Turi kuwa kane n’igenekerezo rya 8 Myandagaro umwaka 2024 ncuti namwe bagenzi mwashimye gukurikira Radiyo Inzamba Agateka kawe ndabahaye mwiriwe canke mwaramutse bivanye naho muherereye . iri ni rya sango ryamakuru mukirundi mushikirizwa na Signoline Nijimbere nayo akaba agizwe n’izi ngingo nkuru nkuru zikurikira
- Hari umukenyezi kuruno wakane yahatswe gukorora imbanyi biturutse kumupolisi yamukubaguye.Ivyo vyabereye kugituro c’amabisi aja kumusaga.Abakenyezi bari hafi y’iwe n’ibo bamutabaye.Ariko uwo mukenyezi n’umugabo w’iwe bahavuye burizwa imodoka y’igipolisi ,gushika ubu atawuzi iyo y’abajanye.
- Murano mezi atandatu aheze ihohoterwa ry’abari mumashirahamwe y’abaharanira agateka ka zina muntu harimwo n’abamenyeshamakuru ry’arimonogoje aho bamwe bapfunzwe abandi bahakwa no kunyuruzwa.Ivyo biri mucegeranyo c’amezi atandatu y’ambere yo muri uno mwaka c’akozwe n’urunani rw’amashirahamwe y’abarundi aharanira agateka ka zina muntu.Muraza kuvyunva.
- Evariste Ngayimpenda umuhinga mubijanye n’irwirirana ry’abantu asaba ko rusansuma y’imirije mugihugu yo kwisunga izimaze gukorwa hagahabwa nako kazi ababishoboye kuko mugihugu barahari kugira ico gikorwa kigende neza. Ido n’ido ni mukanya.
Ndasubiye kubaramutsa nongera ndanabaha n’ikaze .
Inyifato y’abapolisi bacungera umutekano mu bituro vy’amabisi mu gisagara ca Bujumbura irateye isibe mu bagendesha imiduga n’abiyunguruza. Kur’uyu wa kane, hari umukenyezi yahatswe gukorora imbanyi kubera gukubagurwa n’umupolisi muri parikingi y’imodoka zunguruza abantu zibakura mu gisagara zibajana ku Musaga. Abakenyezi bari bahari baciye banyaruka kumutabara ahandi ho yari kumererwa nabi. Naho rero bamutabaye, uwo mupolisi yaciye abinjiza umuduga, uwo mukenyezi n’umugabo wiwe, ntawuzi iyo yabajanye. Iyi nkuru tuyibaze Josephine jones Nkunzimana….
Dutandukire igisata kijanye n’ubutungane aho Sentare Nkuru ya Gitega yasohoye kuruyu wagatatu umutahe uhamagaza mubutungane umumenyeshamakuru Gerrard Nibigira akorera radio Televison isanganiro muriyo ntara ya Gitega. Uwo mutahe ukavuga ko ari kumvo z’amatohoza, ukagatomora ko Gerard Nibigira azokwitaba sentare kuruyu wagatanu igenekerzo rya 9 Myandagaro igihe c’isaha zitatu zagatondo kandi yitwaje ibimuranga. Tubibutse ko umumenyeshamakuru Gerard Nibigira mumpera z’ukwezi kwa gatandatu guheze yakubaguwe yongera arafatwa aja gupfungwa nuwurongoye igipolisi muntara Gitega mugihe yari muri station itanga igitoro. Ico gihe yararekuwe inyuma y’amasaha make akaba yagirijwe ko yariko afata amasanamu kuri station itanga igitoro. Ama telepehone nivyumwa vy’akazi bikaba vyaciye bifatwa. Uwurongoye igipolisi muntara ya Gitega akaba yaranse kumusubiza ibikoresho vyiwe yagiriza Gerard Nibigira ko yariko aha amakuru umumenyeshamakuru Bob Rugurika. Ivyo Gerard Nibigira akaba yarabihakanye kuko ngo basanzwe batavugana nuyo Bob Rugurika.
Tuve mugisata c’ubutungane dutandukire ibijanye n’agateka ka zina muntu. Urunani ruhurikiyemwo amashirahamwe y’abarundi aharanira agateka ka zina muntu CBDDH ruratewe umutima uhagaze n’ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu ry’akorewe abaharanira agateka ka zina muntu n’abamenyeshamakuru muri kino gice c’umwaka wa 2024.Aha CBDDH rikisunga ubutungane budatunganiriza bamwe mubaharanira agateka ka zina muntu n’abamenyeshamakuru bari muburoko, guhagarika no gushaka kunyuruza no kwaka ubuzima abaharanira agateka ka zina muntu. Ivyo vyose ngo ntakindi bivako ataruko mugihugu atanzego zihari z’ikomeye kandi z’igenga z’ikingira agateka ka zina muntu.Kurikira Bertrand Ngendakuriyo ajejwe kumenyesha amakuru muri CBDDH.
Tubandanirize ano makuru mugisata kijanye n’ubutunzi.Kuri uno wa kane igenekerezo rya munani ukwezi kw’umunani umwaka w’i 2024 , ibanki nkuru y’igihugu BRB yasohoye itangazo aho itanga uburunganizira bwo kwugurura amazu yo kuvunjiramwo amafaranga mvamakungu no gukora ata nkomanzi hakurikijwe amategeko agenga ivy’ikoreshwa ry’amafaranga mvamakungu. Uwo wese avyifuza asabwa kwegera iyo banki kugirango imuhe impanuro zose zikwiye . Twobibutsako ayo mazu atari make yari amaze imisi itari mike yarugawe, mbere hakaba hari n’abakora ako kazi ko kuvunja amafaranga mvamakungu abo bita abavunjayi , bafashwe barafungwa bagirizwa guhungabanya ubutunzi bw’igihugu.
Imbere yo gusozera ano makuru tubashikirize ibijanye n’irwirirana rya bantu.Abategura rusansuma yimirije bofatira kuzimaze gukorwa mu gihugu kugira ico gikorwa kigende neza. Uwo n’umwihwezo wa Evariste Ngayimpenda, umuhinga muvy’igwirirana ry’abantu. Ati uretse n’ivyo, ikigo kijejwe rusansuma caramenyesheje ko n’uburyo buhari bubigenewe. Evariste Ngayimpenda rero akabonera ho akanya ko gusigura ido n’ido uko ico gikorwa gitegerezwa kugenda.
Ariko rero ngo kugira rusansuma ikorwe uko bitegerezwa, n’uko abanyagihugu bategurwa neza kugira ico gikorwa bacitabire uko bikwiye, maze n’abajejwe intwaro bagafasha batiziganya. Evariste Ngayimpenda akavuga ko ico gikorwa gitegerezwa kwisunga ubumenyi bw’abahinga mu bisata bitandukanye vyuzuzanya mu gukora rusansuma, ngo na cane cane ko mu gihugu bahari. Dusubire tumutege amatwi.
Ni no ngaha duciye dusozera ano makuru,nkaba nshimiye mwebwe mwese mwaduteze yompi n,ahubutaha.Ano makuru mukaba mwayashikirijwe na jewe Signoline Nijimbere.