Amakuru

Amakuru yo kuwa 5 Myandagaro 2024

Publié le 5 août 2024 par Rédaction

Mwiriwe ncuti namwe bakunzi ba radio Inzamaba agateka kawe kaze mumakuru yo kuruyu mus iwa mbere igenekerezo rya 5 Myandagaro umwaka wi 2024. Amakuru twabateguriye tuyahere kungingo nkuru nkuru zikurikira

  • Abarundi baba mugihugu ca Zambiya barababazwa nuko bataronswa ivyangombwa bibaha uburenganzira kugira barangure imiriro yabo murico gihugu. Umukuru w’igihugu Varisto Ndyaishimiye m’urugendo yaherukamwo murico gihugu arabahumburiza ko ivyo bibazo bigiye gutoregwa inyishu.

 

  • Imfashanyo y’ibifungurwa y’amatoni ibihumbi 5000 leta y’uburundi iherutse guha igihugu ca Zambiya bigaragaraza ko leta yiyobagije ubukene n’inzara vyuguraije abarundi muriki gihe. Mw’ishirahamwe OLUCOME babona ko Uburundi butaragera kugwego gwo gufasha ibindi bihugu ahubwo ayo matoni yari gufasha abarundi benshi bishwe n’inzara.

 

  • Mugusata c’amagara y’abantu, Abantu 37 nibo bari bamaze kumenyekana ko banduye umugera bita variole du singe kugeza kuri uwu w’Imana igenekerezo rya 4 Myandagaro umwaka w’2024, nkuko ivyo bitigiri vyemezwa n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu. Iyo ngwara ikaba iza yaratandukiriye intara zitari nke. Kaze mwese.

Ndasubiye kubaramutsa duhere mubijanye n’umutekano muke

Umusore azwi kw’izina rya Claude Nzobiturimana w’imyaka 18 yaraye yishwe arashwe n’aba polisi mw’ijoro kuruyu wa mungu muri commune n’intara ya Muyinga. Nkuko amakuru dukura muriyo commune abivuga, uyo musore yishwe mugihe yari yagiye kwiba ibigori vyegeranijwe ku gwego rw’intara mukigo kiri k’umutumba kinyota wa commune Muyinga. Abasanzwe barongoye ico kigo bavuga ko kuva aho baboneye hamaze kwibwa ibigori vy’ibiro 500 baciye basaba aba polisi kugira bacungere umutekano w’ico kigo. Muntwaro bavuga ko bagiye kugwiza amanama kugira bahimirize abo barongoye birinde gukora ubusuma.

 

Tubandanye ayo twabateguriye

Imyidogo ni yose mu Barundi baba mugihugu ca Zambiya aho bavuga ko bafashwe nabi cane kuburyo batanaronswa n’impapuro z’ibaha uburenganzira bwo kurangura imirimo itandukanye kugira bashobore kwibeshaho. Umukuru w’igihugu Evaritse Ndayishimiye mukiganiro yagiranye n’abarundi baba muri ico gihugu murugendo aheruka kugirayo arabahumuziza. Avuga ko ico kibazo kigiye gutorerwa umuti. N’inkuru ya Eddy Claude Nininahazwe

 

Tukiri mugihugu ca Zambiya

Imfashanyo y’amatoni ibihumbi bitanu agizwe n’umwimbu w’umuceri , ibigori n’ibiharage leta y’uburundi iherutse gutangwa n’umukuru w’igihugu kugihugu ca Zambia n’ukwibagira ubukene n’inzara vyugarije abarundi muri kino gihe. Binegurwa n’ Ishirahamwe OLUCOME ryishinze kugwanya igiturire n’isesagugwa ry’amatungo ya leta. Iryo shirahamwe ribonako ayo matoni yatanzwe yari gufasha abarundi batari bake. Bagasaba  leta gushiraho politike nyayo ijanye no gukingira umwimbu , ukaguma mu gihugu kuko abanyagihugu bawukeneye cane. Twumvirize Jean Nduwimana umuvugizi w’ishirahamwe OLUCOME.

 

Tubandanye amakuru twabateguriye  mugisata c’amagara y’abantu ku nkuru iciye kumasonga

 

Abantu 37 nibo bari bamaze kumenyekana ko banduye umugera bita variole du singe kugeza kuri uwu w’Imana igenekerezo rya 4 Myandagaro umwaka w’2024, nkuko ivyo bitigiri vyemezwa n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu. Iyo ngwara ikaba iza yaratandukiriye intara zitari nke nka Muramvya, Karusi, Ruyigi, Bururi, Kayanza, Bubanza, Makamba na Gitega. Umugwa mukuru w’ubutunzi Bujumbura, hakaba hamaze gutorwa abantu 14 barwaye, hafi ica gatatu cabamaze kwandura mu gihugu cose. Abategetsi mubushikiranganji bw’amagara y’abantu, bemezako intara ya Rumonge ibangamiwe cane kuko hari uruja n’uruza rw’abantu bava mu gihugu ca Républika y’intwaro rusangi ya Congo, ibituma uwo mugera bita variole du singe urwirirana. Mu gutuza uwo mugera, ubushikiranganji bw’amagara y’abantu busaba abanyagihugu gukaraba kenshi n’amazi meza n’isabuni. Yamara ikibazo kigaruka n’icikena ry’amazi meza ricibonekeza mu mihingo itandukanye y’igihugu. Ishirahamwe Regideso, rikaba riherutse kumenyesha ko umuti urama ugiye kuboneka vuba, ariko nta kirangaminsi gitomoye catanzwe.

 

Tubandanye no mugisata c’indero

Abanyeshure barenga ibihumbi 5000 nibo bahevye ishure mu mwaka w’ishure uheze muri commune de Nyanza-Lac, y’intara ya Makamba. Amakuru ava mu buyobozi bw’indero muri commune, amenyeshako ukwo guheba amashure kuva ku bibazo bitandukanye. Ica mbere, abo bana ngo babandanya baja kurondera ubuzi mu gihugu ca Tanzaniya. Ikindi ngo n’ikibazo c’abana babigeme bawara inda z’ishushu abandi bakaja kurongorwa bakiri bato, ibituma benshi murabo banyashure baheba amashure. Ikindi n’ubuzima buzimvye butuma abavyeyi batagishobora kurihira amashura abana babo. Ivyo bikaboneka kenshi mu miryango y’abarundi bahungutse n’iyindi miryango ikenye cane kuko usanga bakwa amafranga y’abigisha babakutsakivi. Ishure rya commune Kabonga riri muyakozweko n’abanyeshure baheba. Umwaka w’ishure ukaba waheze iryo shure rifise abanyeshure barenga gato 60. Abarezi bakabonako hamwe ibintu vyoguma uko, ryoruhira kugara imiryango yaryo kubera ubukene bw’abanyeshure.

 

Mugusozera naho

Mu makuru y’inkino nkuko vyama buri wa mbere, umurundikazi Francine Niyomukunzi niwe munonotsi umwe kuri 7 baserukiye uburundi muri za nkino mpuzamakungu jeux olympiques ziriko zibera mu bufaransa asigaye akibandanya amahiganwa,abandi bose baramaze gusezera. Mu mupira w’amaguru umurwi Vital’o waraye utsinzwe na Musongati y’i Gitega kimwe ku busa. Ni mu rukino rwa kivukanyi rwo mu ntumbero yo kwitegura inkino z’imirwi yabaye iya mbere iwabo ku mugabane wa Afrika. Alexandre Niyungeko.

 

Arakenuye Alexandre Niyungeko, ni ngaha duciye dusozerera amakuru twariko turabashikiriza, mwakoze mwebwe mwese mwayakurikiye. Bonfils Niyongere nayabashikirije ndabipfurije kuroranigwa mubanyu no muvyanyu. Nahubutaha

 

Ibindi bisa n'ibi