Amakuru yo ku munsi

Amakuru y’Urunani rw’amaradiyo yo kuwa 18 Ruheshi 2024

Publié le 18 juin 2024 par Rédaction
  1. Imyaka ine irarumanye kuri uno wa 18 Ruheshi umwaka w’2024 Evariste Ndayishimiye aramutswa igihugu c’Uburundi. Akaba yashitse ku butegetsi inyuma y’amatora abatari bake bavuzeko yaranzwemwo utunenge twinshi haba mubatavuga rumwe na leta cokimwe nabo mu mugambwe wiwe CNDD FDD, aho hari nabiyemerera kw’intsinzi yari iya Agathon Rwasa. None vyoba biri muvyatumye Evariste Ndayishimiye asa nkaho atigeze agira ubutegetsi bwuzuye murino myaka ine iheze nk’umukuru w’igihugu ? Imyaka ine yaruhiye gusubiza inyuma ku rugero runini. Uno munsi abarundi bakaba bamufata nk’umukuru w’igihugu mubi igihugu kitari bwagire kuko ibisata vyose vy’igihugu vyasubiye inyuma, aho biboneka kw’inyishu kurivyo bibazo ataziriho muri kino gihe, abanyagihugu nabo bagasa n’abiyakiriye murayo magorwa. Ivyo bibazo vyose nivyo vyatumye ibimenyeshamakuru radio Inzamba Agateka kawe, Radio publique africaine Ijwi ry’abanyagihugu na télévision Renaissance bitunganya amakuru y’urwo runani, mugira mushikirzwa na Bonfils Niyongere afadikanije na Emmanuel Niyungeko, sangw’ikaze.
  2. Mu gutangura ano makuru y’urunani rw’ibimenyeshamakuru, tuyahere kw’ijambo ry’intangamarara dusomerwa.
  3. Inyuma y’imyaka ine umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye ashitse kubutegetsi, igisata ca politike cagiye gisubira inyuma nk’ibirenge. Imigambwe itavuga rumwe na leta yaraburabujwe, akarorero ka hafi akaba ari umugambwe CNL wa Agathon Rwasa wasambuwe n’ubutegtsi, tudasize inyuma abanywayi buwo mugambwe bishwe abandi baranyuruzwa.
  4. Ubutunzi bw’igihugu ntibwasigaye inyuma nabwo nyene bwarasubiye inyuma kurugero ruteye ubwoba muri iyi myaka 4 iheze Evariste Ndayishimiye ari kubutegetsi. Nk’akarorero, mu 2020, idollari rimwe ry’abanyamerika ryavunjwa amahera angana n’2.800 mugihe uno musi rigeze kuyarenga 6000 kw’isoko ry’abavunjayi bivuga ko ryaduze kubice 114.29%. Nayo kubiciro vyo kuvunja vy’ibanki nkuru y’igihugu BRB, idollari rimwe ry’abanyamerika ryavunjwa kumafaranga 1946 y’amarundi mu 2020 mugihe uno musi rivunjwa ku 2.882. Ivyatumye ibidandazwa vyinjira mugihugu biva hanze vyaciye bitangura kubura nka vyose na cane cane igitoro.
  5. Imyidogo ko hari ubusuma buciye mukurya ibiturire no kunyuruza amatungo ya Reta niyo yagumye igaruka mu majambo yagiye arashikirizwa n’Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye.Rimwe narimwe akidogera abari bakwiye kumufasha ko ataco bamufasha ngo baburwanye.
  6. Mu gisata c’agateka ka zina muntu, naho nyene kabandanije guhungabana mu Burundi kuva Evariste Ndayishimiye afashe ubutegetsi. Ubutungane nabwo bukoreshwa mubijanye no guhohotera abakekwa kutavuga rumwe n’ubutegetsi bwa CNDD FDD. Ukunyuruza abantu, ugufungira ubusa abantu nivyo bikorerwa abanyagihugu ubutungane burorera ahugukurikirana abakora ivyo vyaha ngo bahanwe hisunzwe amategeko. Abategetsi bo berekana ko vyose vyera dé ariko amashirahamwe amwe amwe akaba adasiba kwerekana ko hari amabi menshi nk’ibiherutse vyo gukura umurwi w’igihugu CNIDH mukibanza ca A ugasubira mu murwi B.
  7. Iyi myaka ine Evariste Ndayishimiye yaranzwe kandi n’abasirikare b’Uburundi batagira uko bangana bishwe, barakomereka abandi bagigwa imbohe mu gihe bari barungitswe ku nguvu mu gihugu ca Republika iharanira demokrasi ya Kongo kugwanya umuhari M 23. Imiryango yabo nubu ikaba icifumbereje.
  8. Igisata c’indero muri ino myaka ine iheze cagiye cinjirirwa na politike. Bigeze aho abana basigaye basiba ibibazo kubera ingendo z’abakuru b’umugambwe uri kubutegetsi. Biri mu mwihwezo w’umuhari MAP BURUNDI BUHIRE. Kubwa Liberat Ntibashirakandi avugira umuhari MAP Burundi Buhire, nwg’iyo itera igira ingaruka mbi nyinshi kuri ico gisata. Zimwe muri zo ni nk’itituka ry’ubumenyi. Liberat Ntibashirakandi akavugako bigeze aho abana batakimenya gusoma n’ugutahura cane cane igifaransa aho kubwiwe n’abigisha basigaye basigura mu kirundi.
  9. Uruanani rw’ibimenyeshamakuru radio Inzamba Agateka kawe, Radio publique africaine Ijwi ry’abanyagihugu na télévision Renaissance, rwahaye ijambo abafise ico baterera mu bisata vy’igihugu bibangamiwe cane.
  10. Intwaro ya Varisito Ndayishimiye nta kintu gishasha yigeze izana mugisata ca politike ahubwo ibintu bitera vyunyuka kugira hasigara hakora umugabwe umwe uri k’ubutegetsi CNDD FDD. Bisigugwa n’umugambwe CODEBU umwe mumigambwe ikorera mu Burundi. Keffa Nibizi arongoye uyo mugambwe avuga ko kuva Evaritse Ndayishimiye ashitse k’ubutegetsi yari yatanze icizere biciye mumanama yagirishije abarongoye imigambwe. Ariko ko ico cizere camaze umwanya urume rumara. Uyo arongoye Umugambwe CODEBU akavuga ko hariho ivyaganiriwe vyinshi bitigeze bishigwa mungiro hamwe n’itegeko ryashizeho rikumira iyindi migambwe mumatora Uburundi bwimirije.
  11. Mu gateka ka zina muntu, abantu barenga 120 nibo bamaze guharurwa n’ishirahamwe FOCODE ko baburirwe irengero mu myaka ine iheze Ndayishimiye Varisito ashitse ku butegetsi. Bishikirizwa na Pacifique Ninihazwe arongoye iryo shirahamwe riharanira iyubahirizwa ry’agateka ka zina muntu. Uyo kandi ahagarariye isekeza Ndondeza ryatangujwe rigamije kurondeza ababurirwa irengero avuga kandi ko Prezida Ndayishimiye akigera ku butegetsi yasa n’uwuje agamije guhagarika ihonyagwa ry’agateka ka zina muntu ryari ryibonekeje cane ku butegetsi bw’uwo yasubiriye Petero Nkurunziza, ariko biraheza bimara umwanya urume rumara.
  12. Pacifique Nininahazwe amenyesha kandi ko mu banyuruzwa cane, abatari bake bakurwa mu batavuga rumwe n’ubutegetsi. Ku bw’uyo aharanira iyubahirizwa ry’agateka ka zina muntu, umurindi inyuruzwa ry’abantu ririko muri kino gihe uteye ubwoba, bigashobora n’ukwunyuka mu bihe vy’amatora vyimirije.
  13. Intwaro ibereye no kurwanya ibiturire ntivyigezwe bishigikirwa bigaragara muriyi myaka ine iheze. Ivyo vyatumye abanyuruza amatungo ya leta babandanya, amahera mvamakungu arabura, ivyankenerwa vyose biraduga ku rugero rwo hejuru. N’umwihwezo wa Faustin Ndikumana, arongoye ishirahamwe PARCEM ku rwego rw’igihugu. Kubwiwe, leta yarikwiye kwiyumvira kwiterambere ryiza ry’igihugu, umugambi w’iterambere wo muri 2040-2060 ukava mu majambo nyabuna ukaza uhindura ivy’igihugu gihitiyemwo.
  14. Imyaka ine y’ubutegetsi bwa Evariste Ndayishimiye nta gishasha yazanye mubijanye n’ugushira n’ukwizana mukumenyesha amakuru mu Burundi. Umwihwezo w’umumenyeshamakuru akaba n’umuyobozi wa télévision Renaissance, Innocent Muhozi. Kubwiwe, ubutegetsi bwa Ndayishimiye bwabandanyirije aho ubwa Nkurunziza bwagejeje mukuburabuza no gutera ubwoba abamenyeshamakuru. Aributsa ko hakiri abamenyeshamakuru babiri bagipfunzwe ku mvo zitumvikana mu ntumbero yo kubuza abamenyeshamakuru gukora neza umwuga wabo.
  15. Uruanani rw’ibimenyeshamakuru radio Inzamba Agateka kawe, Radio publique africaine Ijwi ry’abanyagihugu na télévision Renaissance, rwahaye ijambo abanyagihugu. Abaganiriye n’urunani rw’ibimenyeshamakuru babonako intwaro ya Evariste Ndayishimiye yaranzwe n’ubwicanyi burenze urugero, ukunyuruza abantu bakaburwa irengero, ugusahura abanyagihugu hamwe n’ubutunzi bw’igihugu atacamira, ubukene bw’ibintu vyankenerwa mu gihugu hatibagiwe iduzwa ry’ibiciro kurugero rurengeje. Kubwabo bakavuga ko gutwara Uburundi, Evariste ndayishimiye vyamutaye k’uw’amazi kuko ata kintu na kimwe babona boshima ku ntwaro yiwe.
  16. Ni kuri ayo majwi y’abanyagihugu duciye dusozererako amakuru y’urunani rw’ibimenyeshamakuru radio Inzamba Agateka kawe, Radio publique africaine Ijwi ry’abanyagihugu na télévision Renaissance, amakuru yarahagaze ku ngingo imwe rudende, imyaka ine iheze umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye ashitse kubutegetsi. Dufate kano kanya dushimire mwebwe mwese mwariko muradukurikira, abo bose baterereye kugira ano makuru aboneke.

Ibindi bisa n'ibi