe bwa Buraya. Ku rundi ruhande naho, amashirahamwe atandukanye adaharanira ivyicaro vya politike co kimwe na ba nye politike batavuga rumwe n’umugambwe uri kubutegetsi basaba nyabuna ko iyo ntumwa idasanzwe yo kwongerwa ikiringo n’ububasha buhagije kugira ishobore gukurikirana neza ibijanye n’agateka ka zina muntu bibandanya biyangara mu Burundi.
Aya makuru mukaba mwayateguriwe na Radiyo Inzamba ifadikanije n’ishirahamwe riharanira agateka ka kiremwa muntu SOS TORTURE Burundi.
Mukanya, amakuru mw’ido n’ido.
Ndasubiye kubaramutsa nongera ndabaha n’ikaze.
Mbega iyo ntumwa idasanzwe y’igisata ca ONU kijejwe gukurikirana ibijanye n’agateka ka zina muntu mu Burundi yaje gute? Ngo nta kindi catumye igisata ca onu gifata ingingo yo kurungika intumwa yaco mu Burundi gukurikiranira hafi ibibera mu Burundi atar’uko ihohoterwa rya kiremwa muntu riguma ryibonekeza mur’ico gihugu, leta nayo aho gushengeza abagirizwa gukora amabi igahita mwo kwinumira, yitwajeko iyo ntumwa ya ONU ijejwe agateka ka zina muntu mu Burundi, itayemera. Mugenzi wacu Pierre Gahungu aragaruka kukuntu iyo ntumwa ya Onu uno munsi yashizweho.
Pierre Gahungu arakenuye.
Ivyerekeye agateka ka zina muntu bibandanya biyangara mu Burundi. Ivyo ni ivyemejwe na Fortuné Gaétan Zongo intumwa idasanzwe ijejwe gukurikirana ingene agateka ka zina muntu kifashe mu Burundi. Yabivuze kw’igenekerezo rya kane ukwezi kw’indwi kw’uwu mwaka turimwo, mu nama isanzwe iheruka gutunganywa n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu gisata cayo kijejwe agateka ka zina muntu, hakaba hari i Geneve mu gihugu c’Ubuswise. Iyo ntumwa idasanzwe yavuzeko igituma ibintu biguma biyangara, ari cane cane ukudahana ivyaha kubaba babikoze. Tumukurikire.
Kugumizaho intumwa idasanzwe ya ONU ikurikirana ibijanya n’agateka ka zina muntu mu Burundi, bizana inryane zidakenewe hagati y’Uburundi n’ibihugu bigize ubumwe bwa buraya. Albert Shingiro umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu, yabivugiye mu nama yatunganije mu mpera z’ukwezi kwa gatatu uyu mwaka, inama yari yatumiwemwo abaserukira ibihugu vyabo hamwe n’amashirahamwe mpuzamakungu akorera mu Burundi. Akaba yaciya abasaba yuko batosubira gutora ikindi kiringo c’intumwa idasanzwe ya ONU ikurikirana ibijanya n’agateka ka zina muntu mu Burundi mu matora ategekanijwe mu kwezi kw’icenda uyu mwaka. Kurikira.
Intumwa idansanzwe mubijanye n’agakateka kazina muntu mu Burundi ifise uruhara rukomeye narirya amabi akorwa mu Burundi abandanya yiyongera kurugero runini kuva mumwaka wi 2015 gushika uyu musi. Bisigugwa na Gervais Nibigira ajejwe ibikorwa mw’ishirahamwe Sos Torture. Kubwiwe birakenewe cane ko iyo ntumwa idansanzwe ku Burundi yongegwa ikiringo kuko amabi yirigwa arakogwa mu Burundi bituma amenyekana kumusi kumusi. Nibigira akavuga kandi ko iyo ntumwa idasanzwe ifise akamaro gakomeye mugihe abakora amabi mugihugu badahanwa ahubwo bashimigwa ne leta muguhabwa ayandi mabanga akomeye. Kurikira
Kuba hariho umurwi mpuzamakungu udasanzwe mu Burundi ujejwe ivyagateka ka zina muntu ngo ni ubuntu budasanzwe abarundi bagiriwe. Ivyo n’ibishikirizwa n’umuhari mpuzamakungu w’urwaruka MIJEB. Daniel Ngendakumana avugira uwo muhari abona ko uwo murwi waje hageze kuko ubutegetsi bwafashe intumbero yo gutwaza igikenye, aho abatishwe canke ngo bapfungwe bazira ubusa bahunze igihugu. Umuhari MIJEB usaba ko ico kiringo cokongerezwa ndetse n’umurwi ukaronswa ububasha bukomeye. Tumukurikire.
Amabi akorerwa abakenyezi mu Burundi ntaharurwa. Ivyo bikunyurwa n’uko ababikora badahanwa, kandi amategeko ahari, agahonyangwa imbona nkubone. Ivyo binegurwa n’umuhari Inamahoro, w’abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano. Marie Louise Baricako agatanga uturoreri tutari duke dufatiye kw’ifatwa ku nguvu, kunyagwa, eka n’ikumirwa ry’abana b’abakobwa mu mashuri, bamwe bayaheba kugira batunge imiryango ya bo. Tumukurikire.
Marie Louise Baricako abandanya avuga ko bibabaje kubona ayo mabi yose akorwa abategetsi bigira sindabibazwa. Kuri we akabona ko nyabuna intumwa idasanzwe ya ONU ikenewe cane kuko abuze Abarundi bohava babura uwubatabariza. Dusubire tumukurikire.
Uburundi bwari bukwiye kwihanura bugakorana n’intumwa idasanzwe ya ONU ijejwe agateka ka zina muntu mu Burundi, kugira biyifashe kunagura ubucuti n’ibisata vya ONU, ngo vyotuma n’abanyagihugu b’Abarundi bahatorera akoyoko. Bivugwa n’umunyepolitike w’umurundi Léonce Ngendakumana. Kubwiwe, ibikorwa vy’intumwa idasanzwe ya ONU ijejwe agateka ka zina muntu mu Burundi, biracakenewe na cane cane muri kino gihe Uburundi bw’injiye mu bihe vy’amatora, ibihe vyamye birangwamwo kuva muri kahise, ihonyangwa rikomeye ry’agateka ka zina muntu. Kurikira.
Ni no ngaha duciye dusozera ano makuru twari twatateguriye kuri uyu wa gatatu, nkaba nshimiye mwebwe mwese mwaduteze yompi, na bagenzanje bamfashije kuyegeranya, ano makuru yafashwe mu mugongo n’ishirahamwe SOS TORTURE Burundi, mwayashikirijwe na jewe Eddy Claude Nininahazwe, nahubutaha.