Muri ino myaka 5 iheze, umwimbu w’icayi ushorwa mu makungu ngo wagabanutse ku rugero rw’ibice 20 kw’ijana. Bamwe mu barimyi baremeza ko biva ku kuntu batacitaho icayi kuko ata kamaro kibafitiye. Icokorwa kugira ico giterwa gisanzwe ari kimwe mu biza imbere mu kwinjiza amahera y’agaciro mu gihugu, ni muri kino kigabane Kw’Isôko.