Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo kuwa 9 Myandagaro 2024

Publié le 9 août 2024 par Rédaction

Mwiriwe ncuti namwe bakunzi ba radio inzamba agateka kawe kaze mumakuru yo kuruyu musi wa gatanu igenekerezo rya 9 Myandagaro umwaka wi 2024. Ayo twabateguriye tuyahera kungingo nkuru nkuru zikurikira

  • Hari ikiziga c’umugabo yahoze mugisirikare catowe kuruyu wagatanu kumutumba Gihinga wa commune Vyanda n’intara ya Bururi. Ababanyi biwe bakaba bikeka ko yoba yishwe n’umugore wiwe kuko ngo bari basanzwe babanye nabi. Mugisoplisi bati amatohoza yatanguye.
  • Imyidogo ni myinshi mubanywanyi b’ishirahamwe mutuelle mu ntara zo mu bumanuko bw’igihugu, imvo akaba ari rusansuma bariko barakorwako n’iryo shirahamwe. Bavugako batakaza umwanya iyo bariko baja kwisansumisha gushasha kuko hari abatonda incuro 3 canke zirenga ariko bagataha uko baje.
  • Umugambwe CODEBU nawo usaba ko imigwi igize abategura amatora ku rwego rw’ama communes yoshigamwo abantu bose kugira ibizova mumatora bizobe vyizewe. Uyo mugambwe ukabona ko hamwe ivyo bitogenduko amatora Uburundi bwimirije ashobora kutagenda neza kandi bishobora gukwega ingaruka mbi. Kaze mwese.

Ndasubiye kubaramutsa mwese duhere mubijanye n’umutekano muke

Umugabo yahoze mu gisoda yatowe ikiziga mu nzu iwe mu gitondo co kur’uyu wa gatanu ku mutumba Gihinga komine Vyanda mu ntara ya Bururi.  Mu gihe ababanyi bakeka ko yoba yagandaguwe n’umugore wiwe, mu ntwaro no mu gipolisi bavuga ko atacemezo kigaragara naho uwo mugabo n’umugore wiwe batari babanye neza. Iyi nkuru tuyibaze Alexandrine Keza.

Tubandanye kuriyi nkuru iciye kumasonga.

Haravugwa ubusuma bw’ikoresho ku bitaro bikuru vy’intara ya Muyinga, bwabaye mu mpera y’indwi iheze mu gisata co gupima indwara, nkuko amakuru ava mur’ivyo bitaro avyemeza. Abakozi bane harimwo batatu bakora mur’ico gisata gipima indwara bé n’uwundi akora isuku mur’ivyo bitaro, bakaba bari mu ntoke y’inyamirabi ku mvo z’amatohoza. Kugirango hamenyekane neza ibikoresho nyezina vyibwe, ubuyobozi bw’ibitaro bukaba bwarashizeho umugwi wo gusuzuma ibikoresho vyose vyatanzwe mur’ico gisata gipima indwara, kugirango hamenyekane ibikihari n’ibibura ukwo bingana, nkuko umwe mu bakora aho kur’ivyo bitaro yabimenyesheje radio Inzamba. Ngo si bwo bwa mbere kandi ibikoresho vyo mur’ico gisata bizimangana ariko ntihamenyekane uwavyivye.

Turabandanya ayo twabateguriye

Imyidogo ni myinshi mubanywanyi b’ishirahamwe mutuelle mu ntara zo mu bumanuko bw’igihugu, bivuye kuri rusansuma bariko barakorwako n’iryo shirahamwe.  Bavugako batakaza umwanya iyo bariko baja kwisansumisha gushasha kuko hari abatonda incuro 3 canke zirenga ariko bagataha uko baje kuko ngo bababwira ko ibirere ari bibi ibituma iyandikwa ridakunda. Mu gihe urwo rusansuma ruherana nino ndwi, abo banywanyi ba mutuelle basaba kw’ikiringo cokongerwa kugira ntihagire uwudashikirwa. Inkuru ya Janvier Habarugira.

