Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo kuwa 31 Myandagaro 2024

Publié le 31 août 2024 par Rédaction

Turi kuwa   gatandatu  n,igenekerezo  rya    31 Myandagaro umwaka 2024 ncuti namwe bagenzi mwashimye gukurikira Radiyo Inzamba Agateka kawe ndabahaye mwiriwe  canke mwaramutse bivanye naho muherereye . iri ni rya sango ryamakuru mukirundi mushikirizwa na ….nayo  akaba agizwe n,izi ngingo nkuru  nkuru zikurikira

  • Ishavu ni ryinshi mubahawe akazi ko kubarura abanyagihugu,uburaro ,uburimyi n’ubworozi muntara ya Makamba.Bavuga ko babayeho nabi kuko batararonswa udufaranga two kubabeshaho kandi muribo hari abarungitswe gukorera muma komine batavukamwo.
  • Nayo mugisata c’uburimyi imyidogo ni myinshi muri bamwe mubarimyi bigiterwa c’ivoka.Bavuga ko ishirahamwe Burundi Avocado Marketing riherutse gushingwa muri iyo ntara  ryaje kubacinyiza mukubagurira amavoka kugiciro kiri hasi cane kandi bahora baronka amafaranga menshi aho  kukiro ribaha amafaranga 1200 bahora baronka hagati 1500  n’i 2000 ku kiro.
  • Nayo mukiganiro kw’isoko tugaruka kw’itotezwa ribandanya rikorerwa impunzi z’abarundi mugihugu ca Tanzaniya. Aya n’ayandi ni mukanya.

 

Ndasubiye kubaramutsa nongera ndabaha n’ikaze.

Imyidogo ni myinshi mubariko bakora ibarura ry’abanyagihugu,uburaro,uburimyi n’ubworozi muntara ya Makamba.Bavuga ko barungitswe gukorera muma komine atandukanye  badahawe udufaranga two kubabeshaho.Ivyatumye mbere bamwe baheba ico gikorwa.Ninkuru ya Alexandrine keza …….

Mugisata kijanye n’uburimyi ,bamwe mu barimyi b’igiterwa c’ivoka mu ntara ya Muyinga baridogera abarongoye ishirahamwe Burundi avocado marketing riherutse gushingwa mu ntara ya Muyinga rikaba rifise icicaro ku mutumba wa Kinazi, muri zone Rugari komine Muyinga. Bavuga ko ryaje kubacinyiza mu kubagurira amavoka ku giciro c’amafaranga 1 200 ku ikiro mu igihe bahora bayadandaza ku mahera ari hagati y’i 1500 n’i 2000 ku kiro. Kur’ico giciro kitabereye ngo hakiyongera ko ayandi mananiza yo gushikana amavoka ku cicaro c’iryo shirahamwe. Aho ni mu gihe kera abagurira amavoka abo barimyi babasanga mu mirima. Abo barimyi bakavuga ko mu gihe  atacohinduka bagiye guheba ico giterwa c’ivoka ngo bijukire ibindi biterwa. Ido n’ido ry’iyo nkuru na Josine Kaze.

Uyu n’umwanya w’ikiganiro kw’isoko.

Mu kiganiro « Kw’īsôko » c’uno musi, tugaruka kw’itotezwa ribandanya rigirirwa impunzi mu gihugu ca Tanzaniya.

« Kw’īsôko » mugishikirizwa na Emile Nibasumba

 

Imbere yo gosozera ano makuru mukurikire bikuru bikuru vyanditswe n’ibinyamakuru bitandukanye ku Burundi mukaba mubishikirizwa na  Alexandre Niyungeko

Ni no  ngaha duciye dusozera ano makuru,nkaba nshimiye mwebwe mwese mwaduteze yompi  ano makuru mw’ayashikirijwe na jewe Bonfils Niyongere Mugire aho muba mwubahwe .Nahubutaha.

 

Ibindi bisa n'ibi