Amakuru yaranze indwi
Amakuru yaranze indwi yo kuwa 12 Rusama 2024
Publié le 12 mai 2024 par Rédaction
Post Views: 0
- Ano makuru yaranze ino ndwi tuyahere mugisata c,umutekano.Abantu 38 nibo bakomeretse mugitero c’ama grenades yatewe mwijoro ryo kuruyu wa gatanu mubantu bari batonze barindiriye ama bus kugituro c’ama bus mugisagar ca Bujumbura. Batanu muribo nibo bakomeretse cane. Bimenyeshwa n’umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano Pierre Nkurikiye mukiganiro yahaye abamnyeshamakuru kuruyu wa gatandatu. Akaba yerekanye abantu batandatu harimwo n’uwahoze mugisirikare ca kera Ex fab avuga ko aribo bamaze gufatwa bagirizwa ibitero bimaze imisi biba. Petero Nkurikiye akaba yasubiye kwagiriza igihugu c’Urwanda ko arico cigisha kikongera kikabarungika mu Burundi gukora ibitero baciye mumuhari Red Tabara.
- Murunani CFOR Arusha baratera ivyatsi bivuye inyuma ivyo bitero vyakozwe mugisagara ca Bujumbura bigakomeretse abanyagihugu. Bakaba biyamiriza imvugo y’umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano yo kwagiriza igihugu c’uRwanda imisi yose habaye ibitero nkivyo. Frederic Bamvunginyumvira arongoye urunani CFOR agatangazwa n’ukuntu leta y’uBurundi yama yagiriza igihugu c’Urwanda kandi hasanzwe hariho abajejwe umutekano w’abanyagihugu. Bamvunginyumvira agasaba ko hoba umugwi wigenga ukora amatohoza kubitero bimaze igihe biba mugihugu kugira hamenyekane vyukuri ababikora kuko ikinyoma camaze kuba umugenzo w’umuvugizi w’igipolisi igihe cose habaye ibitero
- Umuhari red Tabara mw,itangazo wasohoye kuruno wagatandatu uheze uriyamiriza ivyashikirijwe n,umuvugizi w,ubushikiranganji bw,umutekano .Red Tabara bavuga ko ico gitero batakizi kandi batigera batera abanyagihugu.
- Dutandukire igisata kijanye na politike.Umukuru w’igihugu c’Uburundi avuga ko igihugu arongoye kigoye gutwara kuko kirimwo abanyonyezi benshi b’amatungo ya leta. Varisto Ndayishimiye akavuga yopfuma atwara igihugu c’abayahudi mugihe ca Yezu. Ivyo yabivuze kuruyu wa kabiri uheze muntara ya Mwaro munama yagirishije indongozi zitandukanye zigize igihugu. Umukuru w’igihugu akavuga ko agiye guhangana nabo bose banyuruza amatungo y’igihugu bimonongoje mu Burundi.
- Urunani CFOR ARUSHA ruhurikiyemwo imigambwe n’abanyepolitike batavuga rumwe na leta , rubonako iyo mvugo yuzuye ibitutsi n’iterabwoba itabereye na gato umukuru w’igihugu. Urwo runani rubonako hakwidoga, umukuru w’igihugu Ndayishimiye yari akwiye gushengeza abo yagiriza , bagakubitwa intahe mu gahanga nkuko ibwirizwa nshingiro ribimurekurira, akava mu majambo akaja mu bikorwa . Adashoboye kubikora uko , ngo yoca atanga imihoho kuko akazi kazoba kamutaye kuwamazi.
- Mu makuru yaranze ino ndwi haravuzwe kandi ibijanye n,itegeko rishasha rigenga umwuga wo kumenyesha amakuru ryatowe kumunsi wa kabiri igenekerezo rya 5 Rusama n,inama nshingamateka.Iryo tegeko rikaba ririmwo ingingo zisaba abamenyeshamakuru kwerekana isoko ry,amakuru batanga.Marie Louise Baricako arongoye umuhari w,abigeme n,abakenyezi baharanira amahoro n,umutekano INAMAHORO avuga ko iryo tegeko ririmwo ingingo ziteye kubiri n,ubwigenge bwo kumenyesha amakuru hamwe n,ubwigenge bwo gutanga ivyiyunviro.
- Imbere yo gusozera ano makuru yaranze ino ndwi dutandukire igisata kijanye n,agateka ka zina muntu aho umurwi w,igihugu ujejwe agateka ka zina muntu cnid w,akuwe kurutonde rw,imirwi iharanira koko agateka ka zina muntu bimwe bishimishije.Iyo ngingo ikaba yafashwe muri ino ndwi iheze n,ishirahamwe mpuzamakungu onu.Umushingwamanza Armel n,iyongere arongoye ishirahamwe Acat Burundi aratahura iyo ngingo kuko umurwi CNIDH wamye ufata minenerwe ihonyangwa ryagateka ka zina muntu mu BURUNDI.Armel Niyongero akavuga ko iryo kurwa kurutonde ry,umurwi cnid rizotuma uyo murwi uduasubira gutumirwa mumanama ajanye n,ivyagateka ka zina muntu.