Turi ku munsi wa gatatu, n’igenekerezo rya 7 Myandagaro umwaka w’2024, ncuti namwe bagenzi mwashimye gukurikira Radiyo Inzamba Agateka kawe, ndabahaye mwiriwe canke mwaramutse bivanye naho muherereye. Iri ni rya sango ry’amakuru mu kirundi twabateguriye, aya nayo akaba agizwe n’izi ngingo nkuru nkuru zikurikira.
- Urubanza rwa Emilienne Sibomana yejejwe n’ubutungane bwa sentare isubiramwo imanza muntara ya Gitega haraciye ukwezi kurenga, rwabaye akayobera bahinga. Umucamanza Anatole Manirakiza yamwejeje, ariko agirwako iterabwoba n’uwurongoye iyo sentare Desiré Habonimana. Muraza kuvyunva muri ano makuru.
- Naho mu gisata kijanye n’uburimyi, amakenga ni yose mubanywanyi ba cooperative y’umuceri bo muri komine Gihanga. Bavuga ko ishirahamwe SRDI rifasha mugiterwa c’umuceri rishobora guhomba. N’inyuma yaho bumviye ko hari infashanyo y’umuceri wavuye muri iryo shirahamwe wahawe igihugu ca Zambiya.
- Igihugu c’Uburundi kiri mu bihe bigoye cane bivanye kw’iduzwa ry’ibiciro vy’ivyankenerwa vyose. Bivurwa na Faustin Ndikumana arongoye ishirahamwe Parcem aho avuga ko ivyo biva ahanini kw’ikena ry’ibitoro n’ifaranga ry’Uburundi riguma rita agaciro.
- Aya n’ayandi ni mukanya isase.
Ndasubiye kubaramutsa. Ano makuru tuyahere mu gisata c’ubutungane.
Urubanza rwa Emilienne Sibomana rusa nururiko ruraba akananira abahinga muri kino gihe. Uwo mukenyezi haheze ukwezi kurenga yarejejwe na sentare isubiramwo imanza yo mu ntara ya Gitega, ariko akaba akivundiye mu munyororo. Amakuru ava muri iyo ntara ya Gitega avugako umucamanza Anatole Manirakiza yamwejeje, muri kino gihe ariko arakorerwa iterabwoba n’umukuru w’iyo sentare Desiré Habonimana, amusaba insiguro zijanye n’ingingo yafashe yo kweza uwo mukenyezi. Jean Claude Kabera yahoze arongoye sendika y’abacamanza mu Burundi SYMABU avugako iyo ngendo y’umukuru wa sentare isubiramwo imanza y’i Gitega igayitse kandi iteye kubiri n’amategeko. Ahubwo avugako hamwe umucamanza Anatole Manirakiza yogirirwa nabi ku vyerekeye urwo rubanza, bizobazwa uwo mukuru w’iyo sentare. Dukurikire Jean Claude Kabera yahoze arongoye sendika y’abacamanza SYMABU.
Tukiri mugisata c’ubutungane, ihagarikwa n’ipfungwa ridakurikije amategeko ry’umumenyeshamakuru Floriane Irangabiye ntiritangaje kuko kuva mu mwaka w’i 2015 ubutegetsi bwihaye intumbero yo gutoteza amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu n’ayabamenyeshamakuru, aho bapfunzwe, abandi baranyuruzwa mbere n’abandi barahunga igihugu. Ivyo bivurwa na Germain Rukuki arongoye ishirahamwe ESDDH ryishinze guharanira agateka ka zina muntu n’akabapfunzwe, aho ababazwa n’uko ako kabi kabishe gushika uno munsi kakibandanya. Floriane Irangabiye ngo kubona yaragiranye Ibiganiro n’abantu bakurikiramwa n’ubutungane no kwifotoza arikumwe n’abategetsi bamwe bamwe, ntiyategerezwa kubizira. Kurikira Germain Rukuki.
Germain Rukuki asaba ubutungane kwikubita agashi bukarekura umumenyeshamakuru Floriane Irangabiye ariko azira akarenganyo.
Dutandukire igisata kijanye n’amagara y’abantu.
Amafranga yababa imiliaridi 42 z’amafranga y’amarundi niyo akenewe kugira umugambi w’igihugu wo guhangana n’ingwara y’akaranda ikomoka ku nkende bita variole du singe, uje mu ngiro. Uwo mugambi wemejwe kuri uyu wa kabiri n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu, ukaba uzomara amezi atandatu nkuko vyamenyeshejwe n’umushikiranganji w’amagara y’abantu Lidwine Baradahana inyuma y’inama yaberwa n’ico kibazo bose. Akaba yarongeye aramenyeshako ku burere bw’ubuvuzi 49 bugize igihugu, 22 a également précisé que parmi les 49 districts sanitaires du pays, uburere 22 buramaze gutorwamwo abanduye iyo ngwara, nayo uburere 3 bukaba bumaze kugaragaramwo abikekwa kuba baranduye. Kurikira.
Tuve mu gisata kijanye n’amagara y’abantu tuje mubijanye n’ubutunzi.
Amakenga ni menshi mu banywanyi b’ama coopérative y’abarimyi b’umuceri muri komine Gihanga y’intara ya Bubanza kuva aho bumviye ko umuceri w’ishirahamwe SRDI ribafasha mu gisata c’uburimyi rishobora guhomba kuko wajanywe nk’imfashanyo mu gihugu ca Zambia. Basaba abarongoye SRDI kuhagabira kugirango ubwo burimyi bazigamwo uburaro n’uburamuko ntibuhombe nkuko ayandi mashirahamwe ya reta ariko arahomba. Bonfils Niyongere.
Bonfils Niyongere arakenuye.
Igihugu c’uBurundi kiri mu bihe bidasanzwe vy’iduga vy’ibiciro vy’ibintu vyose ku rugero rutari bwaboneke. Bishikirizwa na Faustin Ndikumana arongoye ishirahamwe ryishinze gukangura abantu no kugira ngo bahindure ingendo PARCEM. Yabivuze kur’uyu wa gatatu mu kiganiro yagiranye n’abimenyeshamakuru n’amaradiyo ku bijanye n’ingene ubutunzi bwifashe mu Burundi, tumwumvirize.
Bimwe mu bituma iryo duga ry’ibiciro, ngo ni amafaranga y’agaciro aguma aduga, igiciro co kwiyunguruza kiguma kiduga kubera ata gitoro, ifaranga ry’uBurundi riguma rita agaciro, ibiturire birangwa mu nzego za leta n’ibindi, n’ubu dusubire tumwumvirize
Ni kuri iryo jwi rya Faustin Ndikumana arongoye ishirahamwe PARCEM duciye dusozererako ano makuru twari twabateguriye, nkaba nshimiye mwebwe mwese mwaduteze yompi. Ano makuru mukaba mwayashikirijwe na jewe Eddy Claude Nininahazwe, nahubutaha.