Arakenuye Janvier Habarugira.

Imigwi itegura amatora ikwiye kujamwo abantu bose kandi zemewe n’imigambwe yose iri mugihugu kugira amatora yimirije aze agende neza. Ako n’akamo gategwa n’umugambwe CODEBU. Uyo mugambwe ukabivuga mugihe hariko haraba imyiteguro yo gushiraho imigwi ijejwe gutegura amatora muma commune ariyo CECI. Keffa Nibizi arongoye umugambwe CODEBU akavuga ko iyo migwi ikwiye kujamwo bose kugira ibizova mumatora bize vyizegwe. Uwo arongoye CODEBU akavuga ko niyo bitagenda uko ingaruka mbi zishobora kuba nyishi inyuma y’amatora. Kurikira

Tubandanye kuriyi nkuru nayo iciye kumasonga

Kw’igenekerezo rya 9 Myandagaro, amakungu ariko arahimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe abanyagihugu bibagiwe peuples autochtones mu gifaransa. Ibirori nyamukuru vyabereye muri commune Matana, mu ntara ya Bururi. Icegera c’umukuru w’igihugu Prosper Bazombanza yaserukiye leta, akaba yaboneyeho akaryo ko gushikiriza ihegitari 6 imiryango y’abatwa bo muri zone Kiryama, muri commune Songa. Icegera c’umukuru w’igihugu akaba yabasavye kubungabunga iyo si ndimwa, ababuza kuhagurisha canke kuhakotesha. Iyo ngabire ikaba yashimishije amashirahamwe y’abatwa. Yamara, baciye basaba yuko iyo miryango yoronswa n’ibitungwa kugira bazoronke ifumbire bashira muriyo mirima kugira yimbuke neza.

Radio Inzamba tubandanye mugisata c’ubutunzi

Ishirahamwe Parcem rirashima ingingo yaraye ifashwe na Leta yo gutanga umw’idegenvyo m’urudandazwa rw’isukari. Faustin Ndikumana arongoye iryo shirahamwe avuga ko bizotuma isukari iboneka kugiciro kijanye n’ingene kw’isoko bizoba bimeze kuko abadandaza bazohiganwa bayikuye mubihugu bitandukanye. Tumukurikire.

Faustin Ndikumana avuga  kandi ko ishirahamwe Parcem ryanezerejwe n’ingingo yo gusubira gutanga umw’idegenvyo wo kurekurira gukora amazu avunja amafaranga y’agaciro. Ishirahamwe parcem rikavuga ko ryari rimaze igihe ribisaba. Ivyo ngo bizotuma imyidogo yahora mubarwizatunga igabanuka. N’ubunyene kurikira Faustin Ndikumana.

Imbere yo gusozera tuje mugisata c’amagara y’abantu

Amafaranga imiliyaridi 42 y’amarundi yategekanijwe gukoreshwa n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu mu mugambi wo kugwanya indwara y’ibihara vy’inguge ngo n’amafaranga  menshi cane uravye ibikorwa azokoreshwamwo. Ivyo n’ibivugwa n’umuhinga mu vyerekeye indwara zandukira Come Konakuze. Akaba afise amakenga ko ayo mafaranga yategekanijwe ashobora kudakoreshwa yose , canke agakoreshwa ivyo atagenewe nkuko vyagenze mu gihe c’ikiza ca Covid 19. Come Konakuze ahamagarira ubushikiranganji bujejwe amagara y’abantu kuja inama n’ingingo nabo bose bakorana kugirango bagire integuro y’amafaranga yumvikana hakurikijwe ibikorwa bikenewe. Ngo niho nabazotanga ayo mafaranga bokwizera Uburundi mu kuyatanga. Tumukurikire.

Ni ngaha duciye dusozerera amakuru twariko turabashikiriza, mwakoze mwebwe mwese mwayakurikiye. Bonfils Niyongere nayabashikirije ndabipfurije kuroranigwa mubanyu no muvyanyu. Naho ubutaha.

Ibindi bisa n'ibi