Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo kuwa 04 Ruheshi 2024

Publié le 4 juin 2024 par Rédaction
  1. Kuri uno wa kabiri hatangujwe ikibazo giheraheza inyigisho zo mw’ishuli shingiro mu gihugu cose. Ico kibazo kizomara imisi itatu, cari citezwe gukorwa n’abanyeshuli bahejeje umwaka w’icenda barenga ibihumbi 81, hanyuma ikibazo kikaba cari gitegekanijwe gukorerwa mu bibanza 907. Umushikiranganji Francois Havyarimana arongoye ubushikiranganji bw’indero, ari nawe yatanguje icese ico kibazo mu ntara ya Cankuzo, avugako muri rusangi catanguye neza uretse ko hari abanyeshuli baje gukora ico kibazo aho mu Cankuzo, kandi basanzwe barirukanywe mu mashuli yo mu gisagara ca Bujumbura. Umushikiranganji Havyarimana yamenyeshejeko amanota bazoronka, azoba ari impfagusa.
  2. Abavyeyi b’abana b’abanyeshure biga ku mashure amwe amwe yo muri commune Makamba na Mabanda biyamiriza ingene babuzwa gutegura ivyigwa barungitswe gutegura inyigisho zo gutambuka arizo bita défilés zitegurwa n’umugambwe CNDD FDD. Ivyo rero ngo babitegura iminsi yose kuwa kabiri inyuma y’umutaga no ku musi wa gatandatu.
  3. Intwaro ya demokarasi yarigeze gushinga imizi mu Burundi. Ivyo vyibutswa na Fédéric Bamvuginyumvira. Uwo arongoye urunani CFOR Arusha yibutsa ko ingendo ya demokarasi yakuwe ho n’ugufata ubutegetsi ku nguvu, ariko ko mu nyuma yahavuye igaruka, imbere yo gusubizwa inyuma n’igandagurwa rya Melchior Ndadaye. Kurikira Fréderic Bamvuginyumvira arongoye CFOR Arusha. Abivuze inyuma y’aho haheze imyaka 31 Uburundi bwinjiye mu ntwaro rusangi.
  4. Ariko rero n’aho bir’uko, Abarundi agatima ka demokarasi ngo barakagumanye. Ikiriko kirayica n’ubutegetsi bw’ubu na bwo nyene ikiburanga ari ingimba, n’aho vyitirirwa ko na bwo buhari biciye mu matora. Frédéric Bamvuginyumvira asabako amatora yimirije yotunganywa neza.
  5. Ishirahamwe ryishinze kurwanya igiturire n’isesagurwa ry’amatungo ya leta OLUCOME risaba leta gusubiramwo ibijanye n’uburusho bw’amakori buhabwa abategetsi n’abazana imitahe kuko bisubiza inyuma ubutunzi bw’igihugu. Kubwa Gabriel Rufyiri arongoye OLUCOME, aranegura ingene n’abashingamateka ataco babivugako kandi aribo bajejwe gukurikirana ibikorwa na leta. Ngwayo mafranga aja mu mifuko y’abantu bamwe bamwe yategerezwa gusahiriza mw’inagurwa ry’ubutunzi bw’igihugu n’ukugarukira amashirahamwe ya leta ageze aho umwansi ashaka.
  6. Ibura ry’igitoro rirahungabanya imibereho y’abantu mu ntara ya Ruyigi. Imanza z’imiryango bahora bamara, zaba izibera i Bujumbura canke mu ntara zo hagati mu gihugu, ntizikiba kubera kubura imiduga, hamwe n’uko itike yo kwiyunguruza yadugijwe. Basaba ababijejwe gutora inyishu y’ikena ry’igitoro kugira ngo igihugu gisubizwe iteka abanyagihugu na bo bakoroherwa,
  7. Imbere yo gusozera ano makuru dukurikire akamo gaterwa n’umuhari Inamahoro, abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano mu Burundi.

 

Ibindi bisa n'ibi