Turi ku munsi wa kabiri igenekerezo rya 06 Myandagaro umwaka w’2024, ncuti namwe bagenzi mwashimye gukurikira Radio Inzamba agateka kawe ndabahaye mwiriwe, ni rya sango ry’amakuru mu kirundi twabateguriye, akaba agizwe na zimwe mu ngingo nkuru nkuru zikurikira,
- Ingoro y’umugambwe Sahwanya Frodebu muri zone Mitakataka muri commune n’intara ya Bubanza yazindutse kuri uno wa kabiri isibanganywa ivyandiko biriko bikozwe n’uwurongoye iyo zone Jacques NICITEGETSE na Manassé NZOBONIMPA yahoze ari inararibonye mu mugambwe cnddFdd akaba n’imvukira mur’iyo zone nyene, afashijwe n’urwaruka rwinshi rw’imbonerakure. Ibikorwa nk’ivyo biravugwa kandi ku ngoro y’umugambwe CNL muri komine Giharo mu ntara ya Rutana aho ku munsi wa gatandatu ivyandiko biyiriko naho nyene vyarahanaguwe. Abatungwa agatoki kurubwo bubisha akaba arabo muri CNDDFDD muriyo commune.
- Umunywanyi w’umugambwe Uprona azwi kw’izina rya Juma Theoneste yahoze ari mu mugambwe uri kubutegetsi CNDD FDD muri komine ya Giharo mu ntara ya Rutana, muri kino gihe arara ntibuca, kubera iterabwoba ariko aragirirwa na bamwe mubagize intwaro nabari mu mugambwe CNDD FDD muriyo Commune. Ababanyi n’abegereye umuryango wiwe bagasabako umutekano wiwe wokingigwa ntagirigwe nabi.
- Mubutunzi, umugambwe CODEBU utera akamo leta y’Uburundi kugira ifate ingingo zose zishoboka kugira ihagarike umurindi ifaranga ry’uburundi rigezeko rita agaciro. Uwo mugambwe ukanegura kandi agacerere k’abategetsi b’igihugu kurico kibazo gihanze ubuzima bw’igihugu.
- Reka nsubire ndabahe ikaze, mukanya amakuru mw’ido n’ido.
Amakuru twabateguriye tuyahere muri politique,
Leonard Ndayisaba umunywanyi w’umugambwe CNL wo k’umutumba musenyi muri zone Bwagiriza ya commune Butezi y’intara ya Ruyigi yafashwe kuruyu wa kabiri ajanwa ahantu hatazwi na musitanteri wiyo commune arikumwe n’igipolisi. Uyo munywanyi wa CNL asanzwe arongoye abanywanyi bo k’umutumba musenyi akaba yafashwe inyuma yo gushwana n’urwaruka rw’imbonerakure rwo kuruyo mutumba. Abanwyanyi b’umugambwe CNL bo kuruyo mutumba bakaba biyamiriza ifatwa ryiwe kuko ataco ariko arazira. Bagasaba ko yorekugwa mbere n’umutekano wiwe ugakingirwa.
Kuri uno wa kabiri nyene, ingoro y’umugabwe Frodebu muri zone Mitakataka muri commune n’intara ya Bubanza yatewe mu gatondo ko kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 6 n’abantu bagizwe n’umukuru wa zone Mitakataka Jacques NICITEGETSE na Manassé NZOBONIMPA yahoze ari inararibonye mu mugambwe cnddFdd akaba n’imvukira mur’iyo zone nyene, afashijwe n’urwaruka rwinshi rw’imbonerakure nkuko amakuru ava muriyo zone avyemeza. Inyandiko zari ziri kuriyo ngoro zikaba zasibanganijwe. Abanywanyi buyo mugambwe FRODEBU bakabona ko ari ingendo yo kutihanganiranira muri politike yimonogoje mugihe hasigaye gusa amezi 10 kugira abarundi baje mu matora. Tubibutseko iyo ngoro y’umugambwe Frodebu hari haheze ukwezi kumwe ikorewe nkivyo nyene, aho abantu bakekwa kuba mu rwaruka rw’imbonerakure bahanaguye amabara y’umugambwe yari kuriyo ngoro, bakoresheje ibara ryirabura. Uruganda rwa radio Inzamba agateka kawe rukaba rutararonka kuri téléphone uwurongoye zone ya Mitakataka kugira atange umuco kuvyabaye.
Muri komine Giharo y’intara ya Rutana naho nyene ivyandiko vyo ku ngoro y’umugambwe CNL vyarahanaguwe ku munsi wa gatandatu w’indwi iheze. Umugambwe CNDD-FDD uratungwa agatoke ko uri inyuma y’ivyo bikorwa. Mu mugambwe CNL i Giharo, basaba ubutungane ko bwokora narirya uwabikoze azwi. Iyi nkuru tuyibaze Eddy Claude Nininahazwe.
Eddy Claude Nininahazwe arakenuye, muriyo ntara nyene,
Umunywanyi w’umugambwe Uprona azwi kw’izina rya Juma Theoneste yahoze ari mu mugambwe uri kubutegetsi CNDD FDD muri komine ya Giharo iri mu ntara ya Rutana, muri kino gihe ariko araturatura, ntakirara mu rugo iwe kubera ariko arategwubwoba ko ashobora kwicwa umwanya uwariwo wose. Ababanyi n’abegereye umuryango wiwe bikeka ko iryo terabwoba ririko rikogwa nabo bahorana mu mugambwe CNDD FDD, bagasabako umutekano wiwe wokingigwa ntagirigwe nabi. Ni inkuru ya Bonfils Niyongere.
Bonfils Niyongere nawe nyene tumukengurukire. Mukanya amakuru ajanye n’ubutunzi n’intwaro ibereye.
Abiyamiriza ingingo y’umukuru w’Igihugu yo guha imfashanyo y’amatoni ibihumbi bitanu vy’indya ku gihugu ca Zambiya baguma bibonekeza. Mur’abo hari mwo Ishirahamwe mpuzamakungu ry’urwaruka rw’Abarundi. MIJEB ikaba yibajije ibibazo vyinshi bijanye n’aho izo ndya zavuye. Daniel Ndikumana ayirongoye akababazwa n’uko vyahawe abandi kandi Abarundi benshi bishwe na kigoyi. Kurikira.
Umugambwe CODEBU uratera akamo leta y’Uburundi kugira ifate ingingo zose zishoboka kugira ihagarike umurindi ifaranga ry’uburundi rigezeko rita agaciro. Kefa Nibizi arongoye uwo mugambwe, arababazwa nuko uno munsi kugira uronke idorari rimwe ry’abanyameriko bigusaba kuba ufise amafranga ibihumbi 7 vy’amarundi kw’isoko yo mu kinywabi. Aranegura kandi agacerere k’abategetsi b’igihugu kurico kibazo gihanze ubuzima bw’igihugu. Kefa Nibizi atera akamo abarongoye inzego z’igihugu gukorera hamwe bagatora inyishu irama kurico kibazo. Kurikira.
Ni no ngaha amakuru twabateguriye kuri uno wa kabiri agarukiye. Reka nshimire mwebwe mwese mwari muduteze yompi, nshimire bagenzanje bamfashije kuyegeranya, kuri micro mwarikumwe na Signoline Nijimbere, muroranirwe aho muri hose, naho ubutaha.