Amakuru yo ku munsi
Amakuru y’urunani rw’amaradiyo yo kuwa 26 Ruheshi 2024
Publié le 26 juin 2024 par Rédaction
Post Views: 0
- Turi kumunsi wa gatatu n’igenenekerezo rya 26 Ruheshi umwaka 2024, n’umwanya wo gukurikira amakuru mu Kirundi y’urunani rw’ibimenyeshamakuru RPA Ijwi ry’abanyagihugu, Radiyo Inzamba Agateka kawe na Television Rennaissance afadikanije n’ishirahamwe riharanira kurwanya ihohoterwa ry’ubuzima bwa kiremwa muntu SOS torture Burundi. Amakuru y’uno munsi akaba agizwe n’ingino imwe rudende ijanye nuko kuruno wa gatatu igenekerezo rya 26 Ruheshi, ari umunsi mpuzamakungu wahariwe ugushigikira abahuye n’ivyago vyo guhohoterezwa ubuzima. Mbega uyu munsi ushitse mu Burundi vyifashe gute ibijanye n’ihohotererwa ryubuzima bwa kiremwa muntu ? N’izihe nkurikizi kuwahohotewe ubuzima. Hokorwa iki kugirango ako kabi kabishe karanduranwe n’imizi. Muraza kubikurikira murano makuru mugira mushikirizwe na Bonfils Niyongere afadikanije na Inès Gakiza, sangwa ikaze.
- Nkuko twari twabibabwiye muntangamarara, kw’igenekerezo rya 26 Ruheshi n’umusi mpuzamakungu wahariwe kurwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu kw’isi. Kakaba ari n’akaryo ko guhamagarira ibihugu bitandukanye kw’isi kwubahiriza amasezerano yiyamiriza ayo mabi. Ariko uyo musi ushitse mugihe mu Burundi guhohotera kiremwa muntu ari icaha gisa n’icashinze imizi. Ikibabaje ababikora bakaba batabihanirwa, reta mbere ikaba yarabisasiye n’indava.
- Mubarundi isinzi basinzikarijwe ubuzima, tubabwire uwitwa Egide Nkunzimana muriki gihe ari mubuhungiro, yaba muri zone ya Ngagara muri quartier 4. Yahagaritswe iwe, imbere yuko atwarwa mukigo c’iperereza kiri muri quartier y’9 muriyo zone nyene, aho yakorewe amabi atandukanye yo kumuboreza igufa. Yahavuye arokoka aho yahatswe kugandagurwa n’abapolisi hamwe n’abakozi b’iperereza mw’ibohero rya zone ya Kinama, ariho yahavuye yungururizwa.
- Iryo hohoterwa rya kiremwa muntu ntiryasize inyuma abakenyezi n’abigeme. Igitigiri kinini c’abakenyezi n’abigeme baraborejwe igufa bongera barashurashuzwa ku nguvu na bamwe mubo mu nzego za leta n’Imbonerakure kuva mu mwaka w’2015 mu Burundi. Ivyo vyemezwa n’umukuru w’umuhari w’abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano mu Burundi. Umushingwamanza Jeanne d’Arc Curinyana ababazwa nuko abakorewe ayo mabi, benshi baciye bahunga igihugu, akababazwa kandi nuko ubutungane mu gihugu butigeze bugira ico bukoze, kandi ababakoreye ayo mabi bazwi.
- Ukuborezwa igufa si agaseseshwarumuri mu gihugu c’uBurundi naho Leta y’ico gihugu iguma ibihakana. Bishikirizwa n’ishiramwe ryiyemeje kurwanya amabi afatiye kw’ihohoterwa rya kiremwa muntu. Denis Ndayishemeze avugira iryo shirahamwe yemeza ko rizoguma rishigikiye abakorewe amabi n’imiryango yabo.
- Amakuru y’urunani rw’ibimenyeshamakuru RPA Ijwi ry’abanyagihugu, Radiyo Inzamba Agateka kawe na Television Rennaissance, arabandanya. Ishirahamwe mpuzamakungu rirwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu, OMCT mu mpfunyapfunyo, rihamagarira Reta y’u Burundi kuva mu gacerere igashengeza abagirwa n’amabi yo kuboreza igufa abo bari bajejwe gukingira aho kwigira sindabibazwa. Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru ba runo runani rw’amaradiyo, umwe mu ndongozi z’iryo shirahamwe yamenyesheje ko bafise ivyemezo bikwiye vyerekana uruhara rw’urwego rw’iperereza muri ayo mahano. Akarorero katanzwe akaba ari ak’umunywanyi w’umugambwe MSD yaborejwe igufa bikomeye inyuma y’ugufatirwa mu myiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu c’umuhisi président NKURUNZIZA.
- Ishirahamwe OMCT riranibutsa ko atari ubwa mbere u Burundi butungwa agatoke muri ayo mahano naho ingingo zose zagiye zirafatwa u Burundi butigeze buzishira mu ngiro. Ariko naho biri uko, Isidore NGUEULEU amenyesha ko ivyo bitabaca intege kuko ivyemezo bagenda bararonka biheza bigaha inguvu ibirego vyatanzwe muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha, CPI.
- Eka na bamwe mubanyepolitike baremeza ko kuboreza igufa abantu mu Burundi bitakiri agaseseswa rumuri. Abajejwe amatohoza munzego z’igipolisi bobo babigize umwuga nkuko bishikirizwa n’umukuru w’umugambwe CODEBU. KEFA NIBIZI avugako n’urwaruka rwashizwe mumakomite yo gucungera umutekano rwaciye runiha n’uburengazira bwo gusinzikaza ubuzima bwa kiremwa muntu atacamira. Kurikira KEFA NIBIZI arongoye umugambwe CODEBU.
- Ivyo kuboreza igufa bunyamanswa abantu, ababikora babifisemwo uburambe mumugambwe CNDD-FDD kuva ukuri umuhari urwana. Frederic BAMVUGINYUMVIRA yahoze ari icegera c’umukuru w’igihugu arerekana ingene ukwica rubozo vyamye biri mumigambi n’imigabo y’umugambwe uri kubutegetsi, ari naco gituma bigoye gutuza ako kabi uyo mugambwe ukiramutswa igihugu